Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Filipi 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Paulo abahanūra ngo bashire hamwe bicishije bugufi

1 Nuko namba har’ ukuremeshwa muri Kristo, namba har’ ukwirurwa kuva mu rukundo, namba har’ ugusangira Mpwemu, namba har’ imbabazi n’ikigongwe,

2 mwuzuze umunezero wanje muhwanije imitima, musangiye urukundo rumwe, muhūje umutima n’inama.

3 Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta,

4 kand’ umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’ abandi.


Uko Yesu yatubereye akarorero

5 Mugire wa mutima muri mwebge wari muri Kristo Yesu.

6 Uwo, naho yar’ asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ ikintu co kwumirako:

7 ariko yīsiga ubusa, yābīra ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu.

8 Kand’ abonetse afise ishusho nk’iy’ umuntu, yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu, kand’ urupfu rwo ku musaraba.

9 Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose:

10 kugira ngw amavi yose az’ apfukame mw izina rya Yesu, ay’ ivyo mw ijuru n’ay’ ivyo kw isi n’ay’ ivy’ i kuzimu,

11 kand’ indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.


Agakiza kabonekera mu ngeso z’umuntu

12 Nuko rer’ abo nkunda, nk’uko mwamye muganduka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo ndiho gusa, ariko n’ubu nyene naho ntar’ iyo ni murushirize.

13 Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.

14 Mukore vyose ata kwidodomba, ata guhārīra,

15 kugira ngo ntimugire umugayo cank’ akarohe, mube abana b’Imana batagira agasembga, hagati y’ab’ iki gihe bagoramye b’ibidambidambi, abo mubonekeramwo nk’amatara mw isi,

16 mwerekana ijambo ry’ubugingo; kugira ngo mbone ico nzokwirata ku musi wa Kristo, yuko ntirukiye ubusa kandi ntātamijwe n’ubusa.

17 Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese:

18 abe ari ko namwe munezerwa, munezeranwe nanje.


Ivya Timoteyo

19 Ariko nizigijwe n’Umwami Yesu yuko nzobatumako Timoteyo vuba, kugira ngo nanje nze nshire umutima hamwe, ni namenya ivyanyu.

20 Simfise uwundi ari n’umutima nk’uw’ uwo, yobabara ivyanyu vy’ukuri.

21 Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo.

22 Ariko murazi ingen’ uwo yagejejwe akarama, kandi yuko, nk’uk’ umwana amereranira na se, ari ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza.

23 Nuk’ uwo ni we nizigiye yukw ari we nzoca mbatumako, aho nzomenyera ibizombako.

24 Ariko nizigijwe cane n’Umwami wacu yuko nanje nyene nzoza vuba.


Ivya Epafurodito

25 Kandi mbonye yukw ar’ igikwiye kubatumako Epafurodito, mwene Data dufatanije igikorwa n’intambara, ari we ntumwa yanyu inkorera ivyo nkennye;

26 kukw abagirira igishika mwese, akarandurwa umutima n’uko mwumvise yuko yar’ arwaye.

27 Kandi koko yari yararwaye ahakwa guhwera: arikw Imana imugirira imbabazi, kandi si we wenyene, ni jewe yazigiriye, kugira ng’umubabaro wanje ntiwongerekane.

28 Ni co gitumye ngira umwete wo kumurungika, kugira ngo ni mwongera kumubona muze munezerwe, nanje ngabanuke umubabaro.

29 Nuko mumwākīrane umunezero mwinshi kubg’ Umwami wacu; kand’ abameze nk’uwo mwame mububaha;

30 kuko yagarukiye hafi yo gupfa kubg’ igikorwa ca Kristo, yahevye amagara yiwe, ngw ashikane ivyasigaye vyo kumfasha kwanyu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan