Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Guharūra 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abantu barizwa n’inkuru z’abatasi

1 Ishengero ryose riraturikisha, riraboroga; iryo joro abantu barāra bararira.

2 Abisirayeli bose bidodombera Mose na Aroni, ikoraniro ryose rirababarira, rit’ Es’ iyo tuba twaraguye mu gihugu ca Egiputa! Canke tukagwa mur’ ubu bugaragwa!

3 Mbeg’ Uhoraho atujanira iki mur’ ico gihugu, kwicirwayo n’ inkota? Abagore bacu n’ibibondo vyacu bakazoba abanyagano: non’ iciza s’uko twosubira muri Egiputa?

4 Baravugana, bat’ Enda twitoranirize uwo kutugaba, twisubirire muri Egiputa.

5 Maze Mose na Aroni bikubitira hasi imbere y’ishengero ryose ry’Abisirayeli ryari rihakoraniye.

6 Yosuwa mwene Nuni na Kalebu mwene Yefune bāri mu gitigiri c’abagiye gutata ico gihugu, bitantamurirakw impuzu zabo;

7 babarira ishengero ryose ry’ Abisirayeli, bat’ Igihugu twanyuragiyemwo tugitata, n’igihugu ciza c’agahebuza.

8 Uhoraho namba tumuhimbaye, azotujana mur’ ico gihugu, akiduhe; kandi n’igihugu gitemba amata n’ubūki.

9 Mugabo ntimugararize Uhoraho, kandi ntimutinye ben’ ico gihugu: tuzobarya bga mutsima; icābakingira cabavuyeko, ariko tweho Uhoraho ari mu ruhande rwacu: nta co mubatinya!

10 Ishengero ryose riraheza rivuga ko babicisha amabuye; maz’ ubgiza bg’Uhoraho bubonekera Abisirayeli bose buri mw ihema ry’ibonaniro.

11 Uhoraho abarira Mose, at’ Aba bantu bazogeza hehe kunkēngēra? Bazogeza hehe kutanyizera, naho nakoreye ibitangaza bingaho hagati muri bo?

12 Hinge mbarekuriremw’ ikīza, ndabarandure, nawe ndaguhindure ihanga rizobarusha ubginshi n’inkomezi.

13 Mose yishura Uhoraho, at’ Ereg’ Abanyegiputa bazovyumva, kuko wakūye aba bantu muri bo, ubakūjey’ ububasha bgawe,

14 na bo bazobibgira ben’ ico gihugu: barumvise yuko wewe, Uhoraho, uri hagati mur’ aba bantu; kuko wewe, Uhoraho, uboneka imbonankubone, n’igicu cawe kigahagarara hejuru yabo, kand’ ukaja imbere yabo uri mu nkingi y’igicu ku murango, no mu nkingi y’umuriro mw ijoro.

15 None ni wica aba bantu nk’umuntu umwe, amahanga yumvise inkuru zawe azovuga,

16 at’ Uhoraho ko yananiwe kujana abo bantu mu gihugu yarahiye kw azobaha, ni co catumye abatsinda mu bugaragwa.

17 Enda se, ububasha bg’Umwami wanje ni bgiyerekane kw ari bginshi, nk’uko wivuzeko,

18 ut’ Uhoraho nteba kuraka, ngira ikigongwe cinshi, mparira ibigabitanyo n’ibicumuro, ariko simperereza urubanza k’ūtarugira; mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rwabo rugira gatatu no ku rugira kane.

19 Ndakwinginze, n’uharire ibigabitanyo vy’aba bantu, nk’ukw imbabazi zawe nyinshi ziri, nk’uko wagenda ubaharira uhereye bakiva muri Egiputa ugashitsa n’ubu.

20 Uhoraho aramwishura, ati Ndabahariye nk’uk’ unsavye;

21 ariko n’ukuri, ndahiye uguhoraho kwanje, ndahiye n’isi yose izokwuzura icubahiro canje, jewe Uhoraho,

22 kw abo bantu bose babonye icubahiro canje n’ibitangaza vyanje nakoreye muri Egiputa no mu bugaragwa, bakangerageza ibihetangabo cumi vyose, ntibanyumvire;

23 n’ukuri nta n’umwe azobona igihugu nari nararahiye ba sekuruza ko nzokibaha, nta n’umwe mur’ abo bankengereye azokibona;

24 shit’ umusavyi wanje Kalebu, kuko yari n’uwundi mutima utari nk’uwabo, akankurikira muri vyose, uyo we nzomujana mu gihugu yagiyemwo, kand’ uruvyaro rwiwe ruzocegukira.

25 Eh’ Abamaleki n’Abanyakanani baba muri kiriya kiyaya: nukw ejo muze muhindukire musubire mu bugaragwa mwerekeye ku Kiyaga Gitukura.

26 Uhoraho abarira Mose na Aroni,

27 ati Nzogeza hehe kwihanganira iri shengero rimeze nabi, rihora riranyidodombera? Numvise imyidodombo y’Abisirayeli banyidodombera.

28 Babarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize: ut’ Arahiye uguhoraho kwiwe, ut’ Ivyo yumvise mwivugiye ni vyo nyene azobagirira:

29 ut’ Imivyimba yanyu izogenda ihindikirana mur’ ubu bugaragwa: ut’ Abāharūwe mwese uko mungana, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, uko mwakamwidodombeye,

30 uti N’ukuri mukazogera mu gihugu yarahiye amanitse ukuboko kw azokibaha ngo mukibemwo, shiti Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni.

31 Ut’ Arikw abana banyu b’ibibondo, abo muvuze ko bazoba abanyagano, ni bo azocinjiza, bībonere igihugu mwanse.

32 Ut’ Ariko mweho, imivyimba yanyu izogenda ihindikirana mur’ ubu bugaragwa.

33 Uti Kand’ abana banyu bazomara imyaka mirongwine baragira mu bugaragwa, bagībgeko n’ubuhemu bganyu bgo kumureka; uti Gushitsa ah’ imivyimba yanyu izoba ikunkumukiye mu bugaragwa.

34 Uti Nk’ ukw imisi ingana mwamaze mutata ico gihugu, ukw ari mirongwine, umusi uzohwana n’umwaka; uti Muzoyimara mugiweko n’ibigabitanyo vyanyu, ukw iyo myaka ari mirongwine; uti Kandi muzomenya kugirirwa umwikomo na we ic’ ari co.

35 Jewe Uhoraho ndabivuze: sinzobura kugenza ntyo iri shengero ryose rimeze nabi, rikoraniye kungarariza. Bazokunkumukira mur’ ubu bugaragwa, ni ho bazogwa.

36 Maze ba bagabo Mose yatuma gutata ico gihugu, bagarutse bakadonda inkuru z’agacavutu z’ico gihugu, bigatuma ishengero ryose rimwidodombera,

37 abo bagabo nyene bādonze izo nkuru z’agacavutu z’ico gihugu, bicirwa n’ikīza imbere y’Uhoraho.

38 Ariko Yosuwa mwene Nuni na Kalebu mwene Yefune baba ari bo bakira muri ba bagabo bagiye gutata ico gihugu.

39 Mose araheza ashikiriza Abisirayeli bose ayo majambo; abantu bagira umubabaro mwinshi.

40 Bakoroka kare mu gatondo, badūga imisozi yo mur’ uwo mugamba, bavuze, bat’ Ehe turaje, turadūze tugiye ah’Uhoraho yadusezeraniye: koko twakoze icaha.

41 Mose arababaza, ati None n’iki kibatera gucumura ku cagezwe c’Uhoraho? Ereg’ ico mukora ntikija kugenda neza.

42 Sigaho kudūga, kuk’ Uhoraho atari muri mwebge, ntimuhave mutsindwa n’abansi banyu.

43 Kukw iyo imbere yanyu har’ Abamaleki n’Abanyakanani, kandi mwohava mwicwa n’inkota. Ko mwasubiye inyuma, mukareka gukurikira Uhoraho, ni co gituma Uhoraho ataribube kumwe namwe.

44 Ariko bo bapfa guhangāra, badūga iyo misozi yo mur’ uwo mugamba; mugabo ya sandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bo na Mose, ntivyava aho bāri bashagaje.

45 Maz’ Abamaleki bamanukana n’Abanyakanani baba mur’ iyo misozi, barabanesha, barabirukana, babashitsa i Horuma.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan