Abalewi 19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivyagezwe vy’uburyo butari bumwe 1 Uhoraho abarira Mose, 2 ati Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, uti Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera. 3 Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. 4 Ntimuze muhindukirire ibigirwamana, canke ngo mwironderere ibigirwamana mu bivugutiwe mu nkero: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. 5 Ni mwanshikanira ikimazi c’ishimwe, muze mugishikane uburyo butuma mwemerwa. 6 Umusi mugitanzeko abe ari wo kirīrwako nyene, bo na bukeye bgaho; ariko ni hagira ikizoshitsa ku musi ugira gatatu, kize giturirwe. 7 Kandi ni caribgako na gatoya ku musi ugira gatatu, kizoba ar’ ikizira: ntikizokwemerwa; 8 kand’ ūkiriyeko wese azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe, kukw aba atukishije icera canje: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo. 9 Kandi ni mwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, ntimuze muherengeteze rwose kwimbura ivyo ku mibari y’imirima yanyu, kandi ntimuze muhumbe uduhumbga twose iyo muriko murashwābūra. 10 Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. 11 Ntimuze mwibe, ntimuze mugunge, canke ngo mubeshane. 12 Ntimuze murahire ibinyoma izina ryanje, bigatuma mutukisha izina ryanje, Imana yanyu: ni jewe Uhoraho. 13 Ntihaze hagire ūhahaza mugenzi we, canke ngw amwambure; ntihaze hagire ūrārana ingero umucangero yakoreye. 14 Ntihaze hagire ūvuma igipfamatwi, canke ngo hagire ūshira imbere y’impumyi ikintu comutsitaza: ariko mugende mutinya jewe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho. 15 Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye. 16 Ntihaze hagire ūgendagendeshwa no guteranya abantu, kandi ntihaze hagire uwitangakw icabona c’ ibinyoma co kwicisha mugenzi we: ni jewe Uhoraho. 17 Ntihaze hagire uwamanira akazīka uw’i wabo mu mutima wiwe; ariko ntaz’ abure kumuhanūra, kugira ngo ntibimukwegere icaha kubg’ uwo. 18 Ntihaze hagire uwihōra, cank’ ūbīkira inzigo abo mu bgoko bgabo; ariko mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda: ni jewe Uhoraho. 19 Muze mwitondere ivyagezwe vyanje. Ntihaze hagire ūbangurira ivy’ atunze ivyo bidahwanije ubgoko; canke ngo hagire ūsukiranya imbuto z’imiryango ibiri mu ndimiro yiwe; canke ngo hagire uwambara impuzu ijishwe mu nyuzi z’ubgoko bubiri. 20 Umuntu ni yasambana n’ umuguranokazi ataribgacungurwe ngw aronke umwidegemvyo, kandi yar’ asabge n’uwundi; baze bahanwe, ariko ntibaze babice, kuk’ uwo atari n’umwidegemvyo. 21 Uwo mugabo azane ikimazi ciwe c’impongano, akinzanire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro; ico kimazi kibe impfizi y’intama. 22 Umuherezi aheze amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano c’icaha ciwe yakoze, ayitangire imbere yanje; na we azoharirwa ico caha yakoze. 23 Kandi ni mwinjira ca gihugu, mugatera ibiti vy’ubgoko bgose vyama ibiribga, muze mubanze mwite ivyamye kuri vyo nk’ibizira; bize bimare imyaka itatu kuri mwebge ar’ ibizira; ntibize birībgeko. 24 Ariko mu mwaka ugira kane, ivyamye kuri vyo vyose bizoba ivyera vyo kunshimisha, jewe Uhoraho. 25 Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. 26 Ntimuze mugire ikintu murya kikirimw’ amaraso yaco: ntimuze mutere amabara, canke ngo mupfumuze. 27 Ntimuze mukebēre umushatsi wo mu misaya, canke ngo mucācūre imitwe y’ubganwa bganyu. 28 Ntimuze mwikebagure ku mibiri kubg’ ūpfuye; kandi ntimuze mwicishe imanzi n’imwe: ni jewe Uhoraho. 29 Ntihaze hagire uwononesha umukobga wiwe kumutanga kuba maraya, kugira ngw igihugu coye kwisuka mu busambanyi, kikuzura ubushakanyi. 30 Muze mwitondere amasabato yanje, mwubahe Ahēra hanje: ni jewe Uhoraho. 31 Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu cank’ abamenyi: ntimuze muje kubabaza, bagahava babahumanya: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. 32 Umuntu wese muri mwebge az’ avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma, antinye, jewe Imana yiwe: ni jewe Uhoraho. 33 Umunyamahanga ni yaza mu gihugu canyu, akabana namwe, ntimuze mumugirire nabi. 34 Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu. 35 Ntimuze mugoreke imanza, mu gusuzuma ivyo kugeresha metero, cank’ ikilo, cank’ ingero. 36 Arikw iminzane y’ukuri, n’ibilo vy’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ ingero yitwa hini y’ukuri, bize bibe ari vyo mukoresha: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa. 37 Nuko muze mwitondere amabgirizwa yanje yose, n’ivyagezwe vyanje vyose, mubishitse: ni jewe Uhoraho. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi