Abaheburayo 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uko Kristo aruta Mose 1 Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura, 2 ayobokera iyamutoranije, nk’uko Mose yayoboka mu rugo rwayo hose. 3 Kuk’ uyo yiyumviriwe kw akwiye guhabga icubahiro kiruta ica Mose, nk’ukw ishimwe ry’uwubatse urugo riruta iry’ urugo. 4 Kuk’ urugo rwose rugira ūrwubaka, arikw Imana ni yo yubatse ibintu vyose. 5 Kandi Mose yayoboka mu rugo rwayo hose nk’umushumba, kugira ngw abe icabona co gushingira intahe ibizovugwa hanyuma. 6 Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo. 7 Nuko, nk’uko Mpwemu Yera avuga, at’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo, 8 Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa, Kuri wa musi wo kugerageza mu bugaragwa, 9 Aho ba sogokuruza banyu bangeragereje bancaca, Bakabona ibikorwa vyanje imyaka mirongwine. 10 Ni co catumye ngirira umwikomo ab’ ico gihe, Nkavuga, nti Bama bazimira mu mitima yabo, Kandi ntibamenya inzira zanje; 11 Nk’uko narahiranye uburake bganje, Nti Ntibazoshika mu buruhukiro bganje. Uko dukwiye kubangiriza ivyizigiro gushitsa kw iherezo 12 Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima. 13 Ariko muhanūrane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihagire uwo muri mwebge akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha. 14 Kuko twacitse abasangiye Kristo, namba tubangirije rwose ivyizigiro vyacu twatanguranye gushitsa kw iherezo: 15 bikivugwa, ng’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo, Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa. 16 Ni ba nde bamaze kwumva bakayiratsa? Mbega s’abāvuye muri Egiputa bose, barōngōwe na Mose? 17 Kandi ni ba nde yagiriye umwikomo imyaka mirongwine? S’abācumuye, imivyimba yabo igahindikirana mu bugaragwa? 18 Ni ba nde yarahiye ko batazoshika mu buruhukiro bgayo? S’abatāyumviye? 19 Kandi tubona ko batāshoboye kubushikamwo, kuko batizeye. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi