Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Filemoni 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Indamukanyo

1 Paulo, imbohe ya Kristo Yesu, na Timoteyo mwene Data, turakwandikiye Filemoni uwo dukunda, dusangiye igikorwa,

2 na Apiya mushiki wacu, na Arukipo turwanana, n’ishengero ryo mu nzu yawe:

3 ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo.


Paulo ashimira Imana urukundo rwa Filemoni n’ukwizera kwiwe

4 Nshima Imana yanje ubudasība, nguhoza mu kanwa uko nsenze,

5 kuko numvise urukundo rwawe n’ukwizera Umwami Yesu kwawe, ukwo wereka abera bose:

6 kugira ng’ ugufataniriza mu kwizera kwawe gushobore vyinshi kubga Kristo, mu kumenyekanisha ivyiza vyose vyo muri twebge.

7 Kuk’ urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kand’ imitima y’abera warayiruhuye, mwene Data.


Asaba Filemoni kugirira imbabazi umugurano wiwe Onesimo

8 Kubg’ ivyo, naho mfise ubushizi bg’amanga bgose muri Kristo bgo kukugerakw ibikwiye,

9 mpisemwo kukwinginga kubg’ urukundo, uko ndi kose Paulo umutāma, kandi none nd’imbohe ya Kristo Yesu.

10 Ndakwitwayeko ku mwana wanje Onesimo uwo navyariye mu minyororo yanje,

11 atākugirira ikimazi kera, ariko noneh’ atugirira ikimazi twempi.

12 Ni we nyene nkurungikiye, ni we mutima wanje.

13 Mba ndamugumije kugira ngw ankorere mu gishingo cawe, mboshwe n’iminyororo y’ubutumwa bgiza.

14 Ariko nta co ngomba gukora ntakugishije inama, kugira ngw iciza ukora ntikibe ic’ ugōberewe, arik’ ugikore ubikunze.

15 Kumbure icatumye atandukanywa nawe igihe gito kwar’ ukugira ng’ uz’ umwamane imisi yose:

16 atakir’ umugurano wawe, arikw aruta umugurano, ari mwene So, akundwa: akundwa nanje cane, arikw arushiriza gukundwa nawe, mu vy’umubiri no mu Mwami wacu.

17 Nuko namb’ unyiyumvira ko dusangiye igikorwa, umwākīre nk’uko nanje wonyakiriye.

18 Arikw asangwa har’ ico yaguhemukiyeko, canke har’ umwenda agufitiye, ubimparūreko.

19 Ni jewe Paulo nandikishije ukwanje kuboko yuko nzovyishura: reka noye kukubgira yuk’ uri n’umwenda wanje, uwo mwenda ni wewe ubgawe.

20 Ego, mwene Data, nkubonemw’ ikimazi mu Mwami wacu: unduhure umutima muri Kristo.


Amajambo yo guherezako

21 Nkwandikiye nizigiye k’uzonyumvira, nzi yuk’ uzokora n’ibiruta ivyo mvuze.

22 Kandi n’ikindi, untegurire indāro; kuko nizigiye yuko muzompabga kubg’ amasengesho yanyu.

23 Epafura, mugenzanje tubohanywe muri Kristo, aragutasha,

24 na Mariko, na Arisitariko, na Dema, na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.

25 Ubuntu bg’Umwami Yesu Kristo bubane n’imitima yanyu. Amen.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan