Abanyefeso 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Nuko mwīgāne Imana, nk’abana ikunda. 2 Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n’ikimazi bihabga Imana, umubabge umota neza. 3 Arik’ ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk’uko bibereye abera: 4 cank’ ibiteye isoni, cank’ amagambo y’ubupfu, cank’ ibitwenza bibi, kukw ivyo bitabereye; ikibereye n’ugushima Imana. 5 Kukw ibi mubizi neza, yukw ata mushakanyi, cank’ igihumane, cank’ uwifuza (ni we asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bgami bga Kristo n’Imana. 6 Ntihakagire umuntu abahendesha amagambo y’ubusa: kukw ivyo ari vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa. 7 Nuko ntimugafatanye na bo; 8 kuko kera mwar’ umwiza, none mukaba mur’ umuco mu Mwami wacu: mugende nk’abana b’umuco, 9 kukw imbuto y’umuco iboneka mu ngeso nziza zose no mu kugororoka no mu kuri. 10 Mumenye neza ibihimbara Umwami wacu, 11 kandi ntimugafatanye n’ibikorwa birumvye vy’umwiza, ariko cane‐cane mubiserure, 12 kukw ibikorwa na bo mu mpisho biteye isoni no kubivuga. 13 Ariko vyose, iyo bishizwe ahabona, bigaragazwa n’umuco, kukw ikigaragazwa cose ar’ umuco. 14 Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira. 15 Nuko mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, 16 mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi. 17 Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’ Umwami wacu agomba ivy’ari vyo. 18 Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu. 19 Mubgirane zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmba, mucurarangira Umwami wacu mu mitima yanyu; 20 Imana, Data wa twese, muyishimire vyose imisi yose, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo. 21 Mugamburukanire, kuko mwubashe Kristo. Umubano wo mu rugo rw’Abakristo 22 Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu. 23 Kuk’ umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’ umutwe w’ishengero, akaba Umukiza waryo, ari wo mubiri wiwe. 24 Ariko nk’ukw ishengero rigamburukira Kristo, abe ari kw abagore bagamburukira abagabo babo muri vyose. 25 Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura, 26 ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo, 27 ngw aryīshīre, ar’ ishengero rifise ubgiza, ridafise amarabaga cank’ injebejebe cank’ ikintu cose gisa girtyo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembga. 28 Ni kw abagabo na bo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite. Ūkunda umugore wiwe, aba yīkunda: 29 kukw ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, arikw arawugaburira, akawubungabunga, nk’uko Kristo na we agirira ishengero: 30 kuko tur’ ingingo z’umubiri wiwe. 31 Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe. 32 Iryo banga rirahambaye, ariko mbivuze kuri Kristo n’ishengero. 33 Ariko namwe nyene, umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda; umugore na we ni yubahe umugabo wiwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi