Daniyeli 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Izindi nzozi za Nebukadineza 1 Jewe umwami Nebukadineza ndabandikiye, moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe mwese, muri kw isi yose: amahoro agwire muri mwebge. 2 Mbonye kw ari vyiza guserura ibimenyetso n’ibitangaza Imana isumba vyose yankoreye. 3 Es’ ukuntu ibimenyetso vyayo ar’ ibikomeye, n’ibitangaza vyayo ar’ ibihambaye! Ubgami bgayo n’ ubgami butazoshira, kand’ ingoma yayo izohangama ukw ibihe bikūranwa. 4 Jewe Nebukadineza nari ngaho ngazagaza mu nzu yanje, ndibamye mu nzu y’ubgami. 5 Ndota inzozi zintera ubgoba; ivyiyumviro nagize ndi ku kirwa, bo n’ivyo nerekewe mu mutwe bimpagarika umutima; 6 kubg’ ivyo mpamagaza abanyabgenge bose b’i Babuloni, kugira ngo bammenyeshe izo nzozi uko zisobanurwa. 7 Abanyamarēba n’abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi bararenguka: mbarotorera izo nzozi, ariko ntibāmmenyesha uko zisobanurwa. 8 Arik’ ubuheruka hinjira Daniyeli, ari we Beluteshaza nk’uko yitiriwe izina ry’imana yanje, ni we arimw’ impwemu z’imana zera; ndamurotorera inzozi zanje, 9 nti Yewe Beluteshaza, umukuru w’abanyamarēba, ko nzi kw impwemu z’imana zera ziba muri wewe, kandi kw ata banga rikunanira, enda mbarira ivyo neretswe mu nzozi zanje ivy’ ari vyo, n’uko bisobanurwa. 10 Ivyo nerekewe mu mutwe ndi ku kirwa n’ibi: Nagize ntya, mbona igiti c’inganzamarumpu gitabamye mw isi hagati. 11 Ico giti kirakura, kirakomera, ubushorishori bgaco bushika kw ijuru, kibonwa n’abo ku mpera y’isi yose. 12 Ibibabi vyaco vyari vyiza, kandi cari gitengengeye ibiribga vyinshi, kikabakw ivyo guhāza ibiriho vyose; ibikōko vyo mw ishamba vyugama mu gitūtu caco, ibiguruka mu kirēre vyārika mu mashami yaco, kand’ ivyari n’ubugingo vyose vyatungwa na co. 13 Maze mu vyo nerekewe mu mutwe ndi ku kirwa, ngize ntya mbona umushibamyi kandi yar’ uwera amanuka ava mw ijuru, 14 asemerera n’ijwi rirenga, ati Ni wīcire ico giti, ugikokore amashami, ugihungurure amababi, usābagize ivyo camye: ibikōko bikive musi, kandi n’ibiguruka bive mu mashami yaco. 15 Arikw igishitsi ukirekerane n’imizi yaco mu kuzimu, ugihambirize ivyuma n’imiringa, gisigare mu vyatsi bitoto vyo ku musozi; kandi kize gitondweko n’urume ruva mu kirēre, kirishanye n’ibikōko ivyatsi bimeze kw isi; 16 kand’ umutima waco ntube ukiba uw’ umuntu, ariko gihabge umutima w’igikōko; ibihe ndwi bigikūranirweko. 17 Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose. 18 Izo nzozi ni jewe umwami Nebukadineza nazirose; nuko rero Beluteshaza, enda vuga uko zisobanurwa, kw abanyabgenge bose bo mu gihugu canje badashoboye kummenyesha uko zisobanurwa; ariko weho urabishobora, kukw impwemu z’imana zera ziri muri wewe. Daniyeli asobanurira umwami inzozi ziwe 19 Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe. 20 Ico giti wabonye gikura kigakomera, ubushorishori bgaco bugashika kw ijuru, kikabonwa n’abo ku mpera y’isi yose, 21 kand’ ibibabi vyaco vyari vyiza, kikaba cari gitengengeye ibiribga vyinshi, kandi kikabakw ivyo guhāza ibiriho vyose, kand’ ibikōko vyo mw ishamba bikugama musi yaco, ibiguruka mu kirēre bikārika mu mashami yaco; 22 ico giti ni wewe, mugenzi; warakuze, urakomera, kuk’ ubukuru bgawe bgakuze bugashika kw ijuru, n’inganji yawe igashika ku mpera y’isi. 23 Kandi mwami, nk’uko wabonye umushibamyi kandi yar’ uwera amanuka ava mw ijuru, ati Ni wīcire ico giti ugicagagure, arikw igishitsi ukirekerane n’imizi yaco mu kuzimu, ugihambirize ivyuma n’ imiringa, gisigare mu vyatsi bitoto vyo ku musozi, kize gitondweko n’urume ruva mu kirēre, kirishanye n’ibikōko vyo mw ishamba, gushitsa ibihe ndwi bigikūranirwako: 24 nuko, uku ni ko bisobanurwa, mugenzi, kandi n’ icagezwe c’Īsumba vyose kigushitseko, mwami wanje nyen’ ingoma: 25 ng’ Uzokwirukanwa mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba, uzorisha nk’inka, uzotondwako n’urume ruva mu kirēre, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’ abantu, ikabugabira uwo igomba wese. 26 Kandi nk’uko bāgeze kw igishitsi n’imizi vy’ico giti birekerwaho, ni k’ubgami bgawe buzogumaho ar’ ubgawe, gushitsa umaze kumenya kw ijuru ari ryo riganza. 27 None mugenzi, wemere inama nkugīra; reka ivyaha vyawe ukore ibigororotse, kand’ ureke ibigabitanyo vyawe ugirire akagongwe impahazwa; kugira ngo kumbure kuroranirwa kwawe kube kuramaze kabiri. Ivyo umwami yarose ingene vyamushitseko 28 Nukw ivyo vyose bishika ku mwami Nebukadineza. 29 Hashize amezi cumi n’abiri yarikw aranobanga mu rugo rwiwe i Babuloni. 30 Umwami aravuga, ati Mbeg’ aha si Babuloni hahambaye aho niyubakiye ngo habe umurwa wanje niberako, mpubakishije inkomezi z’ububasha bganje, ngo hatere igitinyiro canje icubahiro? 31 Iryo jambo umwami akirikūra mu kanwa, haza ijwi rivuye mw ijuru, riti Yewe mwami Nebukadineza, ni wewe ubarirwa; ubgami ubukūwemwo. 32 Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese. 33 Maz’ ako kanya iryo jambo riba kuri Nebukadineza: yirukanwa mu bantu, asigara arisha nk’inka, umubiri wiwe utondwako n’urume ruva mu kirēre, gushitsa ah’ umushatsi wiwe wabereye ikigunda nk’amoya y’inkukuma, n’inzāra ziwe zihinduka nk’iz’ ibisīga. 34 Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa. 35 Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki? 36 Nuk’ uwo mwanya ubgenge bganje buragaruka, ubgiza bg’ubgami bganje n’igitinyiro canje, n’ugukayangana kw’ ivy’ icubahiro canje bingarukako. Maz’ abajanama banje n’abaganwa banje bansubizak’ umutima; ndaheza ntsimbatazwa mu bgami bganje, nongerwa ububasha buhambaye. 37 Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi