Abanyefeso 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ubuntu bg’Imana ni bgo budukiza gusa 1 Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu, 2 ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa. 3 Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’ imibiri yacu, tugakora ivy’ imibiri n’imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’ abo kurakirwa, nk’abandi bose. 4 Arikw Imana, kukw ar’ umutunzi w’ikigongwe, kubg’ urukundo rwayo rwinshi yadukunze, 5 hamwe twari tugipfuye, twishwe n’ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo — ubuntu ni bgo bgabakijije — 6 yatuzuranye na we, itwicarikana na we ahantu ho mw ijuru, turi muri Kristo Yesu, 7 kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane itunga rihebuje ry’ubuntu bgayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu. 8 Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana; 9 ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira. 10 Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo. Amacakubiri y’amoko akūrwaho n’umusaraba 11 Nuko mwibuke yuk’ ubga mbere, mwebge abanyamahanga ku rukoba, mwebge mucitwa abatākebge n’abo bitwa abākebge n’intoke ku mubiri, 12 kw ico gihe mwari mutandukanye na Kristo, muri n’itandukaniro n’ihanga rya Isirayeli, mur’ injabuka ku masezerano y’ivyasezeranywe, ata co mwizigiye ku bizoba, mwari mw isi mutagira Imana Rurema. 13 Ariko noneho, kuko muri muri Kristo Yesu, mwebge abāri kure kera mwigijwe hafi n’amaraso ya Kristo 14 Ni we mahoro yacu, kuko yahinduye ya macakubiri kuba kimwe, ahomvoye ca gisika co hagati cadutandukanya, 15 ubgansi amaze kubuhinduza ubusa umubiri wiwe, ni bgo vya vyagezwe birimw’ amabgirizwa ava mu vyashinzwe; kugira ngo muri we ya macakubiri ayarememw’ umuntu umwe musha, ngw azane amahoro artyo; 16 kandi ngw ayo macakubiri, amaze kuyagira umubiri umwe, ayuzurishe n’Imana umusaraba, awicishije bga bgansi. 17 Yaraje, ababgira ubutumwa bgiza bg’amahoro, mwebge abāri kure; kand’ abāri hafi na bo ababgira amahoro: 18 kuko, uko tur’ amacakubiri, ari we adushikiriza Data wa twese, turi muri Mpwemu umwe. 19 Nuko ntimukir’ abashitsi n’akavantara, ariko musangiye ubgoko n’abera, mur’ abo mu ngoro y’Imana; 20 kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka. 21 Muri we ingoro yose, yubatswe neza, irakura, ngw ibe urusengero rwera mu Mwami wacu. 22 Muri we namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi