Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Daniyeli 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Daniyeli yatura ivyaha vy’ubgoko bgabo; asabira Yerusalemu

1 Mu mwaka Dariyo mwene Ahasuwerusi wo mu ruvyaro rw’Abamedi yimyemwo, yimitswe kuba umwami w’igihugu c’Abakaludaya,

2 mur’ uwo mwaka wa mbere ari ku ngoma, jewe Daniyeli namenyeshejwe n’ibitabo igitigiri c’imyaka Yerusalemu hazomara ar’ imisaka, kw ar’ imyaka mirongwirindwi, ari yo nyene ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugishije Yeremiya.

3 Mpanga amaso Umwami Imana, kugira ngo niyegurire gusenga no gutakamba, nisonzesha, nambaye amagunira, nīsīze umunyota.

4 Nsenga Uhoraho Imana yanje, ndātura, nti Bgirukiro Mana nkuru y’igitinyiro, wewe wama ushitsa isezerano, ukagirira imbabazi abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe:

5 twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi, twaragararije, twaratambamye tuva ku mateka washinze no ku vyo wageze.

6 Ntitwumviye abasavyi bawe, ari bo bavugishwa nawe, bāvuga mw izina ryawe babarira abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu n’abantu bose bo mu gihugu.

7 Bgirukiro, ukugororoka n’ukwawe, ariko tweho mu maso hacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, nk’uko bimeze mur’ iyi misi ku bagabo b’i Buyuda, no ku baba i Yerusalemu, no ku Bisirayeli bose, abari hafi n’abari kure, basanzaye mu bihugu vyose wabirukaniyemwo, kuko bagusohoye.

8 Bgirukiro, tweho mu maso hacu, twe n’abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, kuko twagucumuyeko.

9 Umwami Imana yacu ni we afise imbabazi no guharira ivyaha, naho twamugararije,

10 ntitwumvire Uhoraho Imana yacu, ngo tugendere mu vyagezwe na we yadushize imbere, abirungikanye abasavyi biwe, ari bo bavugishwa na we.

11 Ni koko, Abisirayeli iyo bava bakagera bacumuye ku vyagezwe nawe, baratambama ngo ntibumve ijwi ryawe; ni co catumye dusukwamw’ umuvumo, bo n’indahiro vyari vyaranditswe mu vyagezwe vya Mose umusavyi w’Imana, kuko twayicumuyeko.

12 Maz’ ishitsa amajambo yayo yatuvuzeko twe n’abacamanza bacu bātuganza, aho yaduteza ivyago vy’ ubugesera; kuko musi y’ijuru hose ata higeze kugirirwa nk’uko Yerusalemu hāgiriwe.

13 Ivyo vyago vyose vyadushitseko nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose; yamara nta ho twinginze Uhoraho Imana yacu ngw idutunge, canke ngo tureke n’ibigabitanyo vyacu, ngo tumenye ivy’ ukuri kwayo.

14 Ni co catumye Uhoraho ashira umutima kur’ ivyo vyago, akabiduteza; kuk’ Uhoraho Imana yacu ari yo igororoka mu bikorwa vyayo vyose ikora; ariko twebge ntitwumviye ijwi ryayo.

15 Kandi ga Bgirukiro Mana yacu, wewe wakūje abantu bawe mu gihugu ca Egiputa ukuboko gukomeye, ukīgira rurangiranwa nk’ uko bikimeze n’uyu musi; tweho twaracumuye, twakoze nabi.

16 Bgirukiro, ndakwinginze, kubg’ ukugororoka kwawe kwose, kūra uburake bgawe bg’inkazi ku murwa wawe Yerusalemu umusozi wawe wera; kuko kubg’ ivyaha vyacu n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza bacu, Yerusalemu n’abantu bawe vyahindutse agatukisha ku badukikije bose.

17 None rero, Mana yacu, umve se ugusenga kw’umusavyi wawe n’ugutakamba kwiwe, kandi kubgawe Mwami umurikishirize mu nyonga hawe ahēra hawe habaye imisaka.

18 Ewe Mana yanje, banga ugutwi kwawe wumve, ni wihwezeshe inyonga zawe witegereze ubugesera bgaduteye, n’umurwa witirirwa izina ryawe, kukw ivyo tugutakambiye, tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bgacu, ariko ni kubg’ imbabazi zawe nyinshi.

19 Bgirukiro wumve; Bgirukiro uharire; Bgirukiro utege ugutwi ugire ico wokora, ntutebe; bibe kubgawe, Mana yanje, kuk’ umurwa wawe n’abantu bawe vyitirirwa izina ryawe.


Ivy’ amayinga mirongwirindwi

20 Nuko nkivuga, nsenga nātura icaha canje n’ic’ ubgoko bgacu bg’Abisirayeli, kandi ngitakambira Uhoraho Imana yanje umusozi wayo wera;

21 nkiriko ndavuga nsenga, wa mugabo Gaburiyeli nabonye mu vyo nabanje kwerekwa, aratumwa aguruka n’ingoga, anyegēra nko mu gihe co gutanga ikimazi ca ni kera.

22 Ambgira antahuza, ati Daniyeli, ubu nzanywe no kukwungura ubgenge.

23 Ugitangura gutakamba hacuwe ijambo, kandi nzanywe no kurikubarira, kuk’ ur’ umukundwa cane; nukw iryo jambo uryiyumvire cane, utahure n’ivyo weretswe.

24 Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.

25 Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.

26 Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.

27 Kand’ azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokūrah’ ibimazi n’amashikanwa; ūgeseza azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ ubuyobe buzosukwa kur’ uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan