Esiteri 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Esiteri na Moridekayi basabira ubgoko bgabo 1 Kur’ uwo musi nyene umwami Ahasuwerusi agabira umwamikazi Esiteri urugo rwa Hamani umwansi w’Abayuda. Maze Moridekayi aseruka imbere y’umwami; kuko Esiteri yari yavuze ico bapfana. 2 Umwami aca yiyambura impeta, iyo yari yatse Hamani, ayiha Moridekayi. Maze Esiteri ashikiriza Moridekayi urwo rugo rwa Hamani. 3 Hanyuma Esiteri yongera kuvugira imbere y’umwami, yikubita imbere y’inyundo ziwe, amwinginga arira, ngw akūreh’ inama mbi zāgīwe na Hamani Umwagagi, n’imigabo yiwe yari yagabiye kugirira Abayuda. 4 Maz’ umwami atunga Esiteri ya nkoni y’izahabu. Nuko Esiteri ava hasi, ahagarara imbere y’umwami, 5 aravuga, ati Mwami, ni wavyemera, kandi namba ngize ubutoni imbere yawe, ukabona kw ar’ ibibereye, kandi nanje nkaguhimbara, hokwandikwa ivyete vyo gukūra bimwe vy’inama mbi Hamani mwene Hamedata Umwagagi yandikishirije guhonnya Abayuda bari mu bihugu vyawe vyose, mwami. 6 Mbega noshobora nte kwihanganira kurāba ivyago bizoba ku bgoko bgacu? Canke noshobora nte kwihanganira kurorēra umuryango wacu urik’ uragesezwa? Ahasuwerusi yemerera Abayuda kwirwanira 7 Nuk’ umwami Ahasuwerusi yishura umwamikazi Esiteri na Moridekayi Umuyuda, at’ Ehe nagabiye Esiteri urugo rwa Hamani, na we Hamani bamumanitse ku giti, ahōwe kwimbira icobo Abayuda. 8 Nuko namwe ni mwandikire Abayuda, uko mugomba, mubandikire mw izina ryanje, mubidomekw ikimenyetso co ku mpeta yanje; kukw icanditswe cose mw izina ry’umwami, kikadomwakw ikimenyetso co ku mpeta yiwe, nta muntu ashobora kugihindura. 9 Nukw ico gihe abakarani b’ umwami barahamagarwa, hāri ku musi wa mirongwibiri na gatatu w’ukwezi kwa gatatu kwitwa Sivani, bandika ivyo Moridekayi ashinze ku Bayuda vyose, bavyandikira ivyēgēra vy’umwami, n’abaganza ibihugu, n’abaganwa b’ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri; bandikira n’Abayuda mu rurimi rwabo ukw inyandiko zabo ziri. 10 Nuko Moridekayi avyandika mw izina ry’umwami Ahasuwerusi, abidomakw ikimenyetso co ku mpeta y’umwami, arungika intumwa zijana ivyo vyete ziri ku mafarasi atebuka, akoreshwa ibikorwa vy’ umwami, yavutse mu ntorwa z’i bgami. 11 Mur’ ivyo vyete umwami yemerera Abayuda bari mu bisagara vyose kwirema inteko ngo bīrwanire, bageseze aboza kubatera bose bo mu moko yose yo mur’ ivyo bihugu, babice, babahonnye, hamwe n’abana babo n’abagore babo, banyage n’ivyabo; 12 kand’ ivyo bize bikorwe ku musi umwe mu bihugu vyose vy’ umwami Ahasuwerusi, ni wo musi w’icumi na gatatu w’ukwezi kw’ icumi na kabiri kwitwa Adari. 13 Amakopi y’ico cete bayakwiza mu mahanga yose, ngw iryo teka ryamamazwe mu bihugu vyose, kugira ng’ uwo musi uz’ usange Abayuda biteguye kwivuna abansi babo. 14 Nukw izo ntumwa ziri kuri ya mafarasi atebuka, akoreshwa ibikorwa vy’umwami, zigenda zihuta, zitewe umwete n’ ukwihanikirizwa n’umwami; ico cagezwe camamara no ku murwa i Shushani. Icubahiro ca Moridekayi 15 Maze Moridekayi arasohoka, ava imbere y’umwami, yambaye imyambaro y’ubgami y’amasufe n’iyera, n’igitsibo kinini c’izahabu, n’imvune yera nziza y’inyambarabami; nukw abo ku murwa i Shushani basemerera banezerewe. 16 Abayuda na bo gica kireyuka, baranezerwa, barahimbarwa, bagira icubahiro. 17 Maze mu gihugu cose no mu gisagara cose, ah’ icagezwe c’umwami n’ivyo yashinze vyashika, Abayuda baranezerwa, bagahimbarwa, bagatumirana, bakagira umusi mukuru. Maz’ abantu benshi bo mu mahanga yo mur’ ico gihugu batora idini y’Abayuda, kukw Abayuda bāri babateye ubgoba. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi