Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Guharūra 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ibikorwa vy’Abalewi uko bishinzwe

1 Uhoraho abarira Mose na Aroni,

2 ati Muharūre igitigiri c’aba Kohati, mubarobanuye mu Balewi bandi; mubaharūre nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari;

3 muhēre ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, mugarukire ku bamaze mirongwitanu, bose abashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.

4 Kand’ ibi ni vyo bikorwa aba Kohati bazokora mur’ iryo hema ry’ibonaniro no mu vyera cane.

5 Iyo hageze guhaguruka ngo mugende, Aroni yinjirane n’abana biwe, bamanure igihuzu gikingīra Ahēra cane, bagitwikirize isandugu y’Ibishinga intahe;

6 baheze barenzekw ico kubitwikira co mu nsāto z’ibikōko vyitwa tahashi, hejuru baharenze impuzu y’ibara ry’isufe gusa; binjize n’iminiho kur’ iyo sandugu.

7 Kand’ ameza y’imitsima y’ibiterekērwa bayarenzekw impuzu y’isufe, bagereke hejuru amasahani n’udukombe n’amakarabo n’amabakure yo gusukisha ibiturire ku gicaniro; na ya mitsima y’intahava na yo igerekweko;

8 baheze babirenzekw impuzu isa n’agahama, na yo bayorosekw ico kuyitwikira co mu nsāto za tahashi nyene; binjize n’iminiho kur’ ayo meza.

9 Baheze bābīre impuzu y’isufe, bayitwikirize igitereko c’ amatara, bo n’amatara yaco, n’ imakasi zaco zo gutunganya urutambi, n’udusahani two gushirwak’ umunyota warwo, n’ibikoreshwa amavuta vyose vyo ku ruhande rwaco,

10 bagitēkerane n’ibintu vyaco vyose mu co kubitwikira co mu nsāto za tahashi, baheze babishire ku miniho.

11 Kand’ igicaniro c’izahabu bakirenzekw impuzu y’isufe, na yo bayorosekw ico kuyitwikira co mu nsāto za tahashi; binjize n’iminiho kur’ ico gicaniro.

12 Kandi bābīre imbombovu yose y’ibikoreshwa, n’ivyo bakoreshereza Ahēra, babitēkere mu mpuzu y’isufe, na yo bayorosekw ico kuyitwikira co mu nsāto za tahashi, baheze babishire ku miniho.

13 Bayore umunyota ku gicaniro, baheze bakirenzekw impuzu y’ishigisha,

14 bagereke hejuru ibintu vyaco vyose bakoresha ibikorwa vyaco, ar’ ivyo kurahuza, ar’ ivyo kwōkōza inyama, ar’ ivyo kuyoza umunyota, ar’ imibehe, mber’ imbombovu yose y’ico gicaniro; baheze bongere bakirenzekw ico kugitwikira co mu nsāto za tahashi, binjize n’iminiho kuri co.

15 Maze Aroni n’abana biwe ni baheza gutwikira ivy’ Ahēra n’ibintu vyaho vyose, igihe hageze guhaguruka ngo mugende, hanyuma aba Kohati babone kuza kubirerura; ariko ntibaze bakore ku vyēra, kuko bopfa. Ivyo ni vyo aba Kohati bagerewe kurerura vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.

16 Kand’ ivyo Eleyazari mwene Aroni umuherezi ajējwe bize bibe amavuta y’amatara, n’imibavu itamirana, n’ishikanwa ry’intahava ry’ifu, n’amavuta yo kurobanuza abahabga ibango, atekw azēzwe n’iryo hema iyo riva rikagera, n’ibiri muri ryo vyose, Ahēra, n’ibintu vyaho.

17 Uhoraho abarira Mose na Aroni,

18 at’ Ubgoko bg’aba Kohati, ukw imiryango yabgo iri, ntimukaburanduze ngo bukūrwe mu Balewi;

19 ariko muze mwame mubagirira murtya, kugira ngo babeho ntibapfe, igihe bazokwēgēra ivyēra cane: Aroni n’abana biwe binjire, babagerere umuntu wese igikorwa ciwe n’umutwaro wiwe.

20 Ariko bo ntibakinjire ngo bītegereze ivyēra, ntibakabikubite n’ijisho, kuko bopfa.

21 Uhoraho abarira Mose,

22 ati Harūra igitigiri c’aba Gerushoni na bo, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, nk’ukw imiryango yabo iri;

23 ubaharūre uhereye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ugarukire ku bamaze mirongwitanu, bose abashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.

24 Kand’ ibi ni vyo bikorwa ab’ imiryango y’aba Gerushoni bazokora, bo n’ivyo bazorerura:

25 baze barerure impuzu zirōngōranijwe z’ihema ry’imbere, n’ ihema ry’ibonaniro, n’ico kurenza hejuru yaryo, n’ikindi gikozwe mu nsāto za tahashi co kurenza hejuru ya vyose; n’igihuzu co gukinga ku muryango w’iryo hema;

26 n’ impuzu zo kubamba ngo zibe urugo, n’igihuzu co gukinga mw irembo ry’urwo rugo rukīkūza ihema n’igicaniro, n’imigozi yavyo, n’ibikoreshwa vyavyo vyose; ibikorwa vyo ku ruhande rw’ivyo vyose babe ari bo babikora.

27 Aroni n’abana biwe babe ari bo bagera aba Gerushoni mu bikorwa vyabo vyose, ari mu vyo barerura vyose, ari mu bindi bakora vyose: mubagerere ivyo barerura vyose, mubibazēze.

28 Ivyo abe ari vyo biba ibikorwa vy’imiryango y’aba Gerushoni vyo mu vy’ihema ry’ ibonaniro; kand’ ibikorwa bajējwe baze babirābirwe na Itamari mwene Aroni umuherezi.

29 Ku vy’aba Merari na bo, ubaharūre nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari;

30 ubaharūre uhereye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ugarukire ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.

31 Ibi abe ari vyo bazēzwa kurerura, abe ari vyo biba ibikorwa vyabo vyose vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro: imbaho z’ihema ry’imbere, n’ibiti vyo gusobeka muri zo, n’inkingi zaryo, n’ibitereko vyo kuzinegamwo;

32 n’ibirimbi vy’urugo rwo kurikīkūza, n’ibitereko vyavyo vyo kubinegamwo, n’imambo zavyo n’imigozi yavyo, bo n’ibintu vyaryo vyose vy’imbombovu, n’ ibikoreshwa vyaryo vyose: mubagerere ivyo barerura, mubibazēze, mubidonze mu mazina yavyo.

33 Ivyo abe ari vyo biba ibikorwa vy’imiryango y’aba Merari, ibikorwa vyabo vyose vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro; baze babirābirwe na Itamari mwene Aroni umuherezi.


Baharūra mu Balewi abo gukora ivyo bikorwa

34 Nuko Mose na Aroni na ba bakuru b’ikoraniro baharūra aba Kohati, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari,

35 bahēreye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, bagarukira ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ ihema ry’ibonaniro.

36 Abāharūwe bo muri bo, nk’ukw imiryango yabo iri, baba ibihumbi bibiri n’amajana ndwi na mirongwitanu.

37 Abo ni bo bāharūwe bo mu miryango y’aba Kohati, bose abākora ivyo mw ihema ry’ibonaniro, abo Mose na Aroni bāharūye, nk’uk’ Uhoraho yabigeze atumye Mose.

38 Kand’ abāharūwe bo mu ba Gerushoni, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari,

39 uhēreye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ukagarukira ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro,

40 bār’ ibihumbi bibiri n’amajana atandatu na mirongwitatu, bāharūwe nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari.

41 Abo ni bo bāharūwe bo mu miryango y’aba Gerushoni, bose abākora ivyo mw ihema ry’ibonaniro, abo Mose na Aroni bāharūye, nk’uk’ Uhoraho yabigeze.

42 Kand’ abāharūwe bo mu miryango y’aba Merari, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari,

43 uhēreye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ukagarukira ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro,

44 bār’ ibihumbi bitatu n’amajana abiri, bāharūwe nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari.

45 Abo ni bo bāharūwe bo mu miryango y’aba Merari, abo Mose na Aroni bāharūye, nk’uk’ Uhoraho yabigeze, atumye Mose.

46 Nukw abāharūwe bose na bose bo mu Balewi, abo Mose na Aroni n’abakuru b’Abisirayeli bāharūye, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari,

47 uhereye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ukagarukira ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro, no kurerura ivyaryo,

48 abāharūwe bo muri bo baba ibihumbi munani n’amajana atanu na mirongumunani.

49 Nk’uk’ Uhoraho yabigeze, ni ko Mose yabaharūje, umuntu wese nk’ukw igikorwa ciwe kiri, nk’ukw ivy’ akwiye kwikorera biri: uko ni ko Mose yabaharūye, nk’uk’ Uhoraho yamugeze.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan