Guharūra 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abatasi cumi na babiri batumwa i Kanani 1 Uhoraho abarira Mose, 2 ati Tuma abantu, baje gutata igihugu c’i Kanani mpaye Abisirayeli; ukūre umuntu umwe‐umwe mu miryango ya ba sekuruza, asanzwe ari mukuru muri bo. 3 Nuko Mose abatuma ari mu bugaragwa bg’i Parani, nk’uk’ Uhoraho yageze: abo yatumye bose bār’ abakuru bo mu Bisirayeli. 4 Aya ni yo mazina yabo: mu muryango wa Reyubeni hatumwa Shamuwa mwene Zakuri. 5 Mu muryango wa Simeyoni hatumwa Shafati mwene Hori. 6 Mu muryango wa Yuda hatumwa Kalebu mwene Yefune. 7 Mu muryango wa Isakari hatumwa Igalu mwene Yosefu. 8 Mu muryango wa Efurayimu hatumwa Hoseya mwene Nuni. 9 Mu muryango wa Benyamini hatumwa Paluti mwene Rafu. 10 Mu muryango wa Zebuloni hatumwa Gadiyeli mwene Sodi. 11 Mu muryango wa Yosefu, ari wo muryango wa Manase, hatumwa Gadi mwene Susi. 12 Mu muryango wa Dani hatumwa Amiyeli mwene Gemali. 13 Mu muryango wa Asheri hatumwa Seturi mwene Mikayeli. 14 Mu muryango wa Nafutali hatumwa Nakibi mwene Vofusi. 15 Mu muryango wa Gadi hatumwa Geweli mwene Maki. 16 Ayo ni yo mazina y’abantu Mose yatumye gutata ico gihugu; kandi yita Hoseya mwene Nuni, Yosuwa. 17 Nuko Mose abatuma gutata ico gihugu c’i Kanani, arababgira, ati Mudūgane iyi nzira, ica i Negebu, mudūge muje mu mugamba, 18 murābe ico gihugu uko kimeze, n’abantu bakibamwo kw ar’abahizi canke kw ar’ abanyantege nke, murābe n’ukw ari bake canke kw ari benshi; 19 murābe n’ico gihugu babamwo kw ari ciza canke kw ari kibi, n’ibisagara babamwo uko bimeze, ko baba mu mahema canke mu bisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye; 20 murābe n’ukw ico gihugu kimera canke ko kitamera, kandi ko kirimw’ ibiti canke ko bitarimwo. Kandi mushire ubgoba, muzane ku vyo ico gihugu ceze. Kand’ ico gihe car’ igihe insukoni z’isega zirungurije. 21 Nuko baradūga, batata ico gihugu, bahereye mu bugaragwa bg’i Zini, bashitsa i Rehobu, hahereranye n’ahafata i Hamati. 22 Mu kudūga bari baciye i Negebu, bashika i Heburoni; Ahimani na Sheshayi na Talumayi, abākomōtse kuri Anaki, ni ho bāba. Kand’ igisagara c’i Heburoni cari kimaze imyaka ndwi cubatswe, igihe Sowani ho muri Egiputa hubakwa. 23 Bashika mu gihogoro citwa Eshikoli, bahaca ishami ririk’ umusoko umwe w’ inzabibu, bawutwara ku munzeganzega ari babiri; bazana no ku makomamanga yaho no ku nsukoni. 24 Aho hantu hitwa Igihogoro Eshikoli kubg’ uwo musoko Abisirayeli baciyeho. Inkuru abatasi bagarukanye 25 Nuko bagaruka hashize imisi mirongwine, bavuye gutata ico gihugu. 26 Bashitse, basanga Mose na Aroni n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli i Kadeshi, mu bugaragwa bg’i Parani. Babīgānira inkuru, hamwe n’iryo koraniro ryose, babereka n’ivyo bamuye mur’ ico gihugu. 27 Babarira Mose, bati Twarashitse mu gihugu wadutumyemwo, kandi n’ivy’ ukuri koko gitemba amata n’ubūki; kandi ngivyo ivyo twamuyeyo. 28 Mugabo, abantu baba mur’ ico gihugu n’abahizi, kand’ ibisagara vyaho bizitijwe inzitiro z’amabuye, kandi ni binini‐binini cane; eka mbere twabonyey’ Abānaki. 29 Kand’ igihugu c’i Negebu kibamw’ Abamaleki, n’umugamba waho ubamw’ Abaheti n’Abayebusi n’Abamori; kand’ ahaherereye ku kiyaga haba Abanyakanani, bo n’ahaherereye kuri Yorodani. 30 Maze Kalebu yamira abantu bariko baridodombera Mose, aravuga, ati Ni muze tudūge ubu nyene, tuhashikīre, kuko dushobora rwose kuhatsinda. 31 Arikw abari baradūganye na we, bati Ntitwoshobora kudūga ngo turwanye abo bantu, kuko baturusha ubuhizi. 32 Babarira Abisirayeli inkuru z’agacavutu z’ico gihugu batase, bat’ Igihugu twanyuragiyemwo tugitata n’igihugu kimiragura abantu baho, kand’ abantu bose twahabonye n’abagabo barebare cane. 33 Kandi twabonyey’ ibigatanya, ari bo Bānaki, bakomōtse ku bigatanya nyene: ku ruhande rwacu twabonye ko tubamezeko nk’inzige, na bo kandi bakabona kw ari ko tumeze. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi