Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Guharūra 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umuriro w’Uhoraho wica abidodomvye

1 Abantu baridodomba kubg’ ibibagoye; bigwa mu matwi y’Uhoraho; avyumvise, uburake bgiwe buraziriringa: umuriro w’ Uhoraho wāduka muri bo, uyigiza igihimba co ku mpera y’aho bashagaje.

2 Abantu batakambira Mose, na we abasabira k’Uhoraho, uwo muriro urazima.

3 Aho hantu bahita Tabera, kuk’ umuriro w’Uhoraho wādutse muri bo.


Abisirayeli banka manu, bifuza inyama

4 Abanyamahanga b’ikivange bari muri bo batangura kwifuza inyama; Abisirayeli na bo bongera kurira, bati Ni nde yoduha inyama zo kurya?

5 Twibutse ya mafi twarya tukiri muri Egiputa ata co dutanze, n’amakonkomburi n’amapapayi n’amapwaro n’ibitunguru vya betsalimu n’ivya sumimu.

6 Ariko non’ uburuma buratwishe: nta kindi na kimwe twezakw ijisho atar’ iyi manu gusa.

7 Kand’ iyo manu yasa n’utubuto tw’agati kitwa gadi, ishusho yayo yasa n’ivyitwa budola.

8 Abantu bāragendagenda, bakayegeranya, bakayisya canke bakayisekura, bakayibiriza mu nkono bakayicumbamw’ udutsima: yasōsa nk’udutsima turimw’ amavuta ya elayo.

9 Mw ijoro ikime catonda aho bashagaje, manu igatonda kuri co.

10 Nuko Mose yumva abantu barira, umuntu wese arirana n’ab’ inzu yiwe, baririra mu miryango y’amahema yabo: uburake bg’ Uhoraho buraziriringa, na Mose na we arababara.

11 Mose abaza Uhoraho, ati N’iki gituma ungirira nabi, jewe umusavyi wawe? n’iki gitumye ntagirirwa akagongwe imbere yawe, ukandemēka umutwaro w’aba bantu bose?

12 Mbega ni jewe nasamye inda y’aba bantu bose? ni jewe nabavyaye, k’umbarira ngo ni ndabakīkire mu gikiriza, nk’uk’ umugabo akīkira umwana yonka, ngo ndabajane mu gihugu warahiye ba sekuruza k’uzokibaha?

13 Nkūre hehe inyama zo kugaburira aba bantu bose, ko bandirira imbere ngo ni ndabahe inyama, barye?

14 Erega sinshobora guterura aba bantu bose jenyene, kuko bamvuna.

15 Hāk’ ungenza urtyo, enda n’upfume unyica, namba ngiriwe akagongwe imbere yawe, kugira ngo noye gupfa nibonye.


Uhoraho aha Mose abafasha mirongwirindwi

16 Uhoraho abarira Mose, ati Nkoraniriza abagabo mirongwirindwi bo mu bakuru b’Abisirayeli, abo uzi kw ar’ abakuru koko, baganza abantu, ubazane kw ihema ry’ibonaniro, bahagararaneho nawe.

17 Nanje mpava mmanuka, mbonanireyo nawe; nābīre ku mpwemu iri kuri wewe, ndayishire kuri bo; na bo bazofatanya nawe uwo mutwaro w’abantu, ureke kugenda uwuteruye wenyene.

18 Kand’ ubarire abantu, ut’ Umusi w’ejo uz’ ushike mwiyejeje, uti Kandi muzorya inyama: kuko muririye mu matwi yiwe, mukavuga, muti Ni nde yoduha inyama zo kurya? muti Ko twari tumerewe neza muri Egiputa. Uti Ni co gitumye azobaha inyama z’uko murya.

19 Uti Ntimuzozirya umusi umwe, cank’ ibiri, cank’ itanu, canke cumi, canke mirongwibiri;

20 ut’ Ariko muzozirya ukwezi kwiramvuriye, gushitsa aho zizosigara zibaduhiye, zikabasesema; uti Kuko mumwanse, Uhoraho ari muri mwebge, uti Mukaririra imbere yiwe, muti Twaviriye iki muri Egiputa?

21 Mose aramwishura, at’ Aba bantu ndimwo, abagabo b’imbaka n’ibihumbi amajana atandatu: non’ uvuze ng’ Uzobaha inyama, bazirye ukwezi kwiramvuriye!

22 Mbega bazobāgirwa imikuku n’amasho bibakwire? canke bazokoranirizwa amafi yose yo mu kiyaga, abakwire?

23 Uhoraho yishura Mose, ati Mbeg’ ukuboko kwanje Uhoraho kwabaye kugufi? None hinge urābe yukw ijambo ryanje nkubgiye rishika canke ko ridashika.

24 Nuko Mose arasohoka, abarira abantu ayo majambo y’Uhoraho. Akoranya abagabo mirongwirindwi bo mu bakuru, abakīkiza rya hema irya n’ino.

25 Uhoraho amanuka ari muri ca gicu, amubarira amajambo, araheza yābīra ku mpwemu iri kuri Mose, ayishira kur’ abo bakuru mirongwirindwi: maz’ iyo mpwemu ibahagazeko baca bavugishwa n’Imana, ariko bagarukirizaho.

26 Arikw aho bashagaje hāri hasigaye abagabo babiri, umwe yitwa Elidadi, uwundi yitwa Medadi: iyo mpwemu ibahagararako na bo. Kandi bari mu gitigiri c’abanditswe, ariko ntibari bavuye aho bari ngo baje kuri rya hema; nuko bavugishirizwa n’Imana aho nyene aho bashagaje.

27 Umuhungu w’umusore agenda yiruka, abarira Mose, ati Elidadi na Medadi bariko baravugishirizwa aho dushagaje.

28 Yosuwa mwene Nuni, yabaye umufasha wa Mose uhereye mu busore bgiwe, aramubarira, ati N’ubabuze, mugenzi!

29 Mose aramubaza, ati Ni jewe ufitiye ishaka? Icompa abantu bose b’Uhoraho bakaba abavugishwa na we, Uhoraho akabashirakw impwemu yiwe!

30 Mose asubira aho bashagaje, bo na ba bakuru b’Abisirayeli.

31 Haza umuyaga uvuye k’Uhoraho, uzana inkware zivuye ku kiyaga, uzirekurira aho bashagaje n’impande zose, gushitsa ahogendwa umusi umwe, zagenda zārāra hejuru y’isi nk’intambge zibiri z’ukuboko uciriye mu nkokora.

32 Abantu bava hasi barenza uwo musi bazāndūra, bakesha n’ijoro, barenza n’uwundi musi: uwāndūye nkeya yāndūra ingero yitwa homeru cumi: bazanikira impande zose z’aho bashagaje.

33 Izo nyama bakizishinzekw amenyo, batarazihekenya, uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu, abarekuriramw’ ikīza gikomeye cane.

34 Aho hantu bahita Kiburoti‐hatava, kukw ari ho bahamvye abifuje inyama.

35 Abantu bava i Kiburoti‐hatava, baja i Haseroti, bagumaho.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan