Abalewi 25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivyo kurāza indimiro mu mwaka ugira indwi 1 Uhoraho abaririra Mose ku musozi Sinayi, 2 ati Barira Abisirayeli, yuko ni bashika mu gihugu nzobaha, ico gihugu kize kigire ikiruhuko nk’isabato co kunyubaha jewe Uhoraho. 3 Muze murime mu ndimiro zanyu imyaka itandatu, kandi mur’ iyo myaka itandatu abe ari yo mutūtūriramw’ imizabibu yanyu, mwamure inzabibu zayo. 4 Arik’ umwaka ugira indwi uz’ ubere igihugu nk’isabato yo kuruhuka bihebuje, nk’isabato yo kunyubaha jewe Uhoraho: ntimuze muwurimemwo mu ndimiro zanyu, ntimuze muwutūtūriremw’ imizabibu yanyu. 5 Ivyimeza bikurikiye ivyo mwimbuye ntimuze muvyimburire mu bigega, canke ngo mwimbure inzabibu zo ku mizabibu yanyu idatūtūriye: uwo mwaka uz’ ubere igihugu uwo kuruhuka bihebuje. 6 Mugabo, ivyo mu gihugu vyapfuye kwimeza mur’ ico gihe c’isabato yaco ni vyo bizoba ivyo kurya vyanyu, mwe n’abagurano banyu, n’abaguranokazi banyu, n’ abakozi banyu b’abacangero, n’ abanyamahanga baba muri mwebge; 7 kandi n’ibiragirano vyanyu n’ibikōko vyo mu gihugu canyu, ivyimeza vyaco vyose bizobibera ivyo kurya. Ivy’ umwaka ugira mirongwitanu wa yubile 8 Iyo myaka yabaye nk’isabato, muharūre ayo masabato murumye ndwi, muyirumye imyaka ndwi ibihetangabo ndwi; ico gihe muzosanga harimw’ amasabato ndwi y’imyaka, ni yo myaka mirongwine n’icenda. 9 Maze ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi muze muvugishe inzamba y’ijwi rirenga; ku musi w’impongano az’ abe ari ho muvugisha inzamba mu gihugu canyu cose. 10 Muze murobanure uwo mwaka ugira mirongwitanu, mutāngāze mu gihugu cose ko habaye umwidegemvyo w’ abantu bose bo muri co: uwo mwaka uz’ ubabere uwa yubile; umuntu wese muri mwebge aheze agaruke mw itongo ryiwe, kand’ umuntu wese agaruke mu b’i wabo. 11 Uwo mwaka ugira mirongwitanu uze wame ubabera uwa yubile; ntimuze muwurimemwo, canke ngo mwimburire mu bigega ivyimejeje muri wo, canke ngo mwimbure inzabibu zo ku mizabibu itātūtūriye. 12 Kukw ar’ umwaka wa yubile; uze wame ubabera uwejejwe; muzotungwa n’ivyimeza vyo muri wo, vyimejeje mu ndimiro. 13 Mur’ uwo mwaka wa yubile umuntu wese muri mwebge az’ agaruke mw itongo ryiwe. 14 Kandi ni hagira ūgurira ikintu mugenzi we, cank’ akagira ico amuguzeko na we, ntimuze mugungane. 15 Ukw imyaka ingana, ikurikiye uwa yubile, az’ abe ari k’ūje kugura na mugenzi we atanga ibiguzi; na we az’ amucire nk’ukw imyaka y’ivyimburo ingana. 16 Uk’ umuntu azobona imyaka igisigaye ari myinshi, az’ abe ari kw adūza igiciro, kand’ ukw azobona ari mike, az’ abe ari kw akimanura; kukw agura arīmbūye igitigiri c’ivyimburo kigisigaye. 17 Nuko ntimuze mugungane, ariko muntinye, jewe Imana yanyu, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu. 18 Ni co gituma mukwiye kwumvira amabgirizwa yanje, no kwitondera ivyagezwe vyanje, mukavyumvira; ni ho muzoba mu gihugu amahoro. 19 Kand’ ico gihugu kizokwimbuka, muzokwama mu gahimbo, mube muri co amahoro. 20 Ariko ni mwavuga, muti Tuzotungwa n’iki mur’ uwo mwaka ugira indwi, ko tutazorima, ntitwimbure? 21 Mu mwaka ugira gatandatu nzobarungikira umugisha utuma haba uburumbuke bg’indya zizobatunga imyaka itatu. 22 Mu mwaka ugira umunani ni ho muzorima, kandi muzoba murya ibigugu vyahitikiranijwe; mbere muzoba murya ivyahitikiranijwe gushitsa mu mwaka ugira icenda, mu gihe c’iyimbura. 23 Amatongo ntaz’ agurwe herandaheze, kukw igihugu ar’ icanje, namwe kuri jewe mukaba akavantara n’ abatsi b’indāro. 24 Kandi mu gihugu cose c’ishamvu yanyu, uwahoze ari nyen’ itongo muze mwemere aricungure. 25 Uw’i wanyu ni yahinduka umugorwa, akagura kw itongo ryiwe, mwene wabo azoba ar’ uwo hafi az’ aze, acungure iryo tongo mwene wabo yaguze. 26 Arik’ umuntu ni yabura uwo kuricungura, akaba yarasubiye gutunga, akabona ibikwiranye na ryo vyo kuricungura, 27 az’ aharūre imyaka ryaguriwemwo, asubize uwariguze ibigisigaye ku giciro caryo, abone ukw asubira gushikīra itongo ryiwe. 28 Ariko n’atashobora kuricungura ubgiwe, iryo ryaguzwe rigumane uwariguze gushitsa ku mwaka wa yubile; maze rizokomōrwa n’uwo mwaka wa yubile, abone ukw asubira gushikīra itongo ryiwe. 29 Umuntu ni yagura inzu yiwe iri mu gisagara gikikijwe n’uruzitiro rw’amabuye, biremerwa kw ayicungura ata mwaka wose urashira; afise uburyo bgo kuyicungura ata mwaka wose urashira. 30 Ariko n’atayicungura uwo mwaka wose utarashira, iyo nzu iri mu gisagara gikikijwe n’uruzitiro izoba yegukiwe n’uwayiguze herandaheze, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana: ntizokomōrwa n’umwaka wa yubile. 31 Arikw inzu zo mu mihana idakikijwe n’uruzitiro rw’ amabuye, zize zibe kimwe n’ amatongo yo mu misozi, biremerwa ko zicungurwa: zizokomōrwa n’umwaka wa yubile. 32 Arikw ibisagara vy’Abalewi vyo si ko bimeze: inzu zo mu bisagara vy’amashamvu yabo, Abalewi biremerwa ko bazicungura aho baboneye uburyo. 33 Umwe mu Balewi n’adacungura inzu, iyo nzu yaguzwe yo mu gisagara c’ishamvu yabo iz’ ikomōrwe n’umwaka wa yubile: kukw amazu yo mu bisagara vy’Abalewi ar’ ishamvu yabo mu Bisirayeli. 34 Arikw ah’Abalewi baragira inyuma y’ ibisagara vyabo ntihaze hagurwe, kukw ar’ ishamvu yabo y’intahava. 35 Kand’ uw’i wanyu ni yahinduka umugorwa, mukabona afūtānye, mukwiye kumusanasana; mumufashe nk’uko mwofasha akavantara n’umugerērwa. 36 Ntihaze hagire ūmwaka inyungu cank’ ibirenze ku vyo yatwaye, arikw agende antinya jewe Imana yiwe; kugira ng’ uw’i wanyu abone ingen’ abana namwe. 37 Ntaz’ amuguranire amahera kuzohabga ay’inyungu, canke ngw amugurane ivyo kurya kugira ngw aguranurwe ibirenze. 38 Nd’ Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa ngo mbahe igihugu c’i Kanani, mbe Imana yanyu. 39 Kand’ uw’i wanyu ni yagorerwa mu maso yanyu, akagira uwo yibunzako ngw amugure, uwo ntaz’ amukoreshe nk’umugurano: 40 az’ abane na we nk’umukozi aca ingero canke nk’ umugerērwa; az’ amukorere gushitsa ku mwaka wa yubile. 41 Ni ho azobona kumuvako, bo n’abana biwe, asubire mu b’i wabo bgite, mw ishamvu ya ba sekuruza; 42 kukw ar’ abagurano banje nakūye mu gihugu ca Egiputa: ntibaze bagurwe ngo babe abagurano b’abandi. 43 Ntimuze mubatwaze igitugu, ariko mugende muntinya, jewe Imana yanyu. 44 Arikw abagurano banyu n’abaguranokazi muzogira, muze mubakūre mu mahanga abakikije, abe ari ho mubagura. 45 Kandi mu bagerērwa bababamwo, bo muremererwa kubaguramwo, bo no mu ruvyaro rwabo bavyariye mu gihugu canyu, abo bakazoba inyegu mwegukiye, 46 mukazobaraga n’abana banyu muzosiga, bakabegukira; mur’ abo ni ho mwemererwa gukūramw’ abagurano b’intahava; ariko muri bene wanyu b’Abisirayeli ntihaze habe gutwazanya igitugu. 47 Kand’ umunyamahanga cank’ umugerērwa ari muri mwebge ni yahinduka umutunzi, uw’i wanyu agahinduka umugorwa i ruhande yiwe, akibunza kur’ uwo munyamahanga canke kur’ uwo mugerērwa ari muri mwebge, canke ku wo mu b’i wabo wa ben’ uwo, ngw amugure, 48 amaze kugurwa ashobora gucungurwa: umwe muri bene wabo yomucungura, 49 canke se wabo, canke mwene se wabo, canke mwene wabo wo hafi uw’ ari we wese yomucungura; canke na we ubgiwe ahindutse umutunzi yokwicungura. 50 Aharūre imyaka hamwe n’uwo yamuguze, uhereye ku mwaka yamuguriyemwo gushitsa ku mwaka wa yubile: igiciro co kwicungura kize gihwane n’igitigiri c’iyo myaka; igihe yamaranye na we amukorera kize kirīmbūrwe nk’igihe umucangero agererwa yokoze. 51 Ni yaba imyaka izoba igisigaye ari myinshi, ukw izoba ingana abe ari kw ariha igiciro c’ivyo yaguzwe co kwicungura. 52 Ni yaba imyaka yo gushitsa kuri yubile izoba isigaye ari mike, ayirīmbūre hamwe na we ico imaze: ukw iyo myaka izoba ingana abe ari kw ariha igiciro co kwicungura. 53 Az’ abane na we nk’umucangero akorera ingero uk’ umwaka utashe; ntaz’ amutwaze igitugu mu maso yanyu. 54 Kandi ni hatagira ikimucungura mur’ ivyo, azomuvako mu mwaka wa yubile, bo n’abana biwe. 55 Kukw Abisirayeli ar’ abagurano banje niharije; n’abagurano banje nakūye mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi