Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Amosi 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umugani ugana akariho

1 Ni mwumve iri jambo Uhoraho abavuzeko, yemwe Bisirayeli, arivuze ku muryango wose yadūganye, awukūye mu gihugu ca Egiputa,

2 ati Ni mwebge gusa twamenyanye mu miryango yose yo mw isi: ni co gituma nzobahanira ibigabitanyo vyanyu vyose.

3 Mbega babiri bojana bataraganye?

4 Cank’ intambge yokwivugira mu kibira ata co yishe? Umugunza w’intambge wotontomera mw isenga ryawo ata co wafashe?

5 Cank’ inyoni yogwa mu mutego uri hasi, kand’ udatezwe? Umutego woshibuka ata co ufashe?

6 Cank’ inzamba yovugirizwa mu gisagara, abantu ntibakanguke? Canke har’ icago cotera igisagara, Uhoraho atakirekuye?

7 Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.

8 Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?

9 Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!

10 Kuko batazi gukora ibitunganye, ni k’Uhoraho agize, birundaniriza umuryano n’ubgambuzi mu ngoro zabo.

11 Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hazoza abansi, bazota igihugu hagati; bazocobogoza ubuhizi bgawe, ingoro zawe zisahurwe.

12 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’uk’ umwungere yaka intambge amaguru abiri cank’ igice c’ugutwi mu kanwa kayo, ni ko n’Abisirayeli bazorokorwa, bībereye i Samariya bīdibamiye ku misezero, no ku misego y’amahariri ku buriri.

13 Ni mwumve, mwagirize inzu ya Yakobo, ni k’Umwami Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo.

14 Kuk’ umusi nzohanakw Abisirayeli ibigabitanyo vyabo, nzohana n’ibicaniro vy’i Beteli; kand’ amahembe y’igicaniro azocibga atsindwe hasi.

15 Nzosangangura inzu yo kubamwo mu gihe c’ imbeho hamwe n’iyo kubamwo mu gihe c’ubushuhe; kand’ amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu azokomvomvorwa, amazu menshi azohenebēra, ni k’Uhoraho agize.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan