Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abaheburayo 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko rero turēngāne ivya mbere vya Kristo, twīgire imbere, dushike ku vyo gutunganywa rwose, twoye gusubira gushirah’ itanguriro ryo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, no kwizera Imana,

2 no kwigisha ivyo kubatizwa n’ivyo kurambikwakw ibiganza, n’ivyo kuzuka kw’abapfuye, n’ivyo gucirwakw iteka kw’ibihe bidashira.

3 Imana ni yabikunda turagenza durtyo.

4 Kukw abamaze kwākirwa n’umuco, bagatamira ingabire iva mw ijuru, bagasangira Mpwemu Yera,

5 bagatamira ijambo ryiza ry’Imana, n’ububasha bgo mu gihe kizoza,

6 maze bakagwa bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha ngo bihane: kuko bongera kwibambira Umwana w’Imana, bakamutēterereza ahibonekeza.

7 Indimiro zinyoye imvura yaziguyeko kenshi, iyo zimezemw’ ibirimwa bikwiye abazirimiwe, zironka umugisha w’Imana.

8 Arikw iyo zimezemw’ imikere n’ibitovu, ziba zisivye, ziba zishigaje gatoya zikavumwa, iherezo ryazo n’uguturirwa.

9 Ariko, abo nkunda, naho tuvuze durtyo, turazi ivyanyu tudakekeranya yuko birusha ivyo kuba vyiza, kandi bizanana n’agakiza.

10 Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.

11 Kandi turagomba cane yuk’ umuntu wese wo muri mwebge yerekana uwo mwete nyene w’ivyizigiro vyuzuye gushitsa kw iherezo:

12 kugira ngo ntimube ibinebge, ariko mwīgāne abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe.


Amasezerano y’Imana atera ivyizigiro

13 Hamwe Imana yasezeranira Aburahamu isezerano, kukw ata we yogira indahiro ayiruta, yarīrahiye,

14 it’ Eka no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kukugwiza nzokugwiza.

15 Ni ko vyamubereye: amaze kwihangana ahabga ivyasezeranywe.

16 Kukw abantu bagira indahiro ūbaruta, no mu mpāri zabo zose indahiro irengeje ikaba ari yo iziheraheza.

17 Ni co catumye Imana, kukw igomba kurushiriza kwereka abaragwa b’ivyasezeranywe ingen’ imigabo yayo idahinduka, ishira hagati indahiro kuba umuhūza;

18 kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu.

19 Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihūzu gikīngiriye ahēra cane,

20 aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere, amaze guhinduka umuherezi mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan