Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Amosi 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Amosi yerekwa iteka Abisirayeli baciriweko

1 Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ngize ntya, mbona igisimbo c’amatunda ahīshiye.

2 Maz’ arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye igisimbo c’amatunda ahīshiye. Maz’ Uhoraho arambgira, at’ Amateka y’abantu banje b’Abisirayeli arahīshishijwe; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi.

3 Kur’ uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo, ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi: ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere.

4 Ni mwumve ibi, yemwe abagomba gusiribanga abakene, no kumara impahazwa zo mu gihugu,

5 mukavuga, muti Mbeg’ imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishōrera amahonda, cank’ isabato, ngo tubone gutundurura ingano ngo tugure, ngo dutūvye ingero yitwa efa, tugwize shekeli, duhendanishe iminzane y’ibinyoma;

6 ngo dushōre ifeza twigurire abarushwa, dushōre n’inkweto twigurire abakene, ngo dushōre n’ibihumbga vy’ ingano?

7 Uhoraho arahiye ubgiza bga Yakobo, ati N’ukuri nkazokwigera nibagira ivyo bākoze, haba na kimwe!

8 Mbeg’ ivyo ntibizotuma igihugu gihinda agashitsi, abari muri co bose bagacura umuborogo? Kizoteragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura; gisimbagurike, gisubire gihwāmīre nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa.

9 Maze kur’ uwo musi, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzorengesha izuba mu mashōka, nzane ubgirakabiri kw isi hakiri ku murango.

10 Imisi mikuru yanyu nzoyihindura umuborogo, n’indirimbo zanyu zose zicike agacurantimba; kandi bose nzobakenyeza amagunira, imitwe yose imobge inkomvorera; kandi nzobatera umuborogo nk’uwo baborogera umwana w’umuhungu w’ ikinege, amaherezo yavyo abe umusi w’akabonge.

11 Eh’ imisi izoza, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzotēza inzara mu gihugu, ntizoba ar’ inzara y’ivyo kurya cank’ inyota y’amazi, arikw izoba ar’ iyo kwumva amajambo yanje, jewe Uhoraho.

12 Kandi bazonyavuta bakubite ku kiyaga baje ku kindi; bazojarajara bakubite n’i burārūko baje n’i burasirazuba, kugira ngo barondere ijambo ry’Uhoraho, yamara ntibazoribona.

13 Kur’ uwo musi inkumi nziza‐nziza bo n’abasore bazorabikwa n’inyota.

14 Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan