Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abacamanza 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abimeleki yīmye, yica bene se

1 Maze Abimeleki mwene Yerubayali aja i Shekemu kwa ba inarume, avugana na bo n’abo mu nzu ya sekuru avyara nyina, arababarira,

2 at’ Enda ni mumbarize ab’i Shekemu bose, mut’ Icobamerera neza n’iki? N’uko mwotwarwa na bene Yerubayali bose ukw ari mirongwirindwi, canke n’uko mwotwarwa n’umwe? Kandi muribuka yuko nd’ akavata kanyu n’akara kanyu.

3 Ba inarume baragenda bīgānira ayo majambo yose ab’i Shekemu bose; na bo imitima yabo baca bayishira kuri Abimeleki, bati Na kare yari mwishwa wacu.

4 Bamuha intete z’ifeza mirongwirindwi bakūye mu ngoro ya Bayali‐beriti; Abimeleki azihēra abantu b’imburakimazi kandi b’inshirukanya, bāgendana na we.

5 Aja i wabo i Ofura, yica bene se, ari bo bene Yerubayali, abakererera kw ibuye rimwe; ariko Yotamu umuhererezi wa Yerubayali, ararokoka, kuko yaciye yinyegeza.

6 Maz’ abantu bose b’i Shekemu bakoranira hamwe n’ab’ inzu ya Milo bose, baja kwimikira Abimeleki musi y’igiti c’umweloni cari mu gitabo i Shekemu.


Yotamu acira umugani ab’i Shekemu

7 Maze Yotamu avyumvise, aragenda ahagarara ku mpinga y’ umusozi Gerizimu, asemerera n’ ijwi rirenga, aravuga, ati Yemwe bantu b’i Shekemu, ni munyumvirize, kugira ngw Imana namwe ibumvirize.

8 Kera ibiti vyari bigiye kwiyimikamw’ umwami wo kubiganza. Bibarira igiti c’umwelayo, biti Ba ari wewe utuganza.

9 Umwelayo uravyishura, uti Mbeg’ aho noheba amavuta yanje, kand’ ari yo atuma nubahwa n’Imana n’abantu, ngo nje kwirirwa ndahungabana hejuru y’ibiti?

10 Maz’ ibiti bibarira umusukoni, biti N’uze weho utuganze.

11 Umusukoni uravyishura, uti Mbeg’ aho noheba uburyohe bganje n’insukoni zanje nziza, ngo nje kwirirwa ndahungabana hejuru y’ibiti?

12 Maz’ ibiti bibarira umuzabibu, biti N’uze weho utuganze.

13 Umuzabibu uravyishura, uti Mbeg’ aho noheba vino yanje inezereza Imana n’abantu, ngo nje kwirirwa ndahungabana hejuru y’ibiti?

14 Maz’ ibiti vyose bibarira umubambangwe, biti N’uze weho utuganze.

15 Umubambangwe wishura ivyo biti, ut’ Asangwa mugomba kunyimika vy’ukuri ngo mbe umwami wanyu, ni muze mwikinge mu gitutu canje; na ho bitabaye ivy’ ukuri, umuriro uzokwaduka mu mubambangwe, uyigize amasederi y’i Lebanoni.

16 Yotamu yungamwo, ati Mbeg’ aho mwakoze ivy’ ukuri n’ibibereye, kwimika Abimeleki? Aho mwagiriye neza Yerubayali n’ab’ inzu yiwe, mwamwishuye ivyo yar’ akwiye?

17 Data ko yabarwanira ahevye amagara yiwe, akabakiza akabakūra mu maboko y’Abamidiyani;

18 none mwebge ko mwakūriye hasi inzu yiwe, mukica abana biwe mirongwirindwi, mukabakererera kuri rya buye, mukaba mwimitse Abimeleki umwana w’umuja wiwe, kukw ari mwene wanyu, kugira ngw abe umwami w’ab’i Shekemu!

19 None rero, asangwa mwakoreye Yerubayali n’inzu yiwe ivy’ ukuri n’ibibereye, enda ni munezererwe Abimeleki, na we abanezererwe!

20 Na ho bitabaye birtyo, umuriro n’uve kuri Abimeleki, uyigize abantu b’i Shekemu n’ab’ inzu ya Milo; kand’ umuriro n’uve mu b’i Shekemu no mu b’inzu ya Milo, uyigize Abimeleki.

21 Maze Yotamu aca yiruka arahunga, aja i Beri, abayo, kuko yatinya Abimeleki mwene se.


Umugani wa Yotamu ushika kuri Abimeleki

22 Nuko Abimeleki amara imyaka itatu, ari we aganza Abisirayeli.

23 Maz’ Imana irungika impwemu mbi yo guteranya Abimeleki n’ abantu b’i Shekemu; nukw ab’i Shekemu baryaruka Abimeleki;

24 kugira ngw asubirizwe mu nkōko agatikizo yatikije bene Yerubayali mirongwirindwi, kandi ngw amaraso yabo akore Abimeleki nyene kubica, akore n’abantu b’i Shekemu bāfatanije na we aho yica bene se.

25 Maz’ ab’i Shekemu bashirah’ abantu bo kumuryamira ku mpinga z’imisozi, kandi bahāmburira abahita benshi bāca mur’ iyo nzira. Abimeleki arabibūrirwa.

26 Maze Gayali mwene Ebedi yimukana n’abo bavukana, baja i Shekemu; abantu b’i Shekemu baca baramwizigira.

27 Bukeye baja mu ndimiro, bimbura inzabibu zabo, barazigana, bagira umusi mukuru, binjira mu ngoro y’ikigirwamana cabo, bararya baranywa, bavuma Abimeleki.

28 Gayali mwene Ebedi aravuga, ati Abimeleki n’iki, kand’ ab’i Shekemu duhūriye hehe na we, vyotuma tumusaba? Mbeg’ uyo mwene Yerubayali, bo na Zebuli amutwarira, kera ntibāri bashumbiye Abanyahamori, ari we Sēshekemu nyene? None n’iki cotuma tumusaba?

29 Icompa nkaba ari jewe mbaganza! Nokūraho Abimeleki! Nobarira Abimeleki, nti Gwiza ingabo zawe, uheze uze, uransanga!

30 Zebuli umutware w’ico gisagara, yumvise amagambo ya Gayali mwene Ebedi, uburake bgiwe buraziriringa.

31 Atuma intumwa kwa Abimeleki mu mpisho, muti Gayali mwene Ebedi bo n’ ab’i wabo baje i Shekemu, kandi bariko barakugomeshereza igisagara.

32 Muti None rero, enda n’uhenge mw ijoro, mwe n’abantu muri kumwe, muze muryame mu mirima;

33 muheze muhenge kare mu gatondo izuba rirashe, muvyuke mutere igisagara. Muti Maze Gayali n’abo bari kumwe ni baza kukurwanya, uzoshobora kubagirira uk’ ugomba.

34 Nuko Abimeleki ahenga mw ijoro, ahagurukana n’abantu bose bari kumwe na we, baja kuryamira i Shekemu, bīcīyemw’ imice ine.

35 Maze Gayali mwene Ebedi arasohoka, aragenda ahagarara kw irembo ry’igisagara; maze Abimeleki n’abo bari kumwe, bavyuka aho babunze mu gico.

36 Nuko Gayali ababonye, abarira Zebuli, at’ Ehe bariya bantu bamanuka ku mpinga y’umusozi! Zebuli aramwishura, at’ Ereg’ ubonye ibitutu vy’imisozi, uvyita abantu!

37 Maze Gayali yongera kuvuga, at’ Ehe rāba, ngabariya n’abandi, bamanutse ku gahanamo, kandi n’ uwundi muce uzananye inzira yo ku giti c’umweloni w’abapfumu!

38 Maze Zebuli aca aramubgira, ati Kwa kwihaya kwawe kuri hehe, aho wavuga, uti Abimeleki n’iki tukamusaba? Bariya si ba bantu wakēngēra? None seruka urwane na bo!

39 Nuko Gayali arōngōra ingabo z’i Shekemu, aja kurwana na Abimeleki.

40 Abimeleki aramukinagiza, na we aratemēsha; benshi bagenda bahindikirana bakomeretse, kugeza no kw ishikiro ry’irembo ry’igisagara.

41 Nuko Abimeleki arāra i Aruma, maze Zebuli yirukana Gayali n’ ab’i wabo kugira ngo ntibasubire kuba i Shekemu.

42 Bukeye bgaho abantu baragenda baja mu mirima; Abimeleki barabimubarira.

43 Aca ajana ingabo ziwe, azicamw’ imice itatu, baryama mu mirima; maz’ abonye abantu ko bavuye mu gisagara, baca babakūrira hasi, barabarwanya.

44 Maze Abimeleki n’umuce wari kumwe na we birukira kw ishikiro ry’irembo, bahagararaho; iyindi mice ibiri yirukira abagiye mu mirima bose, barabarwanya.

45 Abimeleki yiriza uwo musi wose arwanya ico gisagara, aragitsinda, ageseza abari muri co, aragisangangura, akimēmēramw’ umunyu.

46 Maz’ abantu bose bo ku munara w’i Shekemu bumvise ivyo, baja kwinyegeza mu cumba co mu kuzimu musi y’ingoro y’ikigirwamana Beriti.

47 Abimeleki abarirwa yukw abantu bose bo ku munara w’i Shekemu bakoraniye hamwe.

48 Nuko Abimeleki adūga umusozi Salumoni bo n’abantu bose bari kumwe; ahitana incabiti, yicira inkwi, araziterura, azita ku rutugu; abgira abari kumwe na we, ati Nyaruka mugire uko ngize.

49 Nukw abantu bose bicira inkwi, bakurikira Abimeleki, bazirunda kuri ca cumba, bakibaturirako. Nukw abantu bose bo mu munara w’i Shekemu na bo barapfa, bose na bose abagabo n’abagore bari nk’igihumbi.

50 Maze Abimeleki aja i Tebesi, asagaza inyuma yaho, arahatera, arahatsinda.

51 Ariko mur’ ico gisagara hār’ umunara ukomeye; ni ho abantu bose bo mur’ ico gisagara birukiye, abagabo n’abagore, bariyugarana, būrira mur’ uwo munara, baja hejuru kuri wo.

52 Abimeleki araza azibiriza uwo munara, yēgēra urugi rwawo ngw aruturire.

53 Maz’ umugore umwe mur’ abo atera Abimeleki ingasire mu ruhanga, ararusāvya.

54 Aca ahamagara umuhungu w’umusore amutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota yawe, umpohoshe, boye kuzovuga, ngo Yishwe n’umugore. Nuk’ uwo muhungu aramusogota, arapfa.

55 Maz’ Abisirayeli babonye Abimeleki apfuye, barataha, umuntu wese aja i we.

56 Uko ni kw Imana yashubirije Abimeleki mu nkōko, ku vyo yagiriye se, aho yamwicira abana mirongwirindwi;

57 kand’ Imana yatumye ibibi vyose ab’i Shekemu bākoze bibasubira ku mutwe, wa muvumo wa Yotamu mwene Yerubayali ubashikako.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan