Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Esiteri 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abayuda bica abansi babo

1 Nuko mu kwezi kw’icumi na kabiri kwitwa Adari, ku musi wakwo w’icumi na gatatu, ari wo musi nyene icagezwe c’umwami n’iteka ryiwe vyari bishitse ku ntaho, ni wo musi abansi b’Abayuda bāziga ko babahagarara ku gakanu; ariko birahinduka, Abayuda baba ari bo bahagarara ku gakanu abari babafitiye urwanko.

2 Nukw Abayuda bakoranira mu bisagara vyabo mu bihugu vyose umwami Ahasuwerusi aganza, ngo basomboroze abarondera kubayigiza; kandi nta muntu yashobora kubahagarara imbere, kuko bāri baciye ivutu amahanga yose.

3 Nukw abaganwa bose bo mu bihugu, n’ivyēgēra vy’umwami, n’ abaganza ibihugu, n’abatwarira umwami, batabara Abayuda, kuko Moridekayi yar’ abaciye ivutu.

4 Moridekayi uwo yar’ agahambaye mu rugo rw’umwami, kandi yari rurangiranwa mu bihugu vyose: kuk’ uwo mugabo Moridekayi yarushiriza kuba agahambaye.

5 Nukw Abayuda bicisha inkota abansi babo bose, barabarandura, barabaherengeteza; bagira uko bagomba abari babafitiye urwanko.

6 Ku murwa i Shushani nyene Abayuda bahica abagabo amajana atanu, barabarandura.

7 Bica na Parishanidata na Dalifoni na Asipata,

8 na Porata na Adaliya na Aridata,

9 na Parimashita na Arisayi na Aridayi na Vayizata,

10 abo bose ukw ar’ icumi bishe, bāri bene Hamani umwansi w’Abayuda, mwene Hamedata; ariko ntibākojeje ukuboko kwabo kw isahu.

11 Kur’ uwo musi bamenyesha umwami igitigiri c’abiciwe ku murwa i Shushani.

12 Nuk’ umwami abgira umwamikazi Esiteri, at’ Abayuda bishe abagabo amajana atanu ku murwa i Shushani, barabarandura, bica na bene Hamani ukw ar’ icumi. Mbega none mu bindi bihugu vyanje bakoze ibingana iki? Har’ ico usaba na none ukagihabga? Har’ ikindi urondera kigakorwa?

13 Esiteri aramwishura, ati Mwami, ni wavyemera, ejo Abayuda bar’ i Shushani borekurwa, bagakora nk’ ukw icagezwe c’uyu musi kibaye; kand’ imivyimba ya bene Hamani ukw ar’ icumi ikamanikwa ku biti.

14 Nuk’ umwami agera ko biba birtyo; iteka ryamamara i Shushani; bamanika na ya mivyimba ya bene Hamani ukw ar’ icumi.

15 Nukw Abayuda bār’ i Shushani bongera kwirema inteko no ku musi w’icumi na kane w’ ukwo kwezi kwitwa Adari, bica abagabo amajana atatu i Shushani; ariko ntibākojeje ukuboko kwabo kw isahu.

16 Kand’ abandi Bayuda bāri mu bihugu umwami aganza birema inteko, barirwanira, bica mu babisha ibihumbi mirongwirindwi na bitanu; baraheza baruhuka abansi babo. Ariko ntibākojeje ukuboko kwabo kw isahu.

17 Uko ni ko vyabaye ku musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwitwa Adari; ku musi w’icumi na kane wakwo bararuhuka, bawugira umusi wo gutumiranako no kunezerwa.

18 Arikw Abayuda bar’ i Shushani birema inteko ku musi wakwo w’icumi na gatatu, no ku w’icumi na kane nyene; maze ku w’icumi na gatanu wakwo bararuhuka, bawugira umusi wo gutumiranako no kunezerwa.

19 Ni co gituma uwo musi w’icumi na kane w’ukwezi kwitwa Adari, Abayuda bo mu misozi, baba mu bisagara bitagira inzitiro, bawugira umusi wo kunezerwa no gutumiranako, n’ umusi mwiza wo kugemuranirako.


Moridekayi ashinga iyo misi kw izokwama ari mikuru mu Bayuda

20 Maze Moridekayi yandika ivyabaye, Abayuda bose bari mu bihugu vyose umwami Ahasuwerusi aganza, abarungikira ivyete, abari hafi n’abari kure,

21 ashinga ng’ umusi w’icumi na kane n’ uw’ icumi na gatanu w’ukwezi kwitwa Adari, bayigire imisi mikuru, uk’ umwaka utashe;

22 kuba icibutso c’imisi Abayuda bāruhukiyekw abansi babo, n’ukwezi kwabahindukiye ukw’ umunezero mu gishingo c’umubabaro, bakaronka umusi mwiza mu gishingo c’uwo kugandarako; kand’ ababarira ko bayigira imisi yo gutumiranako no kunezerwa, n’iyo kugemuriranirako no kugabira aboro.

23 Nukw Abayuda bemera kwama babigenza nk’uko babitanguye, kandi nk’uko Moridekayi yabibandikiye;

24 kuko Hamani umwansi w’Abayuda bose, mwene Hamedata Umwagagi, yari yagabiye kugeseza Abayuda, kandi yari yapfinze Puri, ari bgo bupfindo, ngw abayigize, abahonnye;

25 ariko bishitse ku mwami, umwami arungika ivyete bivuga yukw iyo migabo mibi Hamani yari yagabiye ku Bayuda imugaruka ku mutwe, kandi yuk’ ubgiwe n’abahungu biwe bamanikwa ku biti.

26 Ni co gituma iyo misi bayita Purimu, bayitiriye Puri. Maze kubg’ amajambo yose yo mur’ ico cete, n’ivyo bīboneye ubgabo, n’ivyababayeko,

27 bituma Abayuda barundura ivy’ iyo misi yompi ko bazoyigira mikuru, uk’ umwaka utashe, mu gihe cayo gishinzwe nk’uko vyari vyanditswe, babicāna amahani ubgabo no ku ruvyaro rwabo, n’abifatanije na bo bose, ngo vyoye kuzoshingūka;

28 kandi barundura yukw iyo misi ikwiye kwama yibukwa no kugirwa mikuru ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, mu muryango wose no mu gihugu cose no mu gisagara cose, kandi ngw iyo misi ya Purimu ntize ishingūke mu Bayuda, cank’ icibutso cayo ngo kize kizimangane mu ruvyaro rwabo.

29 Nuk’ umwamikazi Esiteri mwene Abihayili, na Moridekayi Umuyuda, bandika mu bubasha bgose, bashinga ivy’ ico cete ca kabiri c’ivya Purimu.

30 Nukw Abayuda bose bo mu bihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, ari vyo bihugu vya Ahasuwerusi, barungikirwa ivyo vyete, birimw’ amajambo y’amahoro n’ay’ ukuri,

31 yo gushinga ivy’ iyo misi ya Purimu mu bihe vyayo vyashinzwe, nk’uko Moridekayi Umuyuda n’umwamikazi Esiteri babigeze, na bo bakavyisezeranira ubgabo no ku ruvyaro rwabo, mu vyo kwisonzesha no mu vyo kuboroga kwabo.

32 Nukw icagezwe ca Esiteri gishinga ivyo vya Purimu; maze vyandikwa mu gitabo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan