Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abaheburayo 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umuherezi wese mukuru, kuko yarobanuwe mu bantu, ashirirwaho gukorera Imana kubg’ abantu, kugira ngw ashikane amashikanwa, atange ibimazi, vyompi vy’ivyaha;

2 kand’ ashobora kwihanganira inyoberwa n’abazimiye, kuko na we nyene har’ ah’ agira intege nke.

3 Ni co gituma akwiye no kwitangira ibimazi vy’ivyiwe vyaha, nk’ukw abitangira abandi bantu.

4 Nta muntu yiha ico cubahiro, shit’ ahamagawe n’Imana, nk’uko Aroni yahamagawe.

5 Ni ko biri, na Kristo si we yihaye ico cubahiro co kuba umuherezi mukuru, ariko yagihawe n’iyamubariye, it’ Ur’ Ubura bganje, Uyu musi ndakuvyaye.

6 Nk’uko yavuze ahandi, it’ Ur’ umuherezi ibihe bidashira, Mu buryo bga Melekisedeki.

7 Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,

8 naho yar’ Umwana, yigishwa kwumvira Imana n’ivyo yababajwe,

9 kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:

10 Imana imaze kumwita umuherezi mukuru mu buryo bga Melekisedeki.


Ukw Abakristo bakwiye gukura mu vy’Imana

11 Tumufiseko vyinshi vyo kuvuga, kandi bigoye isobanura, kuko mwabaye ibitumva.

12 Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiye kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana: kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n’amata, s’ukugaburirwa ivyo kurya bigumye.

13 Nuk’ ūtunzwe n’amata aba ataramenya ijambo ry’ukugororoka, kukw aba ar’ uruhinja.

14 Ariko, ivyo kurya bigumye n’ivy’ abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan