Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Amosi 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana yinginga Abisirayeli ngo bihane

1 Ni mwumve iri jambo ry’agacurantimba mbavuzeko, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli:

2 Inkumi, ari yo Bisirayeli, iguye bukumbi; ntizokwongera kuvyuka ukundi! Irambaraye ngaho mu gihugu c’i wabo, kandi nta wo kuyivyura ariho!

3 Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, at’ Igisagara catabaramw’ igihumbi hazotabaruka ijana, n’icatabaramw’ ijana hazotabaruka icumi mu b’inzu ya Isirayeli.

4 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho abariye inzu ya Isirayeli, at’ Abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho:

5 ariko ntimukabarize i Beteli, canke ngo muje i Gilugali, canke ngo mushike i Beri‐sheba: kukw ab’i Gilugali bazokwambukanwa ar’ inyagano, n’i Beteli hazotītūka.

6 Jewe Uhoraho abe ari jewe musiguza, kugira ngo mubone kubaho; noye kuzosūmira inzu ya Yosefu nk’ umuriro, nkayitongora, i Beteli hataribuboneke uwo kuyizimya.

7 Yemwe abahindura imanza zigacika umururazi, ukugororoka mukagushiburira hasi,

8 Umwe yaremye inyenyeri zitwa Kilimiya na Oriyoni abe ari we mubaza; ni we ahindura igitūtu c’urupfu kigacika agatondo, n’umurango akawuhindura umwiza w’ijoro; ni we ahamagara amazi yo mu kiyaga, akayasendanisha kw isi; Uhoraho ni ryo zina ryiwe;

9 ni we atuma agatikizo gasūmira abanyenkomezi, kagashika no ku bihome bikomeye.

10 Banka ūhanūrira mw ishikiro ry’igisagara, bakazinukwa ūvuga ivy’ ukuri.

11 Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.

12 Kuko nzi ibicumuro vyanyu ingen’ ari vyinshi, n’ivyaha vyanyu ingen’ ar’ ibikomeye, yemwe abahahaza umugororotsi, mukarya ingurire, mukazibiranya abakene mu manza muri mw ishikiro ry’igisagara.

13 Ni co gituma umunyamakenga apfa kwinumira mu gihe nk’ico, kukw ar’ igihe kibi.

14 Ivyiza abe ari vyo mushishikara, ariko s’ibibi, kugira ngo mubone kubaho: ni ho Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azobana namwe, nk’uko mwavyibgira.

15 Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.

16 Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize, ari we Mwami, ati Hazoba amaborogo mu nzira zose z’ibihamo, kandi mu mayira yose bazovuga, bati N’ubuyobe, n’ubuyobe! Bazohamagara n’abarimyi ngo barire, n’abazi gucura intimba ngo baboroge.

17 No mu mirima yose y’imizabibu hazoba amaborogo: kuko nzoba nciye hagati muri mwebge, ni k’Uhoraho agize.

18 Muzobona ibara, yemwe abifuza umusi w’Uhoraho! Mbeg’ uwo musi w’Uhoraho muwugombera iki? Erega n’umwiza s’umuco!

19 Erega ni nk’ah’ umuntu yohunga intambge agahūra n’idubu, canke yokwinjira mu nzu agashinga ukuboko ku rusika, inzoka ikamukomora.

20 Mbeg’ umusi w’Uhoraho ntuzoba umwiza? Mugira ng’uzoba umuco? Mber’ uzoba umwiza w’umuzitanya, utagira n’agaseso.


Imana igaya uburyo Abisirayeli basenga

21 Nzinutswe imisi mikuru yanyu, ndayigaye, kandi simpimbawe na gatoya n’amakoraniro yanyu y’agahebuza.

22 Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ ishimwe, sinzobishirako n’ijisho.

23 Nkūra urwamo rw’indirimbo zanyu mu matwi, kuko ntagomba kwumva guhibongoza kw’inanga zanyu.

24 Arikw imanza ziroranye, reka zisendanishe nk’amazi, n’ukugororoka gusendanishe nk’ uruzi rudahōka.

25 Mbega mwaranzaniye ibimazi n’amashikanwa mu bugaragwa ya myaka ukw ari mirongwine, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?

26 Nuko rero muzorerura Sikuti umwami wanyu, na Kiyuni, inyenyeri yanyu y’ikigirwamana, ari vyo bishushanyo mwironkeye ubganyu.

27 Ni co kizotuma mbambukanisha mur’ inyagano hirya y’i Damasiko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kand’ izina ryanje nd’ Imana Nyen’ ingabo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan