Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Guharūra 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abisirayeli barīra ivya Pasika mu bugaragwa

1 Mu kwezi kwa mbere, mu mwaka ugira kabiri bavuye mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho abaririra Mose mu bugaragwa bg’i Sinayi,

2 at’ Abisirayeli bakwiye kurya ivya Pasika mu gihe cayo cashinzwe.

3 Ku musi w’icumi na kane w’uku kwezi nyene ku mugoroba, az’ abe ari ho mubirya, nk’ukw igihe cayo cashinzwe: mubirye nk’ukw amabgirizwa yayo yose n’imigenzo yayo yose bimeze.

4 Mose araheza abarira Abisirayeli yuko bakwiye kuzorya ivya Pasika.

5 Nuko mur’ ukwo kwezi kwa mbere, ku musi wakwo ugira icumi na kane, ku mugoroba, barabirya, bari mu bugaragwa bg’i Sinayi: nukw Abisirayeli bakora vyose nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Ivyagezwe vyo kuri Pasika ku bahumanye

6 Maze hār’ abagabo bahumanijwe n’umuvyimba w’umuntu, bituma badashobora kurya ivya Pasika kur’ uwo musi. Baza imbere ya Mose na Aroni kur’ uwo musi nyene,

7 baramubarira, bati Turahumanye kubg’ umuvyimba w’umuntu: none n’iki cotuma dukūrwamwo, ngo ntidutange ikimazi c’Uhoraho mu gihe caco cashinzwe, hamwe n’Abisirayeli bandi?

8 Mose arabishura, ati Banza muhagarare, numve ico Uhoraho aribushinge ku vyanyu.

9 Uhoraho abarira Mose,

10 ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu muri mwebge canke wo mu ruvyaro rwanyu ruzokwaruka hanyuma, ahumanywa n’umuvyimba, cank’ ari mu rugendo rwa kure, na ho nyene ntaz’ abure kurya ivya Pasika yanje, jewe Uhoraho:

11 baze babirye mu kwezi kwa kabiri, ku musi wakwo ugira icumi na kane nyene, ku mugoroba; inyama baze bazikoze imitsima itambiwe n’imboga zirura;

12 ntibaze bagire izo basiga ngo zirāre, kandi ntibaze bavune igufa na rimwe ryazo: nk’ukw amabgirizwa yose ya Pasika ameze, az’ abe ari ko babirya.

13 Arik’ umuntu adahumanye, kandi ntabe mu rugendo, akareka kurya ku vya Pasika, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo. Icaha c’uwo muntu kizomusubirako kukw atātanze ikimazi canje mu gihe caco cashinzwe.

14 Umunyamahanga ni yaza kuba muri mwebge, akagomba kuja mu vya Pasika yanje, jewe Uhoraho, az’ agenze nk’ukw ibgirizwa ry’ ivya Pasika rimeze, bo n’imigenzo yayo: muze mugire ibgirizwa rimwe ku munyamahanga no ku mvukira.


Inkingi y’igicu

15 Ku musi rya hema ryashinzweko, ca gicu kiraza, kiraripfuka, ari ryo hema ry’Ibishinga intahe: maz’ uhereye ku mugoroba ugashitsa mu gitondo caba kur’ iryo hema gisa n’umuriro.

16 Uko ni ko vyagenda biba imisi yose: ico gicu cama kiripfutse, mw ijoro kigasa n’umuriro.

17 Kand’ ico gicu iyo kidūze kivuye kur’ iryo hema, Abisirayeli ni ho bābona kugenda; kand’ ahantu cahagarara, ni ho bāsagaza.

18 Icagezwe c’Uhoraho ni co cahagurutsa Abisirayeli, kandi ni co cabaha gusagaza; igihe cose ico gicu cāmara kur’ iryo hema, na bo bāguma aho bashagaje.

19 Iy’ ico gicu kigumye kw ihema kumara imisi myinshi, Abisirayeli na bo bitondera ico Uhoraho yabihanikirije, ntibagende.

20 Rimwe na rimwe ico gicu cāmara imisi mike kur’ iryo hema, icagezwe c’Uhoraho kikaba ari co kibagumiza aho bashagaje, hanyuma kikaba ari co kibahagurutsa.

21 Ahandi carigumak’ uhereye ku mugoroba, ugashitsa mu gitondo; cadūga mu gitondo kivuye kuri ryo, bagafata urugendo. Cank’ iyo kirigumyek’ umurango n’ijoro, cadūga bakabona kugenda.

22 Naho yaba imisi ibiri, cank’ ukwezi, canke kurengaho, ico gicu uko caguma kur’ iryo hema ni kw Abisirayeli baguma aho bashagaje, ntibagende: maz’ iyo kidūze bakabona kugenda.

23 Icagezwe c’ Uhoraho ni co cabaha gusagaza, kandi ni co cabahagurutsa; bitondera ico Uhoraho yabihanikirije, nk’uko yatumye Mose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan