Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Daniyeli 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imigabo ya Daniyeli na bagenzi biwe

1 Mu mwaka ugira gatatu Yehoyakimu umwami w’Abayuda ari ku ngoma, Nebukadineza umwami w’i Babuloni yaje gutera i Yerusalemu, arahakikiza.

2 Umwami Imana agabura Yehoyakimu umwami w’Abayuda mu maboko yiwe, bo n’ibintu vy’imbombovu bimwe vyo mu ngoro y’Imana, abijana mu gihugu c’i Shinari mu nzu y’imana yiwe; ashira ivyo bintu mu nzu y’ ububiko bg’iyo mana.

3 Nuk’ umwami abarira Ashipenazi, umukuru w’inkone ziwe, kuzana bamwe bo mu Bisirayeli bo mu nda y’ingoma, n’abo mu bapfasoni,

4 b’imisore batagira agasembga, ariko b’indanga, bar’ uburyo mu vy’ubgenge bgose, b’abahanga mu vyo kumenya, b’insorongozi mu vy’ubgenge, kandi babereye gukora i bgami; kugira ngw abigishe inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.

5 Nuk’ umwami agera ingaburo bahabga imisi yose ivuye ku vy’ umwami afūngura, no ku giturire yuhira, kandi ko bagaburirwa imyaka itatu; ngo ni yashira babone gukorera umwami.

6 Nuko muri bo, mu bo mu muryango wa Yuda, hāri Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya.

7 Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.

8 Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.

9 Nukw Imana ituma Daniyeli akundwa n’umukuru w’inkone, amutera imbabazi.

10 Maz’ uwo mukuru w’inkone abgira Daniyeli, ati Ndatinya umwami segaba, yabagereye ingaburo z’ivyo murya n’ivyo munywa; vyomera bite ababonye mwonze mu maso mudasa n’abandi basore b’urunganwe rwanyu? Muzoba muncishije umutwe ku mwami.

11 Nuko Daniyeli aca yinginga umubgiriza, uwo wa mukuru w’inkone yashizeho kurāba ivya Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya,

12 ati Ndakwinginze utugerageze twebge abasavyi bawe imisi cumi, baduhe indya z’insoromano, abe ari zo turya, n’amazi yo kunywa;

13 uheze uze witegereze mu maso hacu no mu maso h’abasore barya ku vyo kurya vy’umwami; maz’ uk’ uzobona bimeze, abe ari k’uzotugenza, twebge abasavyi bawe.

14 Nukw abemerera iryo jambo, abagerageza imisi cumi.

15 Iyo misi cumi ishize, asanga mu maso habo ari heza kandi bayagayaga ku mubiri kurusha abandi basore bose bārya ku vyo kurya vy’umwami.

16 Nuk’ uwo mubgiriza aca abakūra kuri vya vyo kurya bāshingiwe, no ku giturire bāri bakwiye kunywa, abaha indya z’insoromano.

17 Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.

18 Nukw iyo misi igeze umwami yari yarashinze ko babazana, umukuru w’inkone abashikana imbere ya Nebukadineza.

19 Nuk’ umwami aganira na bo, ariko muri bose ntihābonetse ūhwanye na Daniyeli na Hananiya na Mishayeli na Azariya: ni co catumye bagirwa abo gukorera umwami.

20 Mw ijambo ryose ry’ubgenge no kumenya, ico umwami yababaza, yasanga barusha abanyamarēba n’abapfumu bose bo mu gihugu ciwe cose ibihetangabo cumi.

21 Nuko Daniyeli aguma ngaho, gushitsa ku mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan