Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abalewi 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Aroni n’abana biwe barobanurirwa ubuherezi

1 Uhoraho abarira Mose,

2 ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;

3 uheze ukoranirize ikoraniro ryose ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.

4 Nuko Mose agenza nk’uk’ Uhoraho yamubariye; iryo koraniro rikoranira ku muryango w’ihema ry’ ibonaniro.

5 Mose abarira iryo koraniro, at’ Ibi ni vyo Uhoraho yageze ko bikorwa.

6 Mose araheza azana Aroni n’abana biwe, arabuhagira.

7 Yambika Aroni ya kanzo, amukenyeza wa mukanda, amwambika na wa mwinjiro, amushirako na efodi, amukenyeza na wa musipi wa efodi ujishwe n’ abahinga, awuyifatishiriza kuri we;

8 amwambika na wa mupfuko mu gikiriza, mur’ uwo mupfuko ashiramwo Urimu na Tumimu.

9 Amwambika na ca gitambara mu mutwe; imbere kur’ ico gitambara agishirako ka kabāte k’izahabu, ari co gitsibo cera; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

10 Mose araheza yābīra ya mavuta yo kurobanuza, ayarobanuza rya hema bo n’ibirimwo vyose, aravyeza.

11 Ayacucagira ku gicaniro ibihetangabo ndwi, arayakirobanuza bo n’ibintu vyaco vyose, bo n’ikigārigāri co gukaraba n’intebe yaco, ngw avyeze.

12 Maz’ ayo mavuta yo kurobanuza abahabga ibango ayasuka ku mutwe wa Aroni, aramurobanura, aramweza.

13 Mose araheza azana bene Aroni, abambika amakanzo, abakenyeza imikanda, abapfundika n’udukofero; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

14 Araheza azana ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.

15 Mose arayikerera, yābīra amaraso yayo, ayasīgisha urutoke ku mahembe y’igicaniro impande zose, aragihumanura, araheza avyagiza ayo maraso hasi hambavu y’igicaniro, acezesha kugitangira impongano.

16 Yābīra urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ibinure vyo kuri yo, avyosereza ku gicaniro.

17 Arikw ivy’ iyo masa, urusato rwayo n’inyama zayo n’amayezi yayo abituririra inyuma y’aho bashagaje, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

18 Araheza azana impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa; Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.

19 Mose arayikerera, amijagira amaraso yayo ku gicaniro impande zose.

20 Arayijanjagura, ayishira mu bikenye vyayo; yōsa umutwe wayo, n’ibindi bice vyayo, n’ ibinure vyayo.

21 Amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru arabironga; nukw ivy’ iyo mpfizi y’intama vyose iyo biva bikagera Mose avyosereza ku gicaniro, kuba ikimazi coshejwe, umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho gitōngōwe n’umuriro; nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

22 Araheza azana ya mpfizi y’intama yindi, ari yo yo kubinjiza mw ibango, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.

23 Maze Mose arayikerera, yābīra ku maraso yayo, ayakoza ku gutwi kw’i buryo kwa Aroni ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo.

24 Atakw azana bene Aroni, na bo nyene akoza amaraso ku matwi yabo y’i buryo ahahera hejuru, no ku bikumu vyabo vy’i buryo, no ku mano yabo manini y’i buryo: ayandi maraso ayamijagira ku gicaniro impande zose.

25 Maze yābīra ibinure vyayo, n’umurizo wayo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ibinure vyo kuri yo, n’igikenye c’ukuguru kwayo kw’i buryo.

26 Kandi muri ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe iteretse imbere y’Uhoraho, akūramw’ umutsima umwe, n’agatsima kamwe kācumbanywe n’amavuta ya elayo, n’akandi kamwe kabēhūye, ayishira kur’ ivyo binure no kur’ ico gikenye c’ ukuguru kw’i buryo.

27 Ivyo vyose abishira ku mashi ya Aroni no ku y’abana biwe, ngo babizunguze kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho.

28 Mose araheza abikūra ku mashi yabo, avyosereza ku gicaniro, abigeretse kuri ca kimazi coshejwe; biba ivyo kubinjiza mw ibango, vy’umubabge umota neza, ikimazi gishikaniwe Uhoraho kigatōngōrwa n’umuriro.

29 Maze Mose yābīra inkoro, arayizunguza ngw ibe ishikanwa rizungurijwe imbere y’Uhoraho: uwo war’ umwanya wa Mose wo kur’ iyo mpfizi y’intama yo kubinjiza mw ibango, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

30 Maze Mose yābīra kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, no ku maraso yari ku gicaniro, abicucagira kuri Aroni no ku myambaro yiwe, no ku bana biwe no ku myambaro yabo; yeza Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo.

31 Maze Mose abarira Aroni n’abana biwe, ati Muteke za nyama ku muryango w’ihema ry’ ibonaniro; abe ari ho muzirīra, hamwe na ya mitsima iri mu ndumane yo kubinjiza mw ibango; nk’uko navuze, nti Aroni n’abana biwe babe ari bo babirya.

32 Ibisigara kur’ izo nyama no kur’ iyo mitsima mubiturire.

33 Ntimuze mutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kumara imisi ndwi, gushitsa ah’ imisi yanyu yo gushikirizwa iryo bango izoshirira: kuko muzomara imisi ndwi murishikirizwa.

34 Uko bikozwe uyu musi, ni k’Uhoraho yageze ko bizokorwa mu kubatangira impongano.

35 Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe.

36 Nuko Aroni n’abana biwe babikora vyose, uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan