Amosi 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Amosi yerekwa ivyo Imana igabiye gukora 1 Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, yarikw arazana inzige, ibirīra bigitanguye kumera; kand’ ivyo birīra n’ivyāmeze ah’ umwami ahejeje gutemesha. 2 Nuko zimaze kurya ubgatsi bgo mu gihugu, mperako ndavuga, nt’ Ewe Mwami Uhoraho, enda se n’ubahangaze ndakwinginze! Mbeg’ aba Yakobo bokira bate, n’ukuntu ar’ inkehwa? 3 Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati Ntibikibayeho; ni k’Uhoraho yavuze. 4 Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, Umwami Uhoraho yahamagaye umuriro ngw awucishe amateka; ufyeta i bgina hahambaye, kandi wagira utōngōre n’igihugu. 5 Maze mperako ndavuga, nt’ Ewe Mwami Uhoraho, enda se n’urekereho ndakwinginze! Mbeg’ aba Yakobo bokira bate, n’ukuntu ar’ inkehwa? 6 Nuk’ Uhoraho aca arīgarura, ati N’ivyo nyene ntibikibayeho; ni k’Umwami Uhoraho yavuze. 7 Ibi ni vyo yanyeretse: ehe rāba, Umwami Imana yar’ ahagaze i ruhande y’uruzitiro rw’ amabuye rwubakishijwe karisho, afise karisho mu ntoke. 8 Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye karisho. Nuk’ Umwami aravuga, ati Rāba, ngira ndekurire karisho hagati mu bantu banje b’Abisirayeli; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi: 9 kand’ ibitabo aba Isaka bātavye ku mpinga z’imisozi bizosigara bitamāriwe, n’ahantu hēra h’Abisirayeli hazosangangurwa; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nitwaje inkota. Amaziya arega Amosi ku mwami 10 Maze Amaziya umuherezi w’i Beteli atuma kuri Yerobowamu umwami w’Abisirayeli, uti Amosi yagutereye abantu umugararizo mu b’inzu ya Isirayeli: igihugu nta ho cotorana itiro amagambo yiwe n’ukw angana. 11 Kuko Amosi avuga, ngo Yerobowamu azokwicishwa inkota, kandi ngw Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo. 12 Kandi Amaziya atakw abgira Amosi, at’ Ewe kamenyi, enda genda uhungire mu gihugu c’i Buyuda, abe ari ho urīra utwawe, kand’ abe ari ho uvugishirizwa: 13 ariko ntusubire kuvugishirizwa i Beteli ukundi, kukw ari ho har’ ikigabiro c’umwami, bo n’ihorezo ry’igihugu. 14 Maze Amosi yishura Amaziya, ati Sinigeze kuba ūvugishwa n’Imana, canke ngo mbe umwigishwa w’uwo yavugisha, ariko nari nibereye umwungere, nkaba n’umurimyi w’ibiti vy’imisukomora. 15 Maz’ Uhoraho yankūye mu mukuku ndagiye, arambarira, ati Genda ubarire abantu banje b’Abisirayeli. 16 Nuko rero nawe nyene ni wumve ijambo ry’Uhoraho: k’uvuze ngo singire ico mvugishwa ku Bisirayeli, canke ngo singire ijambo nzana ku nzu ya Isaka: 17 nuko rer’ uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umugore wawe azocika maraya mu gisagara, kand’ abahungu bawe n’abakobga bawe bazokwicishwa inkōta, n’itongo ryawe rizogabuzwa umugozi: nawe ubgawe uzogwa mu gihugu cāhumānye, kand’ Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi