Esiteri 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Esiteri atoranywa kuba umwamikazi 1 Hanyuma y’ivyo, uburake bg’ umwami Ahasuwerusi buhwamye, yibuka ivya Vashiti n’ ivyo yakoze, n’ivyashinzwe kubgiwe. 2 Maz’ abāsukurira umwami baramubgira, bati Mwami, ni bakuronderere abigeme b’ inkumi beza‐beza; 3 kandi n’ ushireh’ abantu mu bihugu vyawe vyose, mwami, ngo bakoranirize hamwe abigeme bose b’inkumi beza‐beza ku murwa i Shushani, bashirwe mu nzu y’abigeme, babashikirize Hegayi inkone y’umwami, asanzwe arinda abigeme, bahabge ivyo kwisīga ngo bayagayage mu maso. 4 Maz’ umwigeme uzoshima az’ abe umwamikazi mu gishingo ca Vashiti. Nuk’ umwami ashima iyo nama, abigenza artyo. 5 Ku murwa i Shushani hār’ Umuyuda yitwa Moridekayi mwene Yayiri, Yayiri wa Shimeyi, Shimeyi wa Kishi, Umubenyamini. 6 Yari yakūwe i Yerusalemu ar’ inyagano, ajananwa n’abandi banyagano banyaganywe n’umwami w’Abayuda Yekoniya, igihe bānyagwa na Nebukadineza umwami w’i Babuloni. 7 Moridekayi yari yareze Hadasa, ari we Esiteri, mwene se wabo, kukw atāgira se na nyina, kand’ uwo mwigeme yari mwiza w’umunyakaranga; maze se na nyina bamaze gupfa, Moridekayi aramujana amurera nk’umwana wiwe. 8 Nukw ibgirizwa ry’umwami n’ icagezwe ciwe bimaze kwamamara, abigeme benshi bagakoranirizwa ku murwa i Shushani, ngo barindwe na Hegayi, Esiteri na we ajanwa i bgami, ahabga Hegayi nyene, yarinda abigeme. 9 Ashima uwo mwigeme, aramutonesha; agira umwete wo kumuha ivyo kwisīga ngw ayagayage mu maso, amuha n’igisa yagerewe, amuha n’abakobga ndwi, atoranije mu rugo rw’umwami: aramwunguruza bo n’abo bakobga, amushira aharusha ahandi kuba heza mur’ iyo nzu y’abigeme. 10 Kandi Esiteri nta ho yigeze aserura ubgoko bgabo ubg’ ari bgo, cank’ umuryango wabo: kuko Moridekayi yari yaramwihanije kutabivuga. 11 Kandi Moridekayi yahora agendagenda uko bukeye inyuma y’urugo rw’inzu y’abigeme, kugira ngw amenye Esiteri uko yaramutse n’ukw ameze. 12 Nuk’ umwigeme wese yashikwako n’urubu rwiwe rwo kujanwa ku mwami Ahasuwerusi, amaze amezi cumi n’abiri akorerwa ivy’ abigeme, nk’uko vyashinzwe, kukw igihe co kwitunganya kwabo ari ko cari kimeze: bāhabga amavuta arimw’ isenga kumara amezi atandatu, yandi mezi atandatu bagahabga ibitāmirana, n’ ivyo abigeme bāgerewe kwisīga ngo bayagayage mu maso. 13 Uko ni k’umwigeme wese yabona kuja ku mwami; kand’ iy’ agira aje mu ngoro y’umwami, ico yagomba cose co mu nzu y’abigeme yaragihabga. 14 Yagenda ku kagoroba, akavayo mu gitondo, akaja mu nzu ya kabiri y’abagore, akarindwa na Shayashigazi inkone y’umwami yarinda incoreke z’ intoni; ntiyongera gusubira ku mwami, shit’ iy’ umwami amushimye, akamuhamagaza amutoboye izina. 15 Nukw igihe ca Esiteri kirashika co kujanwa ku mwami. (Esiteri uwo yari mwene Abihayili, se wabo wa Moridekayi, Moridekayi umwe nyene yamurera nk’ umwana wiwe.) Ico gihe gishitse co kujanwa ku mwami, ntiyagira ico yaka, atar’ ivyo Hegayi yamugereye, ari we nkone y’umwami yarinda abigeme; kandi Esiteri yashimwa n’abāmubona bose. 16 Nuko mu kwezi kw’icumi, ni kwo kwitwa Tebeti, mu mwaka ugira indwi umwami Ahasuwerusi ari ku ngoma, Esiteri ajanwa mu ngoro ku mwami Ahasuwerusi. 17 Nuk’ umwami agomwa Esiteri, amurutisha abamikazi bose, na we arakundwakara, aba intoni mu nyonga ziwe kuruta za nkumi zose; bituma amwambika igitsibo c’ubgami mu mutwe, amugira umwamikazi mu gishingo ca Vashiti. 18 Maz’ umwami atumirira abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe amazimano akomeye; kand’ ayo mazimano yari kubga Esiteri; ibihugu abiharira ikori, agaba ingabire, nk’ukw ikiganza ciza c’umwami cari kiri. 19 Nuko bongeye gukoranya inkumi ubugira kabiri, Moridekayi yari yicaye ku kirimba i bgami. 20 Kandi Esiteri ntiyaribgaserure umuryango wabo cank’ ubgoko bgabo ubg’ ari bgo, nk’uko Moridekayi yari yaramwihanikirije; kuko Esiteri yahora yumvira Moridekayi mu vyo amubarira, nk’uko yamwumvira akimureze. Moridekayi abūrira Esiteri inama z’abagomba kuyoba 21 Mur’ iyo misi, Moridekayi yari yicaye ku kirimba i bgami, babiri bo mu nkone z’umwami, Bigitana na Tereshi, bo mu barinda umuryango, barashungumirwa, barondera ingene bokwica umwami Ahasuwerusi. 22 Iyo nama imenywa na Moridekayi; abibarira umwamikazi Esiteri; Esiteri na we abibarira umwami atumwe na Moridekayi. 23 Ivyo babisuzumye, basanze ari ko biri, abo bompi babamanika ku giti; maz’ ivyo vyandikirwa imbere y’umwami mu gitabo kidonda ibigenda biba ku ngoma yiwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi