Guharūra 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Miriyamu na Aroni bagirira Mose ishari 1 Miriyamu na Aroni banegura Mose, kubg’ Umunyetiyopiyakazi yābiriye; kuk’ uwo Munyetiyopiyakazi yari yaramwābiriye koko. 2 Baravuga, bati Mbeg’ Uhoraho avugisha Mose gusa? Tweho ntatuvugisha? Uhoraho aravyumva. 3 Kand’ uwo mugabo Mose yar’ umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi. 4 Ako kanya Uhoraho abarira Mose na Aroni na Miriyamu, ati Ni murenguke uko muri batatu, muze kw ihema ry’ibonaniro; nuko bararenguka, ukw ari batatu. 5 Uhoraho amanuka ari muri ya nkingi y’igicu, ahagarara mu muryango w’iryo hema, ahamagara Aroni na Miriyamu, bompi baraza. 6 Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi. 7 Arik’ umusavyi wanje Mose si ko bimeze: ayoboka mu rugo rwanje hose. 8 Uyo we twama twivuganira mu kanwa n’akandi, mfoboye, ntapfinze, kand’ ishusho yanje, jewe Uhoraho, arayibona. None rero n’iki catumye mwubahuka kunegura umusavyi wanje Mose? 9 Maz’ uburake bg’Uhoraho burabaziriringira, arivumbura. 10 Ca gicu kiva hejuru y’ihema, kiragenda; Miriyamu aca asēsakw imibembe, yera nka shelegi; Aroni amukubisekw amaso, asanga yashēshekw imibembe. 11 Aroni abarira Mose, ati Ndakwinginze, mwami wanje, ntuduhōre ico caha, kuko twagize ubupfu, tugakora icaha. 12 Ndakwinginze, yoye kumera nk’ikivutse gihwereye, kivuye mu nda ya nyina kiriko kirabora. 13 Nuko Mose atakambira Uhoraho, ati Mana, ndakwinginze, mukize! 14 Uhoraho aramwishura, at’ Iyaba se yamuciriye amate mu maso gusa, ntiyomaze imisi ndwi amāramāra? Ni bamwugaranire inyuma y’aho mushagaje, amare imisi ndwi, aheze abone kugaruka. 15 Nuko bugaranira Miriyamu inyuma y’ aho bashagaje, amara imisi ndwi; maz’ abantu ntibāhaguruka, Miriyamu ataragaruka. 16 Hanyuma barahaguruka, bava i Haseroti, basagaza mu bugaragwa bg’i Parani. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi