Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Guharūra 34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivyo kugabanganya igihugu c’i Kanani

1 Uhoraho abarira Mose,

2 ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwashika mu gihugu c’i Kanani, ari co gihugu muzohabga kw ishamvu iyo kiva kikagera,

3 urubibe rw’aho muzogeza ku ruhande rw’i bumanuko ruze ruhēre mu bugaragwa bg’i Zini, rugende rubangikanye n’igihugu ca Edomu. Urwo rubibe rwanyu rw’i bumanuko ruze ruhēre kw iherezo ry’ Ikiyaga c’Umunyu ahahera i burasirazuba;

4 ruheze rukebanuke, ruce hirya y’umudūgo w’i Akurabimu ahahera i bumanuko, rugende rushike i Zini, rugarukire hirya y’i Kadeshi‐baruneya ahahera i bumanuko nyene; ruheze rugende rushike i Hasaradari, rukomeze rushike muri Asimoni:

5 ruvuye muri Asimoni, rukebanuke, rushike ku mugezi wa Egiputa, rugarukire ku Kiyaga Kinini.

6 Urubibe rw’i burengerazuba ruze rube ico Kiyaga Kinini nyene: kuri co az’ abe ari ho mugarukira; ico kize kibe urubibe rwanyu ahahera i burengerazuba.

7 Urubibe rwanyu rw’i burārūko ruze rube uru: muhēreye ku Kiyaga Kinini murucishe ku musozi Hori;

8 muhēreye ku musozi Hori murucishe ahafata i Hamati, rugarukire i Sedadi;

9 ruheze rugende rushike i Zifuroni, rugarukire i Hasar‐enani: urwo ruze rube urubibe rwanyu rw’i burārūko.

10 Urubibe rwanyu rw’i burasirazuba, muhēreye i Hasar‐enani nyene muze murucishe i Shefamu;

11 ruvudutse i Shefamu, rumanuke, rushike i Ribula, hirya ya Ayini ahahera i burasirazuba; ruheze rumanuke rujane inkōkoro y’ikiyaga Kinereti ihera i burasirazuba;

12 rumanuke rujane Yorodani, rugarukire ku Kiyaga c’ Umunyu. Ico ni co kizoba igihugu canyu, ukw imbibe zaco zigikīkūje impande zose.

13 Mose abishikiriza Abisirayeli, at’ Ico ni co gihugu muzohabga kw ishamvu, mukigabanganijwe n’ ubupfindo, ico Uhoraho yageze ko gihabga imiryango cenda n’igihimba;

14 kuk’ umuryango w’ Abareyubeni, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, n’uw’ Abagadi, nk’ ukw amazu ya ba sekuruza ari, n’igihimba gisigaye c’umuryango w’Abamanase, bamaze guhabga amashamvu yabo.

15 Iyo miryango, ukw ar’ ibiri n’igihimba, bamaze guhabga amashamvu yabo hakuno ya Yorodani aharābana n’i Yeriko, ku ruhande rw’i burasirazuba.

16 Uhoraho abarira Mose,

17 at’ Aya ni yo mazina y’abantu bazobagabanganya igihugu kw amashamvu: Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni.

18 Muze mukūre umukuru umwe‐umwe mu muryango wose, kugira ngo bagabanganye igihugu kw amashamvu.

19 Aya ni yo mazina y’abo bantu: mu muryango w’Abayuda ni Kalebu mwene Yefune;

20 mu muryango w’Abasimeyoni ni Shemuweli mwene Amihudi;

21 mu muryango w’Ababenyamini ni Elidadi mwene Kisiloni;

22 mu muryango w’Abadani umukuru az’ abe Buki mwene Yogili;

23 mu Bayosefu baze babe aba: mu muryango w’ Abamanase umukuru az’ abe Haniyeli mwene Efodi;

24 mu muryango w’Abefurayimu umukuru az’ abe Kemuweli mwene Shifutani;

25 mu muryango w’Abazebuloni umukuru az’ abe Elisafani mwene Parunaki;

26 mu muryango w’ Abisakari umukuru az’ abe Palutiyeli mwene Azani;

27 mu muryango w’Abasheri umukuru az’ abe Ahihudi mwene Shelomi;

28 mu muryango w’Abanafutali umukuru az’ abe Pedaheli mwene Amihudi.

29 Abo ni bo Uhoraho yageze kugabanganya Abisirayeli amashamvu yabo mu gihugu c’i Kanani.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan