Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Daniyeli 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Inzozi za Nebukadineza zinanira abapfumu kuzimenya

1 Mu mwaka ugira kabiri Nebukadineza ari ku ngoma, yarose inzozi; nukw ahagarika umutima, itiro ryiwe riraguruka.

2 Umwami aca ahamagaza abanyamarēba n’abapfumu n’abarozi n’Abakaludaya, ngo bamubarire inzozi ziwe. Nuko bararenguka, bahagarara imbere y’umwami.

3 Umwami arababgira, ati Narose inzozi, mpagaritse umutima wo kuzimenya.

4 Maz’ Abakaludaya bishura umwami mu rurimi rw’igisiriya, bati Mugenzi nyaguhoraho, uturotorere izo nzozi, twebge abasavyi bawe, duheze tukumenyeshe uko zisobanurwa.

5 Nuk’ umwami yishura Abakaludaya, ati Vyamvuyeko: kandi ni mutammenyesha izo nzozi n’ingene zisobanurwa, muzohimbagurwa, kand’ ingo zanyu zizosigara ar’ amatongo.

6 Ariko ni mwadondōra izo nzozi n’ingene zisobanurwa, nzobagabira, mbatasure, mbahe icubahiro cinshi: nuko rero ni mundondōrere izo nzozi n’ingene zisobanurwa.

7 Bamwishura ubugira kabiri, bati Mwami n’uturotorere izo nzozi, twebge abasavyi bawe, natwe duheze tukumenyeshe uko zisobanurwa.

8 Umwami arabishura, ati Ndumva rwose ko mushaka kwīcīra inzira, kuko mubonye ko vyamvuyeko.

9 Ariko ni mutammenyesha izo nzozi, igihano muzohanwa ni kimwe; kuko mwagiye ingingo yo kumbarira amagambo y’ibinyoma n’ubuhumvyi, ngw ejo buzocana ayandi. Nuko rero ni mumbgire izo nzozi, mpeze mmenye ko mushobora no kuzinsobanurira.

10 Maz’ Abakaludaya bishura umwami, bati Mwami, nta muntu n’umwe wo kw isi yoshobora kukumenyesha iryo jambo; kukw ata mwami cank’ umuganwa cank’ umutware yigeze gusobanuza umunyamarēba n’umwe cank’ umupfumu cank’ Umukaludaya ben’ iryo jambo.

11 Ico utugobererako kiragoye, kandi nta wundi ariho yoshobora kucerekana imbere yawe, mwami, atar’ imana, na zo ntizibana n’abafise umubiri.

12 Ivyo bitera umwami kuraka, arashangashirwa rwose, agera ko bageseza abanyabgenge b’i Babuloni bose.

13 Nuko birashingwa ngw abanyabgenge ni bicwe; baja kurondera Daniyeli na bagenzi biwe ngo bicwe.

14 Maze Daniyeli abgirana Ariyoki umukuru w’abashibamyi b’umwami ubgenge n’ukwitonda; ni we yari yagomowe kwica abanyabgenge b’i Babuloni.

15 Abaza Ariyoki umushibamyi w’umwami, at’ Igituma habaye icagezwe c’ikibiriraho kivuye ku mwami n’iki? Nuko Ariyoki abimenyesha Daniyeli ivy’ ari vyo.

16 Maze Daniyeli arinjira, asaba umwami ngw amuhe igihe az’ aze kumumenyesha uko bisobanurwa.


Imana imenyesha Daniyeli izo nzozi

17 Nuko Daniyeli aja i we, abimenyesha bagenzi biwe, Hananiya na Mishayeli na Azariya,

18 kugira ngo basabe Imana yo mw ijuru, ibagirire imbabazi, ibamenyeshe ayo mabanga, kugira ngo Daniyeli na bagenzi biwe ntibagesezanywe n’abandi banyabgenge b’i Babuloni.

19 Nuko Daniyeli ahishurirwa ayo mabanga, avyerekwa nko mu nzozi mw ijoro. Maze Daniyeli atazira Imana yo mw ijuru.

20 Daniyeli aravuga, at’ Izina ry’Imana riragahimbazwa ibihe bitazoshira, kuk’ ubgenge n’ubushobozi ar’ ivyayo:

21 ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;

22 ni yo ihishura ivy’ amabanga y’iyo bihera; ni yo izi ibiri mu mwiza, kand’ umuco ubana na yo.

23 Ndagukengurukiye, ndaguhimbaza, wewe Mana ya ba sogokuruza, umpaye ubgenge n’ubushobozi, ummenyesheje ivyo twagusavye: kuk’ utumenyesheje ivyo umwami agomba.

24 Nuko Daniyeli yinjira kwa Ariyoki, uwo umwami yari yageze kugeseza abanyabgenge b’i Babuloni; aramubgira, ati Ntugeseze abanyabgenge b’i Babuloni: enda nshikiriza umwami, ndamumenyeshe uko bisobanurwa.


Daniyeli asobanurira umwami inzozi ziwe

25 Nuko Ariyoki aca yinjirana Daniyeli amushikiriza umwami, aramubgira, ati Mbonye umuntu wo mu banyagano b’Abayuda, arakumenyesha ukw izo nzozi zisobanurwa, mugenzi.

26 Umwami abaza Daniyeli, ari we Beluteshaza, ati Mbeg’ urashobora kummenyesha inzozi narose, n’ingene zisobanurwa?

27 Daniyeli yishura umwami, at’ Ibanga wasobanuza nta banyabgenge boshobora kurikumenyesha mwami, cank’ abapfumu cank’ abanyamarēba cank’ abamenyi;

28 ariko mw ijuru har’ Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yakumenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza, mugenzi. Inzozi zawe n’ivyo werekewe mu mutwe uri ku kirwa vyar’ ibi:

29 nukw ivyawe, mugenzi, ivyiyumviro vyaje uri ku kirwa, vy’ibizoba mu gihe kizoza: Īhishura amabanga ni yo ikumenyesheje ibizoba.

30 Ariko jewe ubganje, iryo banga sinarimenyeshejwe n’uko mfise ubgenge kuruta umuntu wese mu bakiriho; ariko n’ukugira ng’ umenyeshwe uko bisobanurwa, utahure n’ivyiyumviro vyo mu mutima wawe, mugenzi.

31 Nuko mugenzi, wabonye igishushanyo kinini; ico gishushanyo gihambaye, gikayangana birenze urugero, cari gihagaze imbere yawe; kand’ ishusho yaco yar’ iteye ubgoba.

32 Ico gishushanyo, umutwe waco war’ izahabu nziza, kand’ igikiriza n’amaboko vyar’ ifeza, inda n’ibibero vyar’ imiringa,

33 amaguru yar’ ivyuma, ibirenge vyar’ ikivange c’ivyuma n’ibumba.

34 Nawe uravyitegereza, ushitsa ah’ ibuye ryaziye, ridasituwe n’amaboko, ryikubita ku birenge vy’ivyuma n’ibumba vy’ico gishushanyo, rirabimenagura.

35 Nukw icuma n’ibumba n’umuringa n’ifeza n’izahabu bica bimenagurikira rimwe, bicika nk’umuguruka wo ku mbuga basekurirako mu ci; umuyaga urabitumura, maz’ aho vyahora ntihaba hakiboneka: maz’ iryo buye ryikubise kur’ ico gishushanyo ricika umusozi munini, ryuzura isi yose.

36 Nuko, inzozi n’izo; kandi turakumenyesha mwami ingene zisobanurwa.

37 Nuko mugenzi, wewe ur’ umwami aganza abami; Imana yo mw ijuru yaguhaye ubgami n’ububasha n’inganji n’icubahiro;

38 kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.

39 Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.

40 Arik’ ubgami bga kane buzokomera nk’icuma: kukw ivyuma ari vyo bimenagura ibintu vyose, bikabijanjagura; kandi nk’ukw ivyuma bifyonyora ivyo vyose, ni k’ubgo bgami buzomenagura bukajanjagura burtyo.

41 Kandi nk’uko wabonye ibirenge n’amano ar’ ikivange c’ibumba n’ivyuma, ni k’ubgo bgami buzoba ubgami butandukanye; muri bgo hazoba inkomezi nk’iz’ ivyuma, nk’uko wabonye ivyuma bivanze n’ibumba.

42 Kandi nk’ukw amano yar’ ikivange c’ivyuma n’ibumba, ni k’ubgo bgami buzomera: igice kimwe kizokomera, ikindi kibe urujo.

43 Kandi nk’uko wabonye ivyuma bivanze n’ibumba, ni ko bazokwābīrana n’abandi bantu: ariko ntibazofatana, nk’ukw ivyuma bitavangika n’ibumba.

44 Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.

45 Uko wabonye ibuye ryasituwe ku musozi ata maboko arisituye, rikamenagura ivyuma n’imiringa n’ibumba n’ifeza n’izahabu, nuko mugenzi, Imana ihambaye yakumenyesheje ibizoba mu gihe kizoza; kand’ izo nzozi n’iz’ ukuri, insobanuro yazo ntizohinduka.

46 Maz’ umwami Nebukadineza aca yikubita hasi, apfukamira Daniyeli, avuga ko bamucumitira ikimazi bakamwosereza imibavu.

47 Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.

48 Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni.

49 Maze Daniyeli asaba umwami ngo Shaduraka na Meshaki na Abedunego bamutwarire mur’ ico gihugu c’i Babuloni; ariko Daniyeli aguma i bgami.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan