Galatiya 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja. Guhitamwo Kristo cank’ ivyagezwe 2 Umve, jewe Paulo ndababgira yuko ni mwakebga, Kristo ata co azobamarira. 3 Kandi ndabarira umuntu wese akebga, mbishingiye intahe, yukw ari n’umwenda wo kwitondera ivyagezwe vyose. 4 Yemwe abagomba gutsindanishirizwa n’ivyagezwe, erega muhinduye ubusa gufatana na Kristo kwanyu, muratemvye muretse ubuntu bg’Imana. 5 Kuko twebge, mu buryo bga Mpwemu, twiteze ivyizigiro vy’ukugororoka, kubg’ ukwizera. 6 Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo. 7 Ko mwagenda neza; ni nde yabateye gutenzekanya ngo ntimwumvire ukuri? 8 Iyo nyosha ntiyavuye kur’ uwo abahamagara. 9 Umwambiro muke ututumbisha irobe ryose. 10 Ndabizigiye kubg’ Umwami wacu yuko mutazogira uwundi mutima; arik’ ūbahagarika imitima, uw’ ari we wese, urubanza ruzomusubirako. 11 Ariko jewe, bene Data, namba nkibarira abantu gukebga, n’iki gituma ngihamwa? Igitsitaza c’umusaraba kiba carahindutse ubusa. 12 Icompa ababavurunga bakīkona rwose. Umwidegemvyo wacu ukwiye kuganzwa n’urukundo 13 Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana. 14 Kukw ivyagezwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda. 15 Ariko ni mwashikurana, mugatsontsomerana, mwirinde ntimuhezanye. Ubugingo bgo muri Mpwemu 16 Ndavuga nti Mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazoshitsa ivy’ akameremere kanyu kifuza. 17 Kukw akameremere kifuza ivyo Mpwemu yanka, kandi Mpwemu yifuza ivy’ akameremere kanka: kukw ivyo bihiganwa, ngo ntimukore ivyo mugomba. 18 Ariko namba murōngōrwa na Mpwemu, ntimuganzwa n’ivyagezwe. 19 Kand’ ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana, n’ibi: ubushakanyi, ibihumanya, ivy’ isoni nke, 20 gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice, 21 igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ ivyo. Ivyo ndabibabūriye, nk’uko nabibabūriye kera, yukw abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana. 22 Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, 23 ubugwaneza, ukwirinda: ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza. 24 Kand’ aba Kristo Yesu bābambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza. 25 Namba tubeshwaho na Mpwemu, tuyoborwe na Mpwemu. 26 Ntitwifate uko tutari, ngo twandurutsanye, tugiriranire ishari. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi