Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Daniyeli 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Daniyeli arota ibikōko bine

1 Mu mwaka wa mbere Belushaza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Daniyeli yarose inzozi, abona ivyo yerekewe mu mutwe, ari ku buriri bgiwe. Maze yandika ivyo yarose, arobanuramw’ ingingo zavyo zikomeye.

2 Nuko Daniyeli aravuga, ati Mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya, mbona imiyaga ine yo mu kirēre isenyeranira ku kiyaga kinini.

3 Mur’ ico kiyaga hiburukamw’ ibikōko binini bine bidasangiye ubgoko.

4 Ica mbere casa n’intambge, kandi cari gifise amababa nk’ay’ inkukuma; ndacitegereza, gushitsa ah’ ivyubi vyaco bihanyuwe, gikūrwa hasi, gihagarikwa ku maguru, cēma nk’umuntu, kandi gihabga umutima nk’uw’ umuntu.

5 Ndongera mbona ikindi gikōko ca kabiri gisa n’icitwa idubu; cari gihengarariye uruhande rumwe, cari gifashe amagufa atatu y’ imbavu mu kanwa, mu mihāha yaco. Barakibgira, bati Va hasi urye inyama nyinshi.

6 Hanyuma y’ivyo mbona ikindi gikōko gisa n’ingwe; mu mbavu zaco cari gifise amababa ane, nk’ay’ igisīga; kand’ ico gikōko cari gifise imitwe ine; gihabga inganji.

7 Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi.

8 Nitegereje ayo mahembe, mbona muri yo hameze akandi gahembe gatoya. Imbere yako hakūrwa amahembe atatu mu yar’ asanzwe. Maz’ ako gahembe nkabonakw amaso asa n’ay’ umuntu, n’akanwa kavuga ibihambaye.


Daniyeli abona Uwa mbere na mbere anesha vya bikōko

9 Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah’ intebe z’ubgami; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kand’ umushatsi wiwe wasa n’ubgoya bg’intama yera derere; intebe y’ubgami bgiwe yari nk’ibirimi vy’umuriro, kand’ amakurudumu yayo yari nk’umuriro waka.

10 Uruzi rw’ umuriro rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’ amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa.

11 Naritegereje ico gihe kubg’ ijwi rya ya magambo yo kwihayagiza ka gahembe kāvuga; nkiriko nditegereza, ca gikōko kiricwa, umuvyimba waco uraherengetera, utābga mu muriro urayigira.

12 Kandi na vya bikōko bindi, inganji yavyo birayakwa: ariko vyongerwa ukubaho gushitsa igihe kinaka.

13 Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.

14 Aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.


Daniyeli asobanurirwa inzozi yarose

15 Maze jewe Daniyeli, umutima untunturiramwo, uhagarikwa n’ ivyo nabonye nerekewe mu mutwe.

16 Nuko nēgēra umwe mu bari bahagazeho, ndamwinginga ngw ambarire ivy’ ukuri vyo mur’ ivyo vyose; arabimbgira, ammenyesha uko bisobanurwa.

17 At’ Ivyo bikōko binini ukw ari bine, ni bo bami bane bazokwaduka bazukurutse mw isi.

18 Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.

19 Maze nca nifuza kumenya ivy’ ukuri vy’igikōko ca kane cari gifise itandukaniro na vya bindi vyose, kigatera ubgoba butavugwa, gifise imihāha y’ivyuma n’ ivyāra vy’imiringa, cātabagura kikajanjanga, ibisigaye kikabisiribangisha amajanja yaco.

20 Kandi nifuza kumenya ivya ya mahembe cumi yari mu mutwe waco, n’ivya rya rindi ryamera, rigatembagaza ya yandi atatu, ni ryo rya hembe ryari rifise amaso, n’akanwa kihayagiza, ryaboneka kw ari rinini kurusha ayandi magenzi yaryo.

21 Maze nitegereje mbona iryo hembe rirwanya abera, rirabanesha,

22 gushitsa Uwa mbere na mbere aje, atsindishiriza abera b’Īsumba vyose; nukw igihe kirashika, abera begukira ubgami.

23 Maze wa wundi arambarira, at’ Ico gikōko ca kane kizoba ubgami bga kane kw isi, kandi buzoba bufise itandukaniro n’ubundi bgami bgose, buzotabagura isi yose, buyisiribange, buyijanjange.

24 Kandi ku vy’ayo mahembe cumi, mur’ ubgo bgami hazokwadukamw’ abami cumi; maze mu nyuma zabo hazoza uwundi mwami; ariko we azogira itandukaniro n’aba mbere, kand’ azonesha abami batatu.

25 Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.

26 Arikw imanza zizoshingwa, bamwake ingoma yiwe, bayikombore, bayihenebereze, gushitsa ku muhero.

27 Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.

28 Ayo majambo agarukiye aho. Ariko jewe Daniyeli ivyiyumviro vyanje bimpagarika umutima, mu maso hanje harahindurira; arikw ayo majambo ndayabīka mu mutima wanje.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan