Hoseya 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imana isezeranira umugisha abihannye 1 Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe. 2 Mujane amajambo yo kwisaba mugaruke k’Uhoraho; mumwinginge, muti N’uduharire ibigabitanyo vyose, uduhangaze: muti Mu gishingo c’amapfizi tuzogushikanira ibimazi vy’iminwa yacu. 3 Mut’ Abashuri si bo bazodukiza; muti Ntituzosimbira ku mafarasi; muti Kandi nta ho tuzokwongera kubarira ivyakozwe n’intoke zacu, ngo Mur’ imana zacu; muti Kuko kuri wewe ari ho impfuvyi zigirirwa imbabazi. 4 Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko. 5 Isirayeli nzomubera nk’ ikime, na we azoshurika nk’ikirungu, ashōre imizi nk’ibiti vy’i Lebanoni. 6 Amashami yiwe azogasara, ubgiza bgiwe buse n’igiti c’umwelayo, n’ugutāmirana kwiwe kumere nk’ibiti vy’i Lebanoni. 7 Ababa mu gitūtu ciwe bazogaruka; bazobaduka nk’ingano, bashurike nk’umuzabibu: ugutāmirana kwabo kuzomera nka vino y’i Lebanoni. 8 Efurayimu azovuga, ati Turacahūriye hehe n’ibigirwamana? Naramwishuye, kandi nzomushirak’ umutima. Mmeze nk’igiti c’akajwari gitotahaye: imbuto zawe ni jewe zandurukako. 9 Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi