Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Galatiya 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Indamukanyo

1 Paulo, intumwa itātumwe n’abantu, kandi nta muntu yabariwe kuntuma, ariko natumwe na Yesu Kristo, n’Imana Data wa twese yamuzuye mu bapfuye,

2 mfatanije na bene Data turi kumwe bose kubandikira, abo mu mashengero y’i Galatiya.

3 Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Yesu Kristo,

4 yitangiye ivyaha vyacu, ngw aturokore mur’ iki gihe kibi ca none, nk’ukw Imana yacu yagomvye, ni yo Data we twese.

5 Icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.


Paulo atangazwa n’ukw ab’i Galatiya bāretse ubutumwa bg’ukuri

6 Ndatangaye yuko muriko murareka vuba murtyo Iyabahamagaye kubg’ ubuntu bga Kristo, mukemera ubutumwa bunyuranye n’ubgo,

7 kand’ ata bundi buriho; ariko harih’ abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bga Kristo.

8 Ariko naho yoba ari twebge cank’ umumarayika avuye mw ijuru, ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubgo twababariye, arakavumwa.

9 Nk’uko twāvuze ubga mbere, na none nongeye kubivuga, nti Ni hagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubgo mwemeye, arakavumwa.

10 Mbeg’ ubu n’ishimwe ry’abantu ngomba, canke n’iry’ Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba nd’umugurano wa Kristo.


Ubutumwa Paulo yavuze yabuhawe na Kristo

11 Ku vy’ ubutumwa navuze, ndabamenyesha bene Data, yukw atar’ ubg’ abantu:

12 kuko nanje ntābuhawe n’umuntu, kandi sinabgigishijwe, ariko ni Yesu Kristo yabumpishuriye.

13 Mwumvise ingeso zanje nari mfise kera, nkiri mw idini y’Abayuda, ingene nahīga ishengero ry’Imana birengereje, nkaritikiza.

14 Kandi mu bgoko bgacu narushije benshi bo mu bo twārukanye kuja imbere mw idini y’Abayuda, kuko nabarusha kugira ishaka ry’imigenzo twārazwe na ba sogokuruza.

15 Arikw aho bihimbariye Imana yandobanuye nkiri mu nda ya mama, ikampamagara kubg’ ubuntu bgayo,

16 guhishurira umutima wanje Umwana wayo, ngo mvuge ubutumwa bgiwe bgiza mu banyamahanga, ako kanya sinagishije inama abafise inyama n’amaraso,

17 kandi sinadūze i Yerusalemu ku bantanguriye kuba intumwa, ariko nagiye muri Arabiya, kandi hanyuma nsubira i Damasiko.

18 Maz’ imyaka itatu ishize ndūga i Yerusalemu kwibonanira na Kefa, mmara i we imisi cumi n’itanu.

19 Ariko mu zindi ntumwa nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwene nyina w’Umwami Yesu.

20 Ku vyo mbandikiye, ehe nd’imbere y’Imana, simbesha.

21 Maze nja mu ntāra z’i Siriya n’i Kilikiya.

22 Abo mu mashengero y’i Yudaya yo muri Kristo ntibāribgankubite ijisho,

23 ariko bumva gusa abamvuga, bat’ Umwe yahora aduhīga mbere, ubu asigaye yamamaza ivyizerwa yatikiza kera;

24 nuko bahimbaza Imana kubganje.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan