Guharūra 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivyagezwe vyo ku Banaziri 1 Uhoraho abarira Mose, 2 ati Barira Abisirayeli, ut’ Umugabo cank’ umugore ni yasezerana isezerano ry’ubunaziri, ngw anyiyegurire jewe Uhoraho; 3 aze yitandukanye na vino n’ibiboreza bindi; ntaz’ asome no ku nkarisha ya vino canke ku nkarisha y’ikiboreza kindi, canke ngw asome ku mazi y’inzabibu, canke ngw arye inzabibu mbisi canke zumye. 4 Mu misi yose y’ubunaziri bgiwe ntaz’ arye ikintu na kimwe kiva ku muzabibu, naho koba akabuto cank’ agashishwa. 5 Mu misi yose y’isezerano ryiwe ry’ubunaziri ntihaze hagire urupfuhe rugera ku mutwe wiwe: az’ abe uwera gushitsa ah’ imisi yo kunyiyegurira jewe Uhoraho izoshirira; az’ areke umushatsi wiwe utendere. 6 Imisi yose yo kunyiyegurira kwiwe ntaze yēgēre umuvyimba. 7 Ivyo ntaz’ avyiyandurishe, naho yoba ari se canke nyina, canke mukuru we canke murumuna we canke mushiki we bapfuye, kukw ikimenyetso co kunyiyegurira jewe Imana kiri ku mutwe wiwe. 8 Imisi yose y’ubunaziri bgiwe az’ abe uwera kuri jewe Uhoraho. 9 Kandi ni hagira umuntu agwa bukumbi i ruhande yiwe, akanduza umutwe w’ubunaziri bgiwe, ku musi wo guhumanurwa kwiwe aze yimoshe: ku musi ugira indwi az’ abe ari ho yimosha. 10 Maze ku w’umunani az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi; 11 maz’ umuherezi atange kimwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi agitange kw ikimazi co kwoswa, amutangire impongano y’icaha yazaniwe n’uwo muvyimba, yēze umutwe wiwe kur’ uwo musi. 12 Aze yongere anyiyegurire jewe Uhoraho imisi y’ubunaziri bgiwe, azane isuguru y’intama itarengeje umwaka kw ikimazi c’impongano; arikw imisi yiwe ya mbere izoba yapfuye ubusa, kuk’ ubunaziri bgiwe bgahumanye. 13 Iki ni co cagezwe co ku Munaziri, igihe arangije imisi y’ubunaziri bgiwe: az’ azanwe ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, 14 anzanire ishikanwa ryiwe, jewe Uhoraho: azane isuguru imwe y’intama itarengeje umwaka, itagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa, bo n’ishashi imwe y’ intama itarengeje umwaka nyene, itagira agasembga, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama imwe itagira agasembga kw ikimazi c’ishimwe, 15 n’indumane irimw’ imitsima itambiwe; udutsima twacumbge mw ifu igogōretse, twacumbanywe n’amavuta ya elayo, n’utundi dutsima tutambiwe nyene, tubēhūye, twasutswekw amavuta, bo n’amashikanwa bigendanye, iry’ ifu n’iry’ ibiturire. 16 Umuherezi abizane imbere yanje, jewe Uhoraho, aheze amutangire ikimazi ciwe co gutangirwa ivyaha, n’ikimazi ciwe co kwoswa; 17 atange na ya mpfizi y’intama kw ikimazi anshikaniye c’ishimwe, ayishikanane na za ndumane z’imitsima itambiwe; kand’ uwo muherezi ashikanane na vyo amashikanwa bigendanye, iry’ ifu n’iry’ ibiturire. 18 Maz’ uwo Munaziri yimoshereze umushatsi wiwe w’ubunaziri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, aheze yābīre uwo mushatsi wo ku mutwe wiwe w’ubunaziri, awushire mu muriro uriko ca kimazi c’ishimwe. 19 Maz’ umuherezi yābīre igikenye c’ukuboko kwa ya mpfizi y’intama gutetse, n’agatsima kamwe katambiwe akūye muri za ndumane, n’akandi gatsima kamwe kabēhūye, katambiwe nyene, abishire ku mashi y’uwo Munaziri, amaze kwimosha ubunaziri bgiwe. 20 Umuherezi abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje, jewe Uhoraho; ivyo n’ivyera bizotwara umuherezi, hamwe na ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi nyene. Ivyo birangiye, uwo Munaziri abone kunywa vino. 21 Ico ni co cagezwe co ku Munaziri yasezeranye isezerano, n’ic’ ishikanwa ryiwe anshikanira ryo kubg’ ubunaziri bgiwe, udashizemw’ ico azotanga nk’ukw ashoboye. Isezerano yasezeranye arishitse, nk’ukw icagezwe c’ubunaziri bgiwe kivuga. Umuhezagiro abaherezi bāhezagira Abisirayeli 22 Uhoraho abarira Mose, 23 ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Uku abe ari ko muzohezagira Abisirayeli: muze muvuge, 24 mut’ Uhoraho aguhe umugisha, akuzigame; 25 Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe, akugirire neza; 26 Uhoraho akurābe neza, aguhe amahoro. 27 Ukw abe ari ko bashira izina ryanje ku Bisirayeli; nanje nzobaha umugisha. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi