Galatiya 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ikitugira abana b’Imana 1 Ariko mvuga yuko samuragwa, iy’ akir’ umwana, ata co atandukanako n’umugurano, nah’ ari we nyen’ ibintu vyose. 2 Arikw aganzwa n’abamuzigama n’ababgiriza kugeza mu kibariro cashinzwe na se. 3 Natwe n’uko: tukir’ abana twari tujakariye ivya mbere vyo mw isi. 4 Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe, 5 ngw acungure abaganzwa n’ivyagezwe, biduheshe gucika abana bayo. 6 Kandi kuko mur’ abana bayo, Imana yatumye Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu, ataka, ati Abba, Data. 7 Ni co gituma utakir’ umugurano, arik’ ur’ umwana wayo; kandi k’ur’ umwana wayo, ur’ umuragwa, ubihawe n’Imana. Paulo ahanūra ab’i Galatiya ngo ntibasubire inyuma 8 Arikw ico gihe, kuko mutāri muzi Imana, mwari mujakariye imana zitari zo uhereye mu kameremere kazo: 9 ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha? 10 Muziririza imisi n’amezi n’ibihe n’imyaka. 11 Munteye akōba, yuko kumbure ivyo nabakoreye natamijwe n’ubusa. 12 Ndabinginze, bene Data, mumere nkanje, kuko nanje mmeze nkamwe. Nta nabi mwangiriye, 13 ariko murazi yukw amagara make y’umubiri ari yo yatumye mbabarira ubutumwa bgiza ubga mbere: 14 kand’ ivyābagerageza kubg’ umubiri wanje ntimwabitītūye, ntimwāciriye inyeri, ariko mwānyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nka Kristo Yesu. 15 None kwa kwishima kwanyu kuri hehe? Nd’ icabona canyu yukw iyo biba vyarashobotse, muba mwaremeye kwinogora amaso, mukayampa. 16 Mbega mpinduwe umwansi wanyu no kubabgira ukuri? 17 Ba bandi babagirira ishaka mu buryo butari bgiza; arikw ico bagomba n’ukubazigira hanze, kugira ngo namwe mubagirire ishaka. 18 Mugabo, ni vyiza kugirira ivyiza ishaka ibihe vyose, atar’ igihe turi kumwe gusa, 19 bana banje bato, abo nongera kuramukwa, gushitsa ah’ ishusho ya Kristo izoremerwa muri mwebge. 20 Kandi nagomba gushikīrana namwe aka kanya, no kworosha ijwi, kukw ivyanyu binzazaniye. Ivy’ abahungu babiri 21 Mwebge abagomba kuganzwa n’ivyagezwe, ni mumbarire: mbega ntimwumva ivyagezwe? 22 Kuko vyanditswe yuko Aburahamu yar’ afise abahungu babiri, umwe ar’ uwo ku ncoreke, uwundi ar’ uwo ku mugore bgite. 23 Uwo ku ncoreke yavyawe mu buryo bg’umubiri; uwo ku mugore bgite yavyawe kubg’ isezerano. 24 Ivyo ni nk’umugani. Kukw abo bagore ari nk’amasezerano abiri, rimwe ryavuye ku musozi Sinayi, rivyara abo kuguma mu buja, iryo ni Hagari. 25 Nuko Hagari n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, usobanurwa ngo Yerusalemu wa none, kuk’ usangiye ubuja n’abana bawo. 26 Ariko Yerusalemu wo hejuru ni wo mugore bgite, ni wo mama wa twese. 27 Kuko handitswe, ngo Nezerwa, yewe mugore w’ingumba utavyara, Turika, usemerere, wewe utaramukwa, Kukw abana b’intābga ari benshi, baruta ab’ ūfise umugabo. 28 Namwe bene Data, mur’ abana b’isezerano, nk’uko Isaka yar’ ari. 29 Ariko nk’ukw ico gihe uwavyawe mu buryo bg’umubiri yahama uwavyawe mu buryo bga Mpwemu, na none ni ko biri. 30 Ivyanditswe bivuga iki? Bit’ Irukana incoreke n’umwana wayo, kuk’ umwana w’incoreke atazoraganwa n’umwana w’umugore bgite. 31 Nuko bene Data, ntitur’ abana b’incoreke, tur’ aba wa mugore bgite. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi