Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Hoseya 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ umugore wa Hoseya

1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Hoseya mwene Beyeri, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, hāri no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli.

2 Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.

3 Nukw aragenda, yābīra Gomeri mwene Dibulayimu; asama inda, avyara umuhungu.

4 Maz’ Uhoraho aramubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Yezireli; kuko hasigaye igihe gito ngahōra ab’ inzu ya Yehu amaraso yaviriye i Yezireli, kandi nzohenebereza ingoma y’inzu ya Isirayeli.

5 Maze kur’ uwo musi nzovunagurira umuheto wa Isirayeli mu kiyaya c’i Yezireli.

6 Nukw arongera asama inda, avyara umukobga. Uhoraho yongera kumubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Ntambabazi, kuko ntazosubira kugirira imbabazi inzu ya Isirayeli, ngo ndabaharire na gatoya.

7 Ariko nzogirira ikigongwe inzu ya Yuda, mbakize jewe Uhoraho Imana yabo; kandi sinzobakirisha umuheto, cank’ inkota, cank’ intambara, cank’ amafarasi, cank’ abayagenderako.

8 Nukw acukije Ntambabazi, arongera asama inda, avyara umuhungu.

9 Uhoraho aravuga, at’ Izina ryiwe n’umwite Sabantubanje: kuko mutar’ abantu banje, nanje sinzoba Imana yanyu.

10 Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.

11 Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bazokoranira hamwe, bitoranirize segaba umwe, badūge bave mu gihugu; kuk’ uwo musi w’i Yezireli uzoba uhambaye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan