Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Hoseya 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uko Efurayimu na Yuda bazohanwa

1 Efurayimu atunzwe n’umuyaga, kand’ akurikira umuyaga uva i burasirazuba: ntahengeshanya kugwiza ibinyoma n’ubugunge. Basezerana isezerano n’abo muri Ashuri, maz’ amavuta agahonera muri Egiputa.

2 Uhoraho afise imibūrano no kuri Yuda, kand’ azohana Yakobo ibihwanye n’ingeso ziwe; azomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ivyo yakoze.

3 Yafashe igitsintsiri ca mukuru we bakiva mu nda ya nyina; kand’ amaze gukura yahotoranye n’Imana:

4 mbere yahotoranye n’umumarayika, aramunesha; ararira, aramwinginga; i Beteli ni ho yayīboneye, kand’ aho ni ho yavuganiye na we,

5 Uhoraho Imana Nyen’ ingabo, Uhoraho ni ryo zina ryiwe.

6 Nuko rero, hindukirira Imana yawe: gumya imbabazi n’ibiroranye, kandi wame urorēra Imana yawe udahengeshanya.

7 Efurayimu n’Umunyakanani, umunzane w’ibinyoma uri mu kuboko kwiwe: akunda guhendana.

8 Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.

9 Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.

10 Navuganye n’abo navugisha, nagwije ivyo nerekanye; naciye imigani, ncishije mu bo navugisha.

11 Mbeg’ i Gileyadi ntihar’ ibigabitanyo? Eka rwose n’abatagira ikimazi! I Gilugali bacumita amapfizi kw ibimazi: mber’ ibicaniro vyabo bimeze nk’ibihongo vyo mu busīze bgo mu ndimiro.

12 Yakobo yahungiye i Padan‐Aramu, Isirayeli aca ingero umugeni, mber’ araragira kugira ngw aronke umugeni.

13 Uhoraho yadūganye Abisirayeli abakūra muri Egiputa, abakūjey’ uwavugishwa na we, kand’ uwavugishwa na we ni we yabazigama.

14 Efurayimu yarakije Uhoraho bikomeye, ni co gituma amaraso yiwe ari we azokora, kand’ Umwami wiwe azomusubiriza mu nkōko umuvumo yavumanye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan