Abaheburayo 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abābaye abahizi mu kwizera 1 Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ ivy’ ukuri. 2 Icatumye aba kera bashingirwa intahe n’uko bari bagufise. 3 Ukwizera ni kwo kutumenyesha yukw isi yaremwe n’ijambo ry’Imana, ni co catumye ibiboneka bitāremwe mu biseruka. 4 Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’ umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe amashikanwa yiwe yukw ari meza, kandi ni kwo kwatumye na none akivuga, naho yapfuye. 5 Ukwizera ni kwo kwatumye Henoki ajanwa mw ijuru, ngo ntabone urupfu, kandi ntiyaboneka, kukw Imana yamujanye. Kuko yashingiwe intahe atarajanwa yuko yahimbaye Imana, 6 kand’ ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera. 7 Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, akabāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe, kandi ni kwo kwamuhaye gutsindisha abari mw isi, no kuragwa ukugororoka kuzanwa n’ukwizera. 8 Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja. 9 Ukwizera ni kwo kwatumye aba inyambukīra mu gihugu yasezeraniwe, nk’ikitar’ iciwe, akabana mu mahema na Isaka na Yakobo, abāraganywe na we ivyo vyasezeranywe. 10 Kuko yar’ arorereye ca gisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco n’Imana. 11 Ukwizera ni kwo kwatumye na Sara ashobozwa gusama inda, naho yari yaraciye, kuko yiyumviriye yukw iyasezeranye ar’ iyo kwizerwa. 12 Ni co catumye umuntu umwe — kand’ uwo yar’ akāheze — yāmukwako n’isinzi nk’inyenyeri zo kw ijuru, kandi n’abangana n’umusenyi uri kw isēsero ry’ikiyaga utoharūrika. 13 Abo bose bāpfuye bacizeye, batarahabga ivyasezeranywe, ariko bārabibona biri kure bakabisāsirira, bakemera kw ar’ akavantara n’ingenzi kw isi. 14 Abavuga bartyo baba berekana yuko barondera igihugu cabo bgite. 15 Iyo baba barakumbuye ico bavuyemwo, baba barabonye uburyo bgo gusubirayo. 16 Ariko noneho barifuza igihugu kirushije ico kuba ciza, n’ico mw ijuru. Ni co gituma Imana itamāramāzwa no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara. 17 Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka kw ikimazi, hamwe yagezwa: mber’ uwari yarākīranye igishika amasezerano, yarikw aratanga kw ikimazi umwana wiwe w’ikinege, 18 uwo yari yarabariwe ivyiwe, ngo Kuri Isaka ni ho uruvyaro rwawe ruzokwītīrirwa: 19 kuko yishimiye yukw Imana ishobora no kuzura abapfuye, ni co catumye amugarurirwa nk’ūzutse. 20 Ukwizera ni kwo kwatumye Isaka ahezagira Yakobo na Esau abahesha imigisha y’ibizoba. 21 Ukwizera ni kwo kwatumye Yakobo, aho yagira acīkāne, ahezagira abana ba Yosefu bompi, agasenga yishimikije ipfundo ry’inkoni yiwe. 22 Ukwizera ni kwo kwatumye Yosefu, aho yagira apfe, avuga ivyo kuvayo kw’ Abisirayeli, akagera ivy’ amagufa yiwe. 23 Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze kuvuka, anyegezwa n’abavyeyi biwe amezi atatu, kuko babonye kw ar’ akana keza, ntibatinya ibgirizwa ry’umwami. 24 Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze gukura, yanka kwitwa umwana w’umukobga wa Farawo, 25 agahitamwo kugiriranwa nabi n’abantu b’Imana, abirutisha kumara igihe mu bihimbaro vy’ivyaha; 26 kuko yiyumviriye yuko gucokoranwa na Kristo ar’ ubutunzi burengeye itunga ryo muri Egiputa, kuko yatumbera ingero azogererwa. 27 Ukwizera ni kwo kwatumye ava muri Egiputa, ntiyatinya uburake bg’umwami, kuko yashikamye nk’ah’ abona Ītaboneka. 28 Ukwizera ni kwo kwatumye ashinga Pasika, no kumijagira amaraso, kugira ng’ ūhonnya imfura ntabakoreko. 29 Ukwizera ni kwo kwatumye baca mu Kiyaga Gitukura, nk’abaca ku musozi, arikw Abanyegiputa babigejeje, bararengerwa. 30 Ukwizera ni kwo kwatumye inzitiro z’amabuye z’i Yeriko zisenyuka, bamaze kuzikikuza imisi ndwi. 31 Ukwizera ni kwo kwatumye Rahabu, maraya, ataranduranwa n’abatumviye Imana, kuko yākīranye amahoro abaje gutata. 32 Mvuge ikindi ki? Kukw igihe condengana ndondoye ivya Gideyoni n’ivya Baraki n’ivya Samusoni n’ivya Yefuta n’ivya Dawidi n’ivya Samweli n’ivy’ abāvugishwa n’Imana, 33 bāheshejwe n’ukwizera gutsinda abami, no gukora ibigororotse, no kuronka ivyasezeranywe, no kuziba iminwa y’intambge, 34 no kuzimya ubukare bg’umuriro, no gukira ubugi bg’inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z’abanyamahanga. 35 Abagore bāgaruriwe abo bābuze bazutse, abandi bicishwa amahiri ntibemera gucungurwa, kugira ngo baze bahabge ukuzuka kurushiriza kuba kwiza. 36 Abandi bāgeragereshwa gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bāshirwa mu ngoyi no mu mabohero: 37 bicishijwe amabuye, bākerewemwo kubiri, bārageragejwe, bicishijwe inkota, bāyerera bambaye insāto z’intama n’iz’ impene, bāri baburaniwe, bababazwa, bagirirwa nabi, 38 (isi ntiyar’ ibabereye ko bayibamwo), bāyerera mu bugaragwa no mu bisozi no mu masenga no mu vyobo. 39 Abo bose bamaze gushingirwa intahe kubg’ ukwizera kwabo, ntibahabga ivyasezeranywe, 40 kukw Imana yatuboneye kera ikirushiriza kuba ciza, kugira ngw abo ntibatunganywe rwose tutari kumwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi