Guharūra 22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Balaki yinginga Balamu ngw amuvumire Abisirayeli 1 Abisirayeli barahaguruka, basagaza mu kiyaya c’i Mowabu, hakuno ya Yorodani, aharābana n’i Yeriko. 2 Balaki mwene Sipori abona ivyo Abisirayeli bāgiriye Abamori vyose. 3 Abanyamowabu bacibga ivutu n’iryo hanga, kubg’ ubginshi bgabo; barandurwa imitima n’ Abisirayeli. 4 Abanyamowabu babarira abakuru b’i Midiyani, bat’ Erega ririya sinzi ry’abantu rigiye gukombotoza ibiri hirya no hino yacu vyose, nk’ukw inka zikombotoza ubgatsi bgo ku musozi. Kand’ uyo Balaki mwene Sipori ni we yari ku ngoma i Mowabu mur’ ico gihe. 5 Atuma intumwa kuri Balamu mwene Beyori, i Petori hafi y’uruzi Efurate, mu gihugu c’i wabo, ngo zimuhamagare, zimubgire, ziti Ngo Haje abantu bavuye muri Egiputa, bajimagije igihugu cose, ngo None bahanganye na we. 6 None ngw Arakwinginze, n’uze umuvumire abo bantu; ngo Kuko bahambaye, atobīhanga. Ngo Kumbure yobanesha, akabatsinda, akabirukana mu gihugu: ngo Kukw azi yuk’ uwo uhezagiye aba ahezagiwe, kand’ uwo uvumye aba avumwe. 7 Abakuru b’i Mowabu n’ab’i Midiyani bakora ingemu baragenda, baja kwa Balamu, bamubarira amajambo ya Balaki. 8 Arababarira, ati Ni murāre hano iri joro, nanje nzobishura ijambo, nk’uk’ Uhoraho aribumbarire. Nukw abo bamenyekana b’i Mowabu barāra kwa Balamu. 9 Imana iza kuri Balamu, iramubaza, it’ Abo bantu muri kumwe n’aba hehe? 10 Balamu yishura Imana, ati Balaki mwene Sipori, umwami w’i Mowabu, yantumyeko, 11 ngo Har’ abantu bavuye muri Egiputa, bajimagije igihugu; ngo None ni ngende ndabamuvumire; ngo Kumbure yoshobora kubarwanya, akabirukana. 12 Imana yishura Balamu, iti Ntuz’ ujane na bo, kandi ntuz’ uvume abo bantu, kukw ar’ abāhezagiwe. 13 Bukeye Balamu aravyuka, abarira abo bamenyekana ba Balaki, ati Ni mwīgīre, mwisubirire i wanyu, kuk’ Uhoraho yanse kunyemerera ko tujana. 14 Abo bamenyekana b’i Mowabu barahaguruka, basubira kwa Balaki, bati Balamu yanse ko tuzanana. 15 Balaki yongera gutuma abandi bamenyekana, barusha abo ubginshi, babarusha n’icubahiro. 16 Baja kwa Balamu, baramubgira, bati Balaki mwene Sipori ngo Ntihagire ikintu kikubuza kuza kumwitaba; 17 ngo Kukw azoguha icubahiro cinshi, kandi ngw Ico uzogomba cose ni co azogukorera: none ngo N’uze, arakwinginze, umuvumire abo bantu. 18 Balamu yishura abo bantu ba Balaki, ati Balaki naho yompa ifeza n’izahabu vyuzuye inzu yiwe, sinoshobora gukora ikinyurana n’ijambo ry’Uhoraho Imana yanje, ari gito cank’ ari kinini. 19 Nuko namwe, enda ni murāre hano iri joro, ndābe ico Uhoraho yongera kumbarira. 20 Imana iza kuri Balamu iryo joro, iramubarira, it’ Abo bantu asangwa baje kuguhamagara, pfa kuva hasi, ujane na bo; mugabo, ico nzokubarira cose, az’ abe ari co ukora gusa. Ivy’ indogoba ya Balamu 21 Bukeye Balamu aravyuka, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, ajana na ba bamenyekana b’i Mowabu. 22 Uburake bg’Imana buraziriringa kukw agiye: umumarayika w’Uhoraho ahagarara mu nzira ngw amutāngīre. Kandi yari ku ndogoba yiwe, abashumba biwe babiri bari kumwe na we. 23 Maz’ iyo ndogoba ibona uwo mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu nzira, yāsokōye inkota, ica irakevya, iva mu nzira, ica mu vyatsi. Balamu arayikubita ngw ayisubize mu nzira. 24 Maz’ uwo mumarayika w’Uhoraho aragenda ahagarara mu murombero uca hagati y’imirima y’imizabibu, urombeye impande zompi. 25 Iyo ndogoba ibonye uwo mumarayika w’Uhoraho, yiyagiriza ku murombero, iwuhomberanirizakw ikirenge ca Balamu: arongera arayikubita. 26 Maz’ uwo mumarayika w’Uhoraho yīgirayo, ahagarara mu mbombane, hatagira akanya ko gukebereza i buryo cank’ i bumoso. 27 Iyo ndogoba ibonye uwo mumarayika w’Uhoraho, ica iryama Balamu akiri kuri yo: uburake bga Balamu buraziriringa, ayikubita inkoni. 28 Maz’ Uhoraho abumbura akanwa k’iyo ndogoba, ibaza Balamu, it’ Umpoye iki, kunkubita ibihetangabo gatatu kose? 29 Balamu arayishura, ati N’uk’ urik’ uramfyinako. Iyo mba mfise inkota mu ntoke, mba nkwishe aka kanya! 30 Iyo ndogoba ibaza Balamu, iti Sind’ indogoba yawe, wama ugenderako gushitsa uyu musi? Har’ aho nigeze kukugirira nk’ibi? Arahakana, at’ Oya. 31 Maz’ Uhoraho ahumūra amaso ya Balamu, abona uwo mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu nzira, yāsokōye inkota: aca ajondamika umutwe, arapfukama arūnama. 32 Umumarayika w’ Uhoraho aramubaza, at’ Ukubitiye iki iyo ndogoba yawe gatatu kose? Rāba nzanywe no kugutāngīra, kuk’ uhurūdukiye mu binyuranye n’ivyo ngomba. 33 Indogoba yambonye, ikebereza imbere yanje ibihetangabo gatatu: iy’ idakebereza imbere yanje, simba nabuze kukwica, na yo nkayireka. 34 Balamu yishura uwo mumarayika w’Uhoraho, ati Nkoze icaha, kuko ntamenye kw ari wewe uhagaze mu nzira ng’ untāngīre; none rero, asangwa bikubabaje, reka nsubire inyuma. 35 Uwo mumarayika w’Uhoraho yishura Balamu, ati Pfa kujana n’abo bantu; mugabo, ijambo ryose nzokubarira az’ abe ari ryo uvuga. Nuko Balamu akomeza kujana na ba bamenyekana ba Balaki. 36 Maze Balaki yumvise ko Balamu aje, aja kumusanganirira mu gisagara c’i Mowabu, giherereye ku ruzi Arunoni, ni rwo rugabano rw’igihugu ciwe, aho kigarukira. 37 Balaki abaza Balamu, ati Mbega sinaguhamagaranye agakuba? none n’iki cakubujije kunyitaba? ugira ngo sinshobora kuguha icubahiro? 38 Balamu yishura Balaki, ati Rāba, noneho ndaje: yamara jewe ugira ngo har’ ico nshobora kuvuga ku ruhande rwanje? Ijambo Imana izonshira mu kanwa ni ryo nzovuga. 39 Nuko Balamu ajana na Balaki, baja i Kiriyati‐husoti. 40 Balaki atanga inka n’intama kw ibimazi, abicīrako Balamu na ba bamenyekana bari kumwe na we. 41 Bukeye Balaki ajana Balamu, amudūgana i Bamoti‐Bayali, ah’ ashobora kubona uruhande rumwe rw’Abisirayeli aho bagarukira. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi