Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Guharūra 15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivyagezwe vyo ku mashikanwa

1 Uhoraho abarira Mose,

2 ati Barira Abisirayeli yuko, ni bamara gushika mu gihugu bagiye kubamwo, mbahaye,

3 bakagomba kumpa ibimazi, jewe Uhoraho, vyo gutōngōrwa n’umuriro bakūye mu masho canke mu mikuku, ar’ ivyo kwoswa, ar’ ivyo gushitsa isezerano, ar’ ivyo batanze bavyigombeye, cank’ ar’ ivyo ku misi mikuru yanyu yashinzwe, ngo bibe umubabge ummotera neza jewe Uhoraho,

4 umuntu azanye ikimazi ciwe az’ anshikanire n’ ishikanwa ry’ifu igogōretse y’ikigiracumi c’ingero yitwa efa, ivanzwe n’amavuta ya elayo y’ikigirakane c’ingero yitwa hini.

5 Kand’ az’ atange na vino y’ikigirakane ca hini nyene, kw ishikanwa ry’ibiturire; ivyo bize bihore bitanganwa n’umwagazi w’intama wose, iy’ uje kw ikimazi co kwoswa canke co gutangwa mu bundi buryo.

6 Kandi ni yaba impfizi y’intama, muze muyitangane n’ ibigiracumi bibiri vy’ifu igogōretse vy’iyo ngero ya efa, ivanzwe n’amavuta ya elayo y’ikigiragatatu c’iyo ngero ya hini;

7 kandi muze mutange na vino y’ikigiragatatu ca hini nyene, kw ishikanwa ry’ ibiturire, bibe umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho.

8 Kandi ni mwatanga ishuri kw ikimazi co kwoswa canke co gutangwa mu bundi buryo, ar’ ico gushitsa isezerano, cank’ ar’ ic’ ishimwe mpawe jewe Uhoraho,

9 nyene kuyitanga az’ ayitangane n’ibigiracumi bitatu vy’ifu igogōretse vy’iyo ngero ya efa, ivanzwe n’amavuta ya elayo atīmbānye iyo ngero ya hini,

10 kand’ az’ atange na vino itīmbānye hini nyene, kw ishikanwa ry’ibiturire, kugira ngo bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho.

11 Ukw abe ari ko bizokwama bigenda kw ishuri yose no ku mpfizi y’intama yose no kw isuguru yose y’umwagazi w’intama canke w’impene.

12 Ukw ibimazi muzotanga bingana, az’ abe ari ko muzogenza kuri kimwe‐kimwe, uko bizoba bingana kwose.

13 Ab’ imvukira bose az’ abe ari ko bagenza, iyo batanze ikimazi co gutōngōrwa n’umuriro, c’umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho.

14 Kand’ umunyamahanga ni yaza kuba muri mwebge, canke hakagira ūzoza kubana namwe mu bihe bir’ imbere, akagomba gutanga ikimazi co gutōngōrwa n’umuriro, c’umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho, uko muzogenza az’ abe ari kw agenza na we.

15 Mw ishengero ryose haze habe ibgirizwa rimwe kuri mwebge no ku munyamahanga wese ababamwo, rize ribe ibgirizwa ry’intahava uk’ urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana; uko muzoba mumeze imbere yanje, az’ abe ari k’umunyamahanga amera.

16 Muze mugire icagezwe kimwe n’ibgirizwa rimwe kuri mwebge no ku munyamahanga ababamwo.

17 Uhoraho abarira Mose,

18 ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwashika mu gihugu abajanamwo,

19 mukarya ku vyo kurya vyaho, uti Muze mumushikanire ishikanwa mumugereye.

20 Ifu yanyu y’ umushuzo isewe iheretuwe muze muyicumbemw’ umutsima wo kuba ishikanwa mumugereye: nk’ uko muhēreza ishikanwa ry’ivyo ku mbuga, az’ abe ari ko murihēreza.

21 Kw ifu yanyu y’umushuzo isewe iheretuwe, uti Muze mwame muyimushikanirako ibe iy’ agerewe, uk’ urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana.


Ibimazi vy’ivyaha bitar’ ivyitumano

22 Uti Kandi ni mwacumura, ntimwitondere ivyo vyagezwe vyose yantumye,

23 ari vyo yabageze vyose nabashikirije, uhereye umusi yabishingiye no hanyuma yaho uk’ urunganwe rwanyu rugenda rukurikirana;

24 uti Namb’ ico caha kizoba gikozwe mu buryo butar’ ubg’ ibigirankana, ishengero ritabizi, ishengero ryose rize ritange ishuri y’umukangara kw ikimazi co kwoswa, kibe umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho, bagitangane n’ishikanwa bigendanye ry’ifu, n’iry’ ibiturire, nk’uko vyashinzwe, batange n’isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.

25 Umuherezi az’ atangire impongano ishengero ryose ry’Abisirayeli, na bo bazoharirwa; kuko batābikoze ibigirankana, kandi bakazoba bazanye ikimazi cabo co gutōngōrwa n’ umuriro nshikaniwe, jewe Uhoraho, bo n’ikimazi cabo co gutangirwa ivyaha aho nyene imbere yanje, batangiye ico caha cabaguyeko.

26 Nukw ishengero ryose ry’Abisirayeli rizoharirwa, bo n’ umunyamahanga wese aba muri bo, kukw ico caha kizoba caguye ku bantu bose iyo bava bakagera.

27 Kand’ umuntu ni yakora icaha ku mutumba wiwe, mu buryo butar’ ubg’ ibigirankana, az’ atange impene ivyara itarengeje umwaka kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.

28 Uwo muntu caguyeko, umuherezi az’ amutangire impongano imbere yanje, amuhongere, na we azoharirwa.

29 Muze mugire icagezwe kimwe ku muntu icaha caguyeko, ar’ Umwisirayeli w’imvukira cank’ umunyamahanga ababamwo.

30 Arik’ umuntu ni yagira ico akora ku kagāgazo, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, azoba angaye jewe Uhoraho; uwo muntu az’ acibge mw ihanga ryabo.

31 Kukw azoba yakengereye ijambo ryanje, akarenga icagezwe canje, uwo muntu az’ acibge ruhebga, agībgeko n’ukugabitanya kwiwe.


Bica uwaziruye isabato

32 Igihe Abisirayeli bari bakiri mu bugaragwa, umuntu umwe bāmuserutseko arikw aratoragura udukwi kw isabato.

33 Abasanze azitoragura bamuzanira Mose na Aroni n’ishengero ryose.

34 Baramwugarana, kukw ivyo akwiye kugirirwa bitaribgashingwe.

35 Uhoraho abarira Mose, at’ Uyo muntu akwiye kwicwa: ishengero ryose ni rimwicishirize amabuye inyuma y’aho mushagaje.

36 Nukw ishengero ryose rimujana inyuma y’aho bashagaje, bamutēra amabuye arapfa, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Icagezwe co gutēra ubuyonga ku mpuzu

37 Uhoraho abarira Mose,

38 ati Barira Abisirayeli batēre ubuyonga ku mitwe y’impuzu zabo, baze bame bagenza bartyo uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana; kandi ku buyonga bgo mu mitwe yose baze batērekw akanyuzi k’isufe.

39 Ubgo buyonga, uko mubukubisekw ijisho, muzokwama mwibuka ivyagezwe vyanje vyose, jewe Uhoraho, muvyitondere; kugira ngo mwoye gukurikira ivyo imitima yanyu n’amaso yanyu vyifuza, ivyo mwakunda guhurumbira bikabahindura ibimaka;

40 ariko ngo mwibuke ivyagezwe vyanje vyose muvyitondere, mumbere abēra, jewe Imana yanyu.

41 Nd’ Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa ngo mbe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan