Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Amosi 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana yāgiriza Abisirayeli ko banse kwihana

1 Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!

2 Umwami Uhoraho arahiye ukwera kwiwe, ati Rāba, imisi izobūbīra, bazobatwarisha ivyuma vy’ingobe, n’amasigarira yanyu bazoyatwarisha amagera aroba.

3 Bazobacisha mu vyuho, umugore wese aramirije imbere yiwe; bazobashiburira mw iboma, ni k’Uhoraho agize.

4 Enda ni mwiyizire i Beteli, mucumure, n’i Gilugali, mwirundanirize ibicumuro! Ego me ni mwizanire ibimazi vyanyu uko bukeye, mutange n’ibigiracumi vyanyu ukw imisi itatu ishize!

5 Mutange imitsima yambiwe kw ibimazi vyo gukenguruka, n’ivyo mutanga muvyigombeye ni muvyāmāmaze, mubikwize! Kukw ivyo ari vyo bibahimbara, yemwe Bisirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.

6 Nanje nabahaye kuba ubgūmakanwa mu bisagara vyanyu vyose, no kubura ivyo kurya mu ngo zanyu zose; na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.

7 Ikindi nabimye imvura, mukiyigomba amezi atatu ngo mubone kwimbura; narekuriye imvura mu gisagara kimwe, mu kindi ndayibuza: hamwe ikahagwa, ahandi ntihagwe, hakūma.

8 Nukw abo mu bisagara bibiri canke bitatu bakanyavūtira mu gisagara kimwe kunywa amazi, ntibashire inyota: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.

9 Nabateje kurumvya bo n’ururyi: isinzi ry’ imirima yanyu yakegeswe n’inzige, bo n’inzabibu zanyu, n’imisukoni yanyu, na elayo zanyu: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.

10 Nabateje ikīza nk’icateye muri Egiputa: imisore yanyu nayicishije inkota, nnyaga amafarasi yanyu; natumye umunuko ur’ aho mushagaje ubinjira mu mazuru: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.

11 Nasanganguye ibisagara bimwe vyanyu nko mu gihe jewe Imana nahenebereza Sodomu na Gomora, muba nk’ igishirīra cokowe mu muriro: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.

12 Nuko rero nzokugira ntyo nyene, ewe Isirayeli; kandi ko nzokugira ntyo, itegure guhwana n’Imana yawe, Isirayeli we.

13 Rāba, Umwe yabumvye imisozi, akarema n’umuyaga, akamenyesha umuntu ivyo yiyumvira, agahindura umutwenzi ukaba umwiza, kand’ agatambagira ku mpinga z’imisozi yo mw isi: izina ryiwe yitwa Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan