Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abanyefeso 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Paulo yahamagariwe guhishura amabanga y’Imana

1 Ni co gituma jewe Paulo, imbohe ya Kristo Yesu, mbohewe mwebge abanyamahanga —

2 namba mwarumvise ububgiriza bga bga buntu bg’Imana nahawe kubagaburira:

3 yuko mu guhishurirwa nātiwe ibanga, nk’uko nabanje kwandika mu majambo make,

4 namwe, ni mwayasoma, muzoshobora kubona ingene nzi ibanga rya Kristo.

5 Ivyo, abana b’abantu ntibābimenyeshejwe mu bindi bihe, nk’uko mur’ iki gihe intumwa ziwe zera n’abavugishwa na we bābihishuriwe na Mpwemu:

6 yukw abanyamahanga basangiye natwe ibiragwa, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubg’ ubutumwa bgiza.

7 Nacitse umukozi wabgo, nk’ukw ingabire y’ubuntu bg’Imana iri, ubgo nahawe, nk’uk’ ubushobozi bgayo bukora.

8 Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,

9 no guserurira bose ububgiriza bg’ibanga ubg’ ari bgo, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose;

10 kugira ngo noneh’ abakuru n’abafise ububasha b’ahantu ho mw ijuru bamenyere kw ishengero ubgenge bg’Imana bg’uburyo bginshi,

11 nk’ukw imigabo yayo iri, iyo yagabiye uhereye kera hose muri Kristo Yesu Umwami wacu

12 Muri we ni ho duhērwa ubushizi bg’ubgoba no gushikīra Imana tuyizigiye, kubgo kumwizera.

13 Ni co gituma mbinginga ngo mwoye kwihebuzwa n’amarushwa yanje yo kubganyu, kukw ari yo cubahiro canyu.


Paulo asabira Abanyefeso ngo batahure urukundo rwa Kristo

14 Ni co gituma mpfukamira Data wa twese,

15 uwo imiryango yose yo mw ijuru n’iyo mw isi yītirirwa,

16 ngw abahe, nk’ukw itunga ry’ubgiza bgiwe riri, kuremeshwa n’ubushobozi imbere mu mitima mubihawe na Mpwemu wiwe:

17 Kristo abe mu mitima yanyu kubg’ ukwizera; kugira ngo mugize imizi ishinzwe mu rukundo, n’amabuye y’itanguriro arwubatswemwo,

18 mugire inkomezi zibashoboza gutahurira hamwe n’abera bose uburebure bg’ubgaguke n’ubg’ amakika n’ubg’ igihagararo n’ubg’ amajepfo ubg’ ari bgo,

19 mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose.

20 Nukw Īshobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba n’ivyo twiyumvira vyose, nk’uk’ ubushobozi bgayo budukoreramwo buri,

21 icubahiro kibe icayo mw ishengero no muri Kristo Yesu, kugeza ku buzukuruza bose b’ibihe bitazoshira. Amen.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan