Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abalewi 26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Kudasenga ibigirwamana

1 Ntimuze mwironderere ibigirwamana, canke ngo mushinge igishushanyo, ar’ ikibāzano, ar’ inkingi y’ibuye, kandi ntimuze mugire ikibuye mushira mu gihugu canyu gikorogoshoyekw ibishushanyo co kwunamira: kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.

2 Muze mwitondere amasabato yanje, mwubahe Ahēra hanje: ni jewe Uhoraho.


Ivyiza bizoba ku Bisirayeli ni bumvira Imana

3 Ni mwahora mugendera mu mabgirizwa yanje, mukitondera ivyagezwe vyanje, mukavyumvira;

4 nuko nanje nzogenda mbarekurira imvura mu bihe vyayo, n’ igihugu kizogenda cimbuka ivyimburo vyaco, n’ibiti vyo mu ndimiro bizokwama bitengengere.

5 Igihe canyu c’isekura kizorinda gishitsa mw iyimbura ry’inzabibu, iryo yimbura na ryo ririnde rishitsa mw ibiba: muzokwama mu gahimbo, mwībēre mu gihugu canyu ata nkomanzi.

6 Kandi nzoha ico gihugu kugira impore, muzokwiryamira ata kibateye akōba: kandi nzohaherengeteza ibikōko vy’inkazi, kandi nta nkota izogera mu gihugu canyu.

7 Muzokinagiza abansi banyu, bahindikiranywe n’inkota imbere yanyu.

8 Batanu muri mwebge bazokinagiza ijana, n’ijana muri mwebge bazokinagiza ibihumbi cumi, abansi banyu bazohindikiranywa n’ inkota imbere yanyu.

9 Nzokwama mbashizek’ umutima, mbarōndōre, mbagwize, nkomeze isezerano ryanje namwe.

10 Muzorya ibigugu vyahitikiranye, kandi muzodaha ibihitira kugira ngo mubone aho mwimburira ivyeze.

11 Nzoshira ihema ryanje hagati muri mwebge, kandi sinzokwigera ndabazinukwa.

12 Nzogendera hagati muri mwebge, mbe Imana yanyu, namwe mube abantu banje.

13 Ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa, kugira ngo ntimube abagurano babo; navunnye ibiti vy’ingōgo vyababoshe, mbaha kugenda mwemye.


Ivyago bizobabako ni banka kwumvira Imana

14 Ariko ni mutanyumvira, ntimwitondere ivyo vyagezwe vyose,

15 kandi ni mwagaya amabgirizwa yanje, mukazinukwa ivyo nashinze, bigatuma mutitondera ivyagezwe vyanje vyose, mukica isezerano ryanje;

16 nanje uko nzobagira n’uku: nzobagomorera ibibaca ivutu; kugenda mukōnyēra bo no kurwara inyonko bizotuma muhwera mu kajisho, imitima yanyu ihondobēre: muzorimira ubusa, kukw abansi banyu ari bo bazobirya.

17 Kandi nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye.

18 Ivyo ni bitātuma munyumvira, nanje nzokwongera kubahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.

19 Nzocobogoza ubushobozi bganyu mwihaya, mpindure ijuru ryo hejuru yanyu nk’icuma, n’isi yanyu nk’umuringa.

20 Amaboko yanyu azopfa ubusa, n’igihugu canyu ntikizoruha cera, kandi n’ibiti vyo muri co ngo bigire ico vyama.

21 Kandi ni mwashishikara kugenda munyuranya nanje, ntimunyumvire, nanje nzokwongera kubateza ivyago ibihetangabo ndwi bihwanye n’ivyaha vyanyu.

22 Kandi nzobatērēra ibikōko vyo mw ishamba, bitware abana banyu, biyigize amasho yanyu n’imikuku yanyu, bibatūvye, inzira zanyu zisibe.

23 Ivyo ni bitātuma mwihana ngo mumpindukirire, ariko mugashishikara kugenda munyuranya nanje,

24 nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.

25 Kandi nzobatērēra inkota, ibahōre kuva mw isezerano ryanje; na ho ni mwirundaniriza mu bisagara vyanyu, nzobatērēra ikīza; kandi muzotangwa mu maboko y’abansi.

26 Ni navuna inkoni mwegamiye, ari yo vyo kurya vyanyu, abagore cumi bazoderenganiriza mu ziko rimwe, botsa udutsima, bazosigara babagaburira udutsima twa mugerwa: murye ututabahāgije.

27 Ivyo vyose ni bitātuma munyumvira, ariko mukagenda munyuranya nanje;

28 nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.

29 Muzorya abahungu banyu n’ abakobga banyu.

30 Kandi nzokomvomvora ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi, nsiture ibishushanyo vyanyu vy’izuba, nshiburire imivyimba yanyu ku mirambararo y’ibigirwamana vyanyu; kandi nzobazinukwa mu mutima wanje.

31 Nzohindura ibisagara vyanyu imisaka, ahēra hanyu ntume hatamārirwa, kandi sinzomoterwa n’ugutamirana kw’ibimoga vyanyu munyosereza.

32 Nzotuma igihugu canyu gitamārirwa, bijoreze abansi banyu bakibamwo.

33 Namwe nzobashwiragiriza mu mahanga, nsokōre inkota, mbirukane; igihugu canyu kizosigara gitamāriwe, n’ibisagara vyanyu bicike imisaka.

34 Ico gihe igihugu kizobona uko gishumbushwa ya masabato yaco, ico gihe cose kikir’ amatongo, namwe mukiri mu gihugu c’ abansi banyu; aho ni ho igihugu kizoruhuka, gishumbushwe ya masabato yaco.

35 Igihe cose kikir’ amatongo kizoruhuka ukuruhuka kitigeze kuruhuka ku masabato yanyu mukikibamwo.

36 Amasigarira yo muri mwebge nzotuma barandukira imitima mu gihugu c’abansi babo: bazokangwa n’ ukwumva akababi gakakaje, bahunge nk’ūhunga inkota; bazotemba ata kibirukanye.

37 Bazogwanako nk’abahunga inkota, ata kibirukanye; mbere ntimuzoshobora guhagarara abansi banyu imbere.

38 Muzohonera mu mahanga, igihugu c’abansi banyu kizobaherengeteza.

39 Amasigarira yo muri mwebge bazogenda bashirira umunywera mu gihugu c’abansi banyu kubg’ ibigabitanyo vyabo; kandi n’ibigabitanyo vya ba sekuruza bizotuma bagenda bashira umunywera nka bo.


Ukwihana kuzana guharirwa

40 Ariko ni bātura ibigabitanyo vyabo n’ibigabitanyo vya ba sekuruza, ari vyo bihemu vyabo, bakemera yuko kunyuranya nanje kwabo

41 ari kwo kwatumye nanje nnyuranya na bo, nkabahindira mu gihugu c’abansi babo; kandi ni bicisha bugufi ico gihe mu mitima yabo imeze nk’imibiri itakebge, bakarīmbūka, bakemera yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo;

42 ni ho nanje nzokwibuka isezerano ryanje nasezeraniye Yakobo, n’ iryo nasezeraniye Isaka, n’iryo nasezeraniye Aburahamu na ryo nzoryibuka; kandi n’igihugu na co nzocibuka.

43 Mber’ ico gihugu bazoba barakivuyemwo, gishumbushwe ya masabato yaco, gisigare ar’ imisaka batakikibamwo; na bo bazoba barīmbūtse, bemeye yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo, kuko banse ivyagezwe vyanje, bakazinukwa amabgirizwa yanje.

44 Ariko naho bizomera birtyo, sinzobaheba, igihe bazoba bari mu gihugu c’abansi babo, kandi sinzobazinukwa, ngo ndabahenebereze rwose, mve mw isezerano ryanje nabasezeraniye: kuko nd’ Uhoraho Imana yabo.

45 Ariko kubgabo nzokwibuka isezerano nasezeraniye ba sekuruza, abo nakūye mu gihugu ca Egiputa amahanga arorēra, kugira ngo mbe Imana yabo: ni jewe Uhoraho.

46 Ayo ni yo mabgirizwa n’ ivyashinzwe n’ivyagezwe, ivyo Uhoraho yashize hagati yiwe n’ Abisirayeli, abigereye ku musozi Sinayi, abitumye Mose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan