Esiteri 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Moridekayi n’Abayuda buzura umubabaro kubg’ iryo teka 1 Nuko Moridekayi amenye ibibaye vyose ivy’ ari vyo, yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara igunira, yisūrirakw iminyota, arasohoka aja mu gisagara hagati, aborogesha ijwi rirenga ry’ umubabaro. 2 Arinda ashika n’ inyuma y’ikirimba c’i bgami: kukw ata wemererwa guca mu kirimba c’i bgami yambaye igunira. 3 Kandi mu gihugu cose, ah’ icagezwe c’umwami n’iteka ryiwe bishitse, hāba amaborogo menshi mu Bayuda, no kwisonzesha, n’ amarira, n’ugutaka; kandi benshi bācura imirambararo bari mu magunira no mu minyota. Esiteri atuma kubaza Moridekayi ibibaye ivy’ ari vyo 4 Maz’ incoreke za Esiteri n’ inkone ziwe baraza barabimubarira; umwamikazi arababara cane: arungikira Moridekayi imyambaro yo kumwambika, ngo bamwambure igunira: ariko ntiyavyemera. 5 Nuko Esiteri ahamagaza Hataki, umwe mu nkone z’umwami, uwo umwami yamuhaye ngw amutume, amutuma kuri Moridekayi amwihanikirije, ngw amubaze ibibaye ivy’ ari vyo n’inyanduruko yavyo. 6 Nuko Hataki arasohoka agenda kuri Moridekayi, aho yar’ ari ahantu hiyaguye ku murwa, mw irasukiro ry’ikirimba c’i bgami. 7 Moridekayi amudōndera vyose ivyamubayeko, n’igitigiri c’amahera uko kingana Hamani yasezeranye gutanga ngw aje mu bubīko bg’ umwami, ayatanze kugira ngw ageseze Abayuda. 8 Amuha n’ ikopi y’ivyanditswe vy’iryo teka ryamamajwe i Shushani ryo kubageseza, ngw ayereke Esiteri, abimusobanurire; aheze amwihanikirize ngw aje ku mwami, amwinginge, atakambire ubgoko bgabo kuri we. 9 Nuko Hataki aragaruka, abarira Esiteri amajambo ya Moridekayi. Esiteri yemera guheba amagara ngw asabire Abayuda 10 Maze Esiteri avugana na Hataki amurungikana amajambo kuri Moridekayi, 11 at’ Ereg’ abamenyekana b’umwami bose, n’abantu bo mu bihugu vy’umwami, barazi yuk’ umuntu wese, ar’ umugabo cank’ umugore, yosanga umwami mu karusha, adahamagawe, har’ icagezwe kimwe gusa kuri ben’ uwo, n’ukwicwa; shit’ umuntu umwami atunze inkoni y’izahabu y’ubugabe bgiwe: bibaye birtyo, uwo ni we akira. Ariko jeho mmaze imisi mirongwitatu ntararengukishwa n’umwami. 12 Nuko babgira Moridekayi amajambo ya Esiteri. 13 Maze Moridekayi na we arabatuma yishura Esiteri, ati Ntugire ngo ni wewe wenyene uzokira mu Bayuda bose, kuk’ uri mu ngoro y’umwami. 14 Kuko ni wapfa kwiyumya mur’ iki gihe, nta kizobuza Abayuda gutabarwa bakarokoka, ariko bivuye ahandi; ariko weho n’ab’ inzu ya so muzohona. Nta wubizi, kumbure icakwimitse ng’ube umwamikazi n’ ukugira ng’ uz’ useruke mu gihe gisa n’iki! 15 Maze Esiteri arabatuma yishura Moridekayi, 16 ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe! 17 Nuko Moridekayi aragenda, akora vyose nk’uko Esiteri yamugeze. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi