Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Daniyeli 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Daniyeli atererwa mu rwobo rw’intambge

1 Maze Dariyo abona kw ari vyiza kugabanganya igihugu abaganwa ijana na mirongwibiri, ngo bakwire igihugu cose.

2 Kand’ ashira hejuru yabo abakuru batatu bo kubaganza, umwe muri bo yari Daniyeli; kwar’ ukugira ngw abo baganwa babashikirize ivyo bātoje, ng’ umwami ntagire ico ahomba.

3 Maze Daniyeli aba agakomeye kuruta abandi bakuru n’abaganwa, kuko yarimw’ ubgenge bg’agahebuza; mber’ umwami yiyumvira kumwegurira kuganza igihugu cose.

4 Maze ba bakuru n’abaganwa baherako barondera urwitwazo rw’ ico borega Daniyeli ku vy’igihugu; ariko bamuburak’ urwitwazo na rumwe cank’ igitiriganye; kuko yar’ umwizigirwa, ntabonekekw amafuti cank’ igitiriganye na kimwe.

5 Bukeye abo bagabo baravugana, bati Nta rwitwazo tuzoronka kuri Daniyeli, shiti tururonse mu vy’ivyagezwe vy’Imana yiwe.

6 Nukw abo bakuru n’ abaganwa bakondorera ku mwami Dariyo, baramubgira, bati Mwami nyaguhoraho;

7 abakuru bose b’igihugu, n’ivyēgēra vyawe, n’ abaganwa n’abacamanza n’abagabisha, bagiye inama ngo hashingwe icagezwe cawe, no gushirah’ icihanikirizo gihambaye, ngo kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba, cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, az’ atererwe mu rwobo rw’intambge.

8 Nuko rero, mugenzi, shinga ico cihanikirizo, wisinye ku candiko caco, kugira ngo coye kuzohindurwa, nk’ukw ivyagezwe vy’Abamedi n’Abaperesi bidahinduka.

9 Nuk’ umwami Dariyo asinya ku candiko c’ico cihanikirizo.

10 Maze Daniyeli amenye kw ico candiko casinyweko, aja i we; kand’ amadirisha y’inzu yiwe yerekeye i Yerusalemu yama yuguruye; akomeza gupfukama gatatu‐gatatu ku musi, asenga Imana yiwe ayikengurukira, nk’uko yar’ asanzwe abigenza.

11 Bukeye ba bagabo barakondora, basanga Daniyeli asenga Imana yiwe, ayinginga.

12 Baraza bavugira imbere y’umwami ivya ca cihanikirizo ciwe, bati Mbega ntiwasinye ku cihanikirizo washinze, yuko kumara imisi mirongwitatu umuntu wese azogira imana n’imwe asaba cank’ umuntu n’umwe, atari wewe, mugenzi, azotererwa mu rwobo rw’intambge? Umwami arabishura, ati Narabishinze koko, nk’ukw ivyagezwe vy’Abamedi n’ Abaperesi bishingwa ntibihinduke.

13 Baca bishura umwami, bat’ Ariko Daniyeli we wo mu banyagano b’Abayuda, ntaruha akubara, mugenzi, canke ca cihanikirizo wasinyeko, arikw asenga gatatu‐gatatu ku musi.

14 Maz’ umwami yumvise iryo jambo biramutuntuza, ashira umutima kuri Daniyeli kugira ngw amukize; yihambirira ku vyo kurokora Daniyeli gushitsa izuba rirenze.

15 Ba bagabo bongera gukondorera ku mwami, baramubgira, bati Mugenzi, umenye kw ar’icagezwe c’ Abamedi n’Abaperesi ngo nta cagezwe cank’ ibgirizwa umwami yashinze vyohinduka.

16 Nuk’ umwami apfa kubigera, bazana Daniyeli, bamuterera mu rwobo rw’intambge. Maz’ umwami abgira Daniyeli, at’ Imana yawe wama ukorera iragukiza.

17 Maze bazana ikibuye, bacubika ku munwa w’urwobo, bagihomakw ishashara, ayidomamw’ ikimenyetso ciwe bgite, n’ikimenyetso c’ abaganwa biwe, kugira ngo ntihagire igihindurwa mu vya Daniyeli.

18 Nuk’ umwami asubira mu ngoro yiwe, akesha ijoro adafūnguye, ata n’ivyo kumunezereza bamuzanira; ntiyaruha agoheka.

19 Ijoro rikeye mu mutwenzi umwami aravyukuruka, agenda yihuta aja kuri rwa rwobo rw’intambge.

20 Ashitse hafi ya rwa rwobo Daniyeli yarimwo, ahamagara n’ijwi ry’umubabaro, abaza Daniyeli, ati Yewe Daniyeli musavyi w’Imana nzima, mbeg’ Imana yawe ukorera na ntaryo yashoboye kugukiza izo ntambge?

21 Maze Daniyeli yishura umwami, ati Mugenzi nyaguhoraho,

22 Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge, nta co zankozeko; kuko nabonetse imbere yayo ntagira igicumuro, kandi nawe, mugenzi, nta kibi nakugiriye.

23 Maz’ umwami aca aranezerwa cane, avuga ko bakūra Daniyeli muri rwa rwobo. Nuko Daniyeli akūrwa mu rwobo, nta n’agakwabu kabonetse kuri we, kuko yari yizigiye Imana yiwe.

24 Maz’ umwami avuga ko bazana ba bagabo bāreze Daniyeli; babaterera muri rwa rwobo rw’intambge, bo n’abana babo n’abagore babo; zibasamira mu kirēre zibajanjagurana n’amagufa yabo, batarushe bashika no hasi mu rwobo.

25 Nuk’ umwami Dariyo yandikira amoko yose n’amahanga n’ abavuga indimi zitari zimwe baba mw isi yose, at’ Amahoro agwire muri mwebge!

26 Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.

27 Ni yo irokora igakiza, ikora ibimenyetso n’ibitangaza mw ijuru no mw isi, kandi ni yo yakūye Daniyeli mu menyo y’intambge.

28 Nuko ku ngoma ya Dariyo no ku ngoma ya Kuro Umuperesi, Daniyeli agira ikiganza ciza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan