Hoseya 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ukw Imana yakomeje gukunda Abisirayeli, naho bāyivako 1 Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa. 2 Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe. 3 Ariko ni jewe nigishije Abefurayimu gutambuka; nabashize mu kwāha; ariko ntibamenye kw ari jewe nabakijije. 4 Nabakwegesheje imigozi y’umuntu, imigozi y’ibitsibo vy’urukundo; kandi nabamereye nk’ababakūra ingōgo mu mibangabanga yabo, nterekeranya ivyo kurya imbere yabo. 5 Ntibazosubira mu gihugu ca Egiputa, yamar’ Umwashuri ni we azoba umwami wabo, kuko banse kungarukako. 6 Inkota izogwa ku bisagara vyabo, izohimbagura imyugariro yabo, iyiherengeteze, bazize imigabo yabo. 7 Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru. 8 Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe. 9 Sinzogenza nk’uk’ uburake bganje bg’inkazi buri, sinzohindukiranwa no kugeseza Efurayimu: kuko jewe nd’Imana, ntar’ umuntu; nd’ Uwera ari hagati muri wewe: sinzoza ndi n’uburake. 10 Bazogenda bankurikira jewe Uhoraho, nivuga nk’intambge: mbere nzokwivuga, maz’ abana bazoza bahinda agashitsi, bavuye i burengerazuba. 11 Bazoza bavuye muri Egiputa bahinda agashitsi nk’inyoni, no muri Ashuri bameze nk’inuma, kandi nzobabesha mu mazu yabo, ni k’Uhoraho agize. 12 Efurayimu ankikije ibinyoma, n’ab’ inzu ya Isirayeli bankikije ubugunge; ariko Yuda we aracatwarira Imana, aracar’ umwizigirwa k’Uwera. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi