Abalewi 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivyagezwe ku vyo guhumanura umunyamibembe 1 Uhoraho abarira Mose, 2 at’ Iki abe ari co kiba icagezwe co ku munyamibembe, ku musi wo guhumanurwa kwiwe: az’ ashīrwe umuherezi. 3 Na we aheze agende inyuma y’aho mushagaje, asuzume uwo munyamibembe; maze ni yasanga iyo ndwara y’imibembe ikize, 4 avuge ko bazanira uyo agira ahumanurwe inyoni zibiri zibona, zitar’ izo mu zizira, n’ingegene y’igiti c’isederi, n’utunyuzi dusa n’agahama, n’ utubabi twa ezobu; 5 umuherezi avuge ko bakererera imwe mur’ izo nyoni hejuru y’ikintu c’ikibumbano, kirimw’ amazi yavomwe mu mbizi. 6 Aheze yābīre imwe ikidora, na ya ngegene y’isederi, na twa tunyuzi dusa n’agahama, na ezobu, abijobekane na ya nyoni ikidora mu maraso ya ya nyoni yakererewe hejuru y’amazi yavomwe mu mbizi. 7 Aheze ayacucagire ibihetangabo ndwi kur’ uwo nyene guhumanurwa ngw avekw imibembe, avuge kw ahumanutse, arekurire iyo nyoni idora mu gahinga. 8 Nyene guhumanurwa aheze amesure impuzu ziwe, yimoshe ahamera umushatsi hose, yiyuhagire, azoba ahumanutse, abone kugaruka aho mushagaje; arikw amare imisi ndwi abe hanze inyuma y’ihema ryiwe. 9 Ku musi ugira indwi yimoshe umushatsi wose wo ku mutwe, n’ubganwa n’ibigohe, amwe n’ uwundi wose; aheze amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abe ahumanutse. 10 Ku musi ugira umunani aze yābīre abana b’ intama babiri b’amasuguru, batagira agasembga, n’inyana y’intama itarengeje umwaka itagira agasembga, bo n’ibice bitatu vy’icumi vy’ingero y’ifu igogōretse vyo kuba ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo, n’ingero imwe yitwa logi y’amavuta ya elayo. 11 Umuherezi amuhumanura ashire uwo muntu nyene guhumanurwa hamwe n’ivyo bintu, imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro. 12 Uwo muherezi yābīre imwe mur’ ayo masuguru y’intama, ayitangekw ikimazi c’impongano, ayitangane na ya ngero yitwa logi y’amavuta, abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje; 13 akererere iyo suguru y’intama aho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha bo n’ikimazi co kwoswa, ahantu hēra: nk’ukw ikimazi co gutangirwa ivyaha ar’ umuturi w’umuherezi, ni ko n’ ikimazi c’impongano kiri: n’icera cane. 14 Uwo muherezi yābīre ku maraso y’ico kimazi c’impongano, ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo. 15 Uwo muherezi aheze yābīre ku mavuta ari muri logi, ayasuke ku rushi rwiwe rw’i bumoso, 16 akoze urutoke rwiwe rwo ku kuryo mur’ ayo mavuta ari ku rushi rwiwe rw’i bumoso, ayacucagirishe urwo rutoke rwiwe imbere yanje ibihetangabo ndwi; 17 amavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo, aharoye ya maraso y’ikimazi c’impongano. 18 Ayandi mavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayasīge mu mutwe w’uwo arikw arahumanurwa; uwo muherezi aheze amuhongerere imbere yanje: 19 atange ikimazi gitangirwa ivyaha, ahongere uwo arikw arahumanurwa ubuhumane bgiwe; hanyuma akerere ikimazi co kwoswa. 20 Uwo muherezi atangire ku gicaniro ico kimazi co kwoswa bo na rya shikanwa ry’ifu; uko ni kw azoba amuhongeye, na we azoba yejejwe. 21 Kandi ni yaba ar’ umworo, ntashobore kuronka ibingana birtyo, aze yābīre umwana w’intama w’isuguru, kuba ikimazi c’impongano co kuzunguzwa, ngw acīhongere, bo n’ikigiracumi c’ingero y’ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, co kuba ishikanwa ry’ifu, na logi imwe y’amavuta ya elayo; 22 bo n’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, ivy’ azoshobora kuronka; kimwe kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa. 23 Ku musi ugira umunani, az’ abishīre umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere yanje, bibe ivyo kumuhumanura. 24 Umuherezi yābīre uwo mwana w’intama w’ikimazi c’impongano, na ya ngero yitwa logi y’amavuta, abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje. 25 Akerere uwo mwana w’intama w’ ikimazi c’impongano, aheze yābīre ku maraso y’ico kimazi, ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo. 26 Uwo muherezi aheze asuke kur’ ayo mavuta, ayasuke ku rushi rwiwe rw’i bumoso; 27 ayacucagirishe urutoke rwiwe rwo ku kuryo imbere yanje ibihetangabo ndwi; 28 aheze yābīre kur’ ayo mavuta ari ku rushi rwiwe, ayakoze ku gutwi kw’i buryo kw’ uyo arikw arahumanurwa, ahahera hejuru, no ku rukumu rwiwe rw’i buryo, no kw ino ryiwe rinini ry’i buryo, aho hantu nyene hari ya maraso y’ikimazi c’impongano. 29 Ayandi mavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayasīge mu mutwe w’uwo arikw arahumanurwa, kugira ngo bimubere impongano imbere yanje. 30 Kand’ atange imwe muri za ntunguru canke kimwe muri vya vyana vy’inuma, ivy’ uwo ashoboye kuronka; 31 atange ku vy’uwo ashoboye kuronka, kimwe kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ico kwoswa, hamwe n’ishikanwa ry’ifu: uwo arikw arahumanurwa, umuherezi amuhongerere imbere yanje. 32 Ico ni co cagezwe c’uwafashwe n’ indwara y’imibembe, ntashobore kuronka ivyo kumuhumanura. Ivyagezwe vy’imibembe iy’ ibonetse ku nzu 33 Uhoraho abarira Mose na Aroni, 34 ati Ni mwamara gushika mu gihugu c’i Kanani, ico mbahaye kuba ishamvu yanyu, ngatera inzu yo mu gihugu c’ ishamvu yanyu indwara yo mu buryo bg’imibembe; 35 nyen’ iyo nzu az’ agende abarire umuherezi, at’ Inzu yanje umengo isa n’aho yatewe n’indwara. 36 Uwo muherezi avuge ko basohora ibintu vyose muri yo, atarinjira gusuzuma iyo ndwara, kugira ngw ivyo mur’ iyo nzu vyose vyoye guhinduka ibihumanye; hanyuma uwo muherezi aze yinjire kurāba iyo nzu; 37 nukw asuzume iyo ndwara: maze ni yabona iyo ndwara yateye amarabaga ku bisika agomba gusa n’akatsi gatoto canke n’agahama, ikaboneka nk’ah’ umengo yinjiye imbere mu gisika; 38 uwo muherezi aheze yisohokere, ave mur’ iyo nzu: ashitse ku muryango, yugare iyo nzu kumara imisi ndwi. 39 Ku musi ugira indwi, uwo muherezi agaruke, ayisuzume; maze ni yasanga iyo ndwara yunguruje ku bisika vy’iyo nzu, 40 avuge ko basambura amabuye afashweko n’iyo ndwara, bayaterere ahantu hahumanye, inyuma y’igisagara. 41 Atekw avuge ko bahomōra iyo nzu imbere hose, kand’ ivyo bihome bahomōye babisēse ha hantu hahumanye, inyuma y’igisagara. 42 Baheze bazane ayandi mabuye, bayasanishe aho basambuye ya yandi, bazane n’iyindi ngwa, bahome iyo nzu. 43 Na h’iyo ndwara ni yagaruka, igasubira gusēsa ku nzu, bamaze gusambura amabuye no kuyihomōra, bagasubira kuyihoma; 44 uwo muherezi aze yinjire, ayisuzume; maze ni yasanga iyo ndwara yunguruje ku nzu, izoba ar’ imibembe igenda irarya: iyo nzu izoba ihumanye. 45 Maze bayisambure, amabuye yayo, n’ibiti vyayo, n’ibihomōtse kuri yo vyose, babikūre mu gisagara, babijane ahantu hahumanye. 46 Ikindi, ūzokwinjira mur’ iyo nzu igihe icugawe, azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba. 47 Kand’ uwoyirāramwo az’ amesure impuzu ziwe; n’uwoyirīramwo na we amesure impuzu ziwe. 48 Na ho umuherezi ni yinjira, akayisuzuma, agasanga iyo ndwara itunguruje ku nzu, imaze guhomwa; uwo muherezi avuge kw ihumanutse, kukw iyo ndwara ikize. 49 Yābīre ivyo guhumanura iyo nzu, inyoni zibiri, n’ ingegene y’igiti c’isederi, n’utunyuzi dusa n’agahama, n’utubabi twa ezobu. 50 Aheze akererere imwe mur’ izo nyoni hejuru y’ ikintu c’ikibumbano, kirimw’ amazi yavomwe mu mbizi: 51 yābīre iyo ngegene y’isederi, n’iyo ezobu, n’utwo tunyuzi dusa n’agahama, n’iyo nyoni ikidora, abijōbeke mu maraso y’iyo nyoni yakerewe no mur’ ayo mazi yavomwe mu mbizi, acucagire kur’ iyo nzu ibihetangabo ndwi. 52 Ahumanuze iyo nzu amaraso y’iyo nyoni, n’ayo mazi yavomwe mu mbizi, n’iyo nyoni ikidora, n’iyo ngegene y’isederi, n’iyo ezobu, n’utwo tunyuzi dusa n’agahama. 53 Aheze agende arekurire iyo nyoni idora mu gahinga, inyuma y’igisagara; uko ni kw azoba ahongeye iyo nzu: nukw izoba yejejwe. 54 Ivyo ni vyo vyagezwe vy’ uburyo bgose bg’indwara y’imibembe: ar’ igiturika, 55 ar’ indwara yo mu buryo bg’imibembe ifashe umwambaro cank’ inzu, 56 ar’ igishundu, ar’ ibintu bitongangiye, ar’ ikibibi, 57 kugira ngo vyigishe umuntu kw ikintu gihumanye, canke ko kidahumanye: ivyo ni vyo vyagezwe vyo ku mibembe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi