Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Galatiya 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Twame dukora ivyiza, ntiducobogore

1 Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi.

2 Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.

3 Umuntu ni yiyumvira kw ar’ agakomeye, kand’ ata co amaze, arībesha.

4 Arik’ umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari kubga mugenzi we.

5 Kuk’ umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.

6 Arik’ uwigishwa ijambo ry’Imana ahe umwigisha mu vyiza vyose.

7 Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura.

8 Ūbiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ ūbiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira.

9 Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.

10 Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane‐cane ab’ inzu y’abizera.


Amajambo yo guherezako

11 Murābe ingene mbandikishirije ukwanje kuboko inyuguti nini‐nini.

12 Abagomba bose kwiha igikundiro ku vy’ umubiri ni bo babagōbēra gukebga; nta yindi nyanduruko, n’ukugira ngo ntibahamwe bahōrwa umusaraba wa Kristo.

13 Kukw abākebge na bo nyene batitondera ivyagezwe, ariko bashaka ko mukebga, ngo birate imibiri yanyu.

14 Ariko jeho sinkirate ikindi, atar’ umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo, watumye isi imbera ikibambge, nanje isi nkayibera ikibambge.

15 Kuko gukebga ata kimazi, no kudakebga nta kimazi, ikigira ikimazi n’icaremwe gisha.

16 Abazogendera kur’ urwo rugezo, amahoro abe muri bo n’ikigongwe, no mu Bisirayeli b’Imana.

17 Uhereye none ntihakagire umuntu angora, kuko mfise ku mubiri inkovu za Yesu.

18 Bene Data, ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’imitima yanyu. Amen.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan