Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abanyefeso 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Indamukanyo

1 Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b’abizigirwa bo muri Kristo Yesu.

2 Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.


Paulo ahimbaza Imana

3 Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:

4 nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.

5 Kuko yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubgayo, nk’uko yabigomvye bikayihimbara:

6 kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda.

7 Muri we ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri,

8 ubgo yadusēsekarije mu bgenge bgose no kumenya:

9 itwātiye ibanga ry’ivy’ igomba, nk’uko vyayihimbaye, ibigabiye kera muri we,

10 vy’ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.

11 Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,

12 kuzoba abo guhesha icubahiro ubgiza bgayo, twebge abizigiye Kristo kera.

13 Muri we namwe mumaze kwumva ijambo ry’ukuri, ni ryo butumwa bgiza bg’agakiza kanyu, mumaze no kumwizera, ni ho mwashiriwekw ikimenyetso, ni co Mpwemu Yera yasezeranywe,

14 ni we ngwati y’umwandu tuzohabga, kugira ngw abo Imana yaronse ibacungure, ng’ubgiza bgayo bushimwe.


Asengera Abanyefeso ngw Imana ibahe kuyimenya

15 Ni co gituma nanje, numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri mwebge, n’urukundo mukunda abera bose,

16 ntahengeshanya kubashimira Imana, mbahoza mu kanwa uko nsenze,

17 ngw Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w’ubgiza, ibahe umutima w’ubgenge no guhishurirwa mu kuyimenya;

18 ngw amaso y’imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n’uguhamagara kwayo ivy’ ari vyo, mumenye n’itunga ry’ubgiza bg’ishamvu ifise mu bera,

19 mumenye n’ubginshi buhebuje bg’ubushobozi bgayo ikoreshereza muri twebge abizera, nk’uko kwa gukora kw’ububasha bg’ubushobozi bgayo kungana,

20 ukwo yakoreye muri Kristo, hamwe yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza i buryo bgayo ahantu ho mw ijuru,

21 imushize hejuru cane y’ubukuru bgose n’ububasha bgose n’ubushobozi bgose n’ubgami bgose n’izina ryose rivugwa, si mur’ iki gihe gusa, ariko no mu kizoza.

22 Kandi yamushikirije vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe, kand’ imuha ishengero ngw abe umutwe waryo wo gusumba vyose,

23 ni ryo mubiri wiwe, unengesereye ūnengesera vyose hose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan