Amosi 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ibihano bigerewe abīdibamiye ata co bīnona 1 Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga! 2 Enda ni mugende, mushike i Kaline murābe; muvuyeyo muje i Hamati, ca gisagara gikomeye; muheze mumanuke muje i Gati mu Bafilisitiya: mbeg’ ivyo bisagara har’ ico birusha ino mur’ ubu bgami bgompi? Cank’ igihugu cabo kiruta icanyu mu bunini? 3 Yemwe ko mushira kure umusi mubi, mukīgiza hafi intebe y’umuryano! 4 Bīryāmira ku mariri yakozwe mu mahembe y’inzovu, bakīshanyangira ku misezero yabo, bakīrīra amasuguru y’intama bakūye mu mukuku, n’amashūri anuze; 5 bavugira inanga mu bijandajando, bakībāzira ivyo kuvuza, nka Dawidi; 6 bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu. 7 Nuko ni co gituma bazogenda ar’ aba mbere mu bambukanwa ar’ inyagano, kand’ ibinezaneza vy’abīshanyangira ku misezero bizoshira, 8 ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize. Umwami Uhoraho arirahiye, ati Nanka urunuka ubgibone bg’aba Yakobo, nzinutswe n’ingoro zabo; ni co gituma nzogabura igisagara n’ibirimwo vyose. 9 Naho mu nzu imwe hosigaramw’ abantu cumi, bazopfa. 10 Umuntu ni yaza guterura umuvyimba wa mwene wabo ngw awuturire, agakūra ico kiziga mu nzu, azobaza ūri haruguru mu nzu, ati Har’ ūgisigaye muri kumwe? na we azomwishura, ati Na mba; maz’ uno amubgire, at’ Iyihorerere, kuko tudashobora kuvuga izina ry’Uhoraho! 11 Kukw ehe rāba, Uhoraho aragera, bikaba: inzu nini igacikamw’ ibihengeri, n’inzu ntoya igacika ubunywenywe. 12 Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi, 13 yemwe abahimbarwa n’ikintu kitagira ikimazi, mukavuga, ngo Mbeg’ inkomezi zacu si zo zāduhaye ububasha? 14 Arikw ehe rāba, nzobahagurukiriza ihanga, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize; kandi rizobatunatuna, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku kagezi gaca mu kiyaya Araba. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi